Burundi: Reta yadugije igiciro c'icayi mu gihe abarimyi basa n'abari badebukiwe

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Nk'uko bigaragara mw'itangazo Ubushikiranganji bw'ubudandaji bw'Uburundi bwasohoye, ikilo c'amababi mabisi y'icayi kigiye kugurwa amafaranga 1000 y'Amarundi, mu gihe cahora ku 500.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo "kwishura ku myitwarariko y'abarimyi". Bumenyesha kandi ko yafashwe mu ntumbero ya reta yo "kugenda ibadugiriza buhorobuhoro amafaranga [bakura muri ico gisata]".

Haraciye igihe kitari gito abarimyi mu Burundi bidoga ko uburimyi bw'icayi ataco bubamariye kubera amafaranga bakuramwo atakibabeshaho. Bafatira ku kuntu ibiciro vy'ivya nkenerwa kw'isoko vyagumye biduga, mu gihe igiciro c'icayi kitakurikiye uwo murindi.

Ivyo vyunyuwe n'ingorane z'ikena ry'ifumbire. Vyageze n'aho bamwe mu barimyi batangura kurandura imirima yabo y'icayi, kugira bahatere ibiterwa mbumbarugo.

Ikigo ca reta kijejwe icayi mu Burundi, OTB, kimenyesha ko mu myaka 10 iheze, umwimbu w'icayi wasubiye inyuma ku rugero rwa 30 kw'ijana. Gishimangira ko muri ico kiringo nyene amahegitari arenga 1000, mu yarimwamwo icayi, yahebwe.

Mu kuduza igiciro c'ikilo gushika ku gihumbi, reta y'Uburundi yizeye ko abarimyi bagiye kwiyumva ko bashigikiwe gurtyo bongereze umurindi wo kuvyura uburimyi bw'ico giterwa. Yizigiye kandi ko bagiye gusubiriza ibiterwa bishaje, bananagure imirima bari barahevye.

Icayi ni kimwe mu biterwa njabukamazi vyahoze vyinjiriza Uburundi amafaranga mvamakungu, hambavu y'ipampa n'agahawa. Ariko ivyo bisata vyose bimaze imyaka bigenda bisubira inyuma, aho n'abarimyi babikoreramwo bakomeza kudebukirwa.

Iduga ry'ibiciro mu Burundi, ntiriraje ishinga abarimyi gusa. N'abaharanira uburenganzira basaba inzego z'igihugu kurihagurukira. Icegeranyo ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta ryasohoye ku wa gatatu, cerekana ko mu mezi abiri aheze ibiciro vy'ibiribwa mu masoko vyaduze ku rugero rudasanzwe.

Nk'akarorero, ico cegeranyo kivuga ko ikilo c'ibiraya cagurwa 2000 mu kwezi kw'icumi, ubu kigurwa 4500. Ikilo c'ibiharage bisanzwe, ubu kigeze ku 5500 mu gihe cahora ku 3500. Umuceri urimwa mu Burundi mu kw'icumi wagurwa 5500, ariko ubu ugeze ku 6500.