Umuhora w'ubutare ushigikiwe na Amerika urashobora kuzana amahoro n'iterambere muri RDC?

    • Umwanditsi, Akisa Wandera
    • Igikorwa, BBC Afrika
    • Yakoze inkuru ari, Lobito
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 9

Mu gihe itereni zitwaye amatoni ibihumbi vy'ubutare bw'umujumbu zivuye muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) ziriko zirengana zihuta mu karere abamwo, Manuela Julia w'imyaka 20 ntiyiyumvira ivy'ubutare nkenerwa cane canke imitahe y'amamiriyaridi y'amadolari.

Ico yiyumvira gusa ni ukuntu yoshobora kwiyunguruza bitamugoye.

Iryo barabara ry'indaraye rica muri Catumbela, hafi y'igisagara ca Lobito, kiri ku nkengera y'ibahari Atlantike muri Angola.

Kuri Julia, iryo barabara ryatumye ingendo zizimbuka ziranoroha kuruta uko vyahora.

Agira ati: "Imbere yaho, nategerezwa gukoresha itagisi, kandi vyari bizimvye cane. Ubu ingendo zirazimbutse kandi ziroroshe kuruta."

Ariko rero, imigambi ijanye n'iryo barabara ry'indaraye irarenze kure cane ivy'ukworohereza abantu kwiyunguruza mu karere.

Ni igice c'umugambi w'umuhora uzwi nka "Lobito Corridor", ushigikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ugamije gutuma iki gihugu kironka ubutare nkenerwa bwo muri Afrika, no guteza imbere ugufashanya mu vy'ubutunzi hagati y'ibihugu vyo muri ako karere. Washington yizigiye ko uwo mugambi uzofasha kuzana amahoro mu buseruko bwa RDC, ahamaze igihe harangwa intambara.

Biciye ku masezerano yashitsweko ahagarariwe na Perezida wa Amerika Donald Trump, RDC n'Urwanda vyiyemeje kurushiriza gukorana mu vy'ubutunzi, harimwo no gukorera mu muco mu bijanye n'ubutare, kuva ku kungene bucukurwa gushika bushike kw'isoko, hamwe no guteza imbere inyubako n'ibindi bikorwaremezo bihuza ibihugu vyo mu karere.

Umugambi wagutse utegekanya ko ivyo bikorwa vyohuzwa n'iryo barabara ry'indaraye, ritwara ubutare buvuye muri Afrika yo hagati bwerekeza ku masoko yo mu bihugu vyo mu Burengero riciye muri Angola, aho kubujana mu Buseruko bw'isi, cane cane mu Bushinwa, nk'uko ahanini bigenda muri iki gihe.

Icizere ni uko gutunganya neza urudandazwa rw'ubutare rugakorwa mu mategeko no guhamagara abanyamitahe muri ico gisata bishobora gufasha kugabanya urudandazwa rw'ubutare rwo mu kinywabi, rusanzwe rufasha imirwi yitwaje ibirwanisho kuronka uburyo ikoresha mu ntambara, rukanatuma hatigera haboneka ituze.

Ariko none, ibarabara ry'indaraye ryubatswe kugira ngo rifashe gushikana ubutare ku masoko yo hirya no hino kw'isi, rirashobora no kuzana amahoro n'iterambere?

Umuhora wa Lobito uhuza igice co mu bumanuko bwa RDC, kirimwo ubutare bwinshi, n'inkengera y'ibahari Atlantike muri Angola, biciye kw'ibarabara ry'indaraye rya Benguela no ku kivuko ca Lobito.

Akamaro k'uwo muhora kariko karongerekana uko igitigiri c'abarondera ubutare bw'umujumbu na cobalt kiguma kiduga. Ivyo, ahanini biterwa n'uko isi iriko irahinduka irondera gukoresha inguvu zidahumanya ikirere, kuko ubwo bwoko bubiri bw'ubutare budahara mu gukora ubwoko bwinshi bw'ibikoresho ntanganguvu.

Wellington Muzengeza, umusesanguzi w'ingorane za politike zishobora kugira ingaruka ku butunzi, akorera i Johannesburg, avuga ko igihe uwo mugambi uriko urashirirwa mu ngiro gihambaye cane.

Agira ati: "Ugukwiragiza umuyagankuba n'ukuntu isi iriko yimukira ku gukoresha umuyagankuba udahumanya ikirere vyatumye umujumbu, cobalt hamwe n'uruhererekane rw'ubutare bwizewe birushiriza kuba ngirakamaro".

RDC iri mu bihugu vya mbere kw'isi bicukurwamwo cobalt n'umujumbu, co kimwe n'igihugu kibanyi ca Zambia.

Amerika ibona ko uwo muhora ushobora kuyifasha kuronka aho ikura ubutare hatandukanye, kugira ngo igabanye kuguma yitura Ubushinwa, igihugu gifise ububasha bukomeye kw'isi bwo guhingura ubutare.

Amasezerano y'ugufashanya mu vya politike n'ubutunzi hagati ya Amerika na RDC ashira imbere inzira iva mu gisagara ca Sakania muri Kongo igashika i Lobito, kugira ngo ikoreshwe mu gushora ubutare mu mahanga. N'amasezerano yerekeye imigenderanire mu vy'ubutunzi hagati ya RDC n'Urwanda ategekanya ko ibikorwa remezo n'imigambi ijanye n'urudandazwa hagati y'ibihugu vyo muri ako karere bihuzwa n'uwo muhora.

Uwo mugambi umaze gushirwamwo imitahe irenga imiriyoni 750 z'amadolari ya Amerika, harimwo amahera yatanzwe n'ikigo ca Amerika kijejwe gutanga uburyo no gushigikira imigambi mu mahanga, hamwe n'Ibanki ijejwe iterambere muri Afrika y'ubumanuko. Ayo mahera azokoreshwa mu kunagura no gutunganya neza inzira z'indaraye, ibikoresho bifasha kuyobora itereni, hamwe no gutunganya itereni ubwazo.

Iryo barabara ry'indaraye ryubatswe mu 1902, igihe Angola yari ikoronijwe na Portugal. Mu ntango, ryari ryagenewe gutwara ibidandazwa n'ubutare buvuye muri Afrika yo hagati bija ku nkengera y'ibahari Atlantike. Inyuma y'imyaka myinshi ridahita neza kubera intambara y'imbere mu gihugu yabaye muri Angola, ryarasubiwemwo kandi risubira gukora neza mu 2015.

Amerika yatanguye kugira uruhara muri uwo mugambi mu gihe Joe Biden yari akiri Perezida, ariko n'ubutegetsi bwa Donald Trump bwashitse bubandanirizako.

Ku kivuko ca Lobito cagenewe kwakira ubutare, imigambi mishasha ijanye n'uwo muhora iramaze kwibonekeza.

Igihe umurwi wa BBC wagendera ico kivuko, hari hahejeje gushika igariyamoshi yari itwaye amatoni agera ku 12.000 vy'ibikoresho bihingurwa mu butare bw'umujumbu bizwi nka "cathodes de cuivre", ivuye muri RDC.

Abakozi bapakuruye muri yo, ivyo vyuma babishira mu bubiko imbere y'uko bishirwa mu bwato bubijana kw'isoko mpuzamakungu, ahanini muri Amerika.

Uwo muzigo utunganywa n'ishirahamwe Lobito Atlantic Railway (LAR), rifise amasezerano y'imyaka 30 yo gutwara imizigo biciye kuri uwo muhora no gucungera ikivuko cagenewe kwakira ubutare.

Umuyobozi ajejwe ibikorwa vy'ishirahamwe Lobito Atlantic Railway (LAR), Nicholas Gregoir, avuga ko kuva iryo shirahamwe ritanguye gucungera ibikorwa vy'iyo nzira muri Nzero (1) 2024, igitigiri c'imizigo itwarwa n'amatereni cirwije n'incuro zibiri.

Imbere y'uko uno mwaka urangira, LAR iteganya kuba yatwaye amatoni agera ku 200.000 y'umujumbu biciye muri uwo muhora.

Ku mashirahamwe acukura ubutare, iyo nzira y'indaraye ituma ashobora gushikana umwimbu wayo kw'isoko mpuzamakungu akoresheje inzira ngufi kuruta izindi.

Umuyobozi mukuru w'ikivuko ca Lobito, Kátila Vanessa Monteiro da Silva Neto, agira ati: "Umuhora wa Lobito ni yo nzira ya hafi kuruta izindi ishobora gukoreshwa na Zambiya hamwe na RDC kugira bishike kw'ibahari Atlantike."

Zambiya, igihugu ca kabiri muri Afrika mu bicukurwamwo ubutare bw'umujumbu bwinshi, na co nyene kiriko kirategura umugambi wo guhuza akarere ka Copperbelt, karwiriyemwo ubwo butare, n'ikivuko ca Lobito mu kwubaka ibarabara ry'indaraye ry'uburebure bw'ibirometero 830.

Ariko rero, kuronka inzira nziza kandi ngufi yo gushikana umwimbu kw'isoko mpuzamakungu ntibisigura ko ubwo nyene ubutunzi bw'igihugu buca butera imbere ku rugero rukomeye.

Wellington Muzengeza agira ati: "Kwinjira mu mugambi w'umuhora w'ubudandaji si co kimwe no gutangura guteza imbere inganda mu gihugu. Ikizokwerekana ko uwo mugambi hari ico umaze si ukumenya gusa ko Zambiya ironse iyindi nzira ishobora kuyishikana ku kiyaga. Ahubwo ni ukumenya nimba iyo nzira izofasha mu guteza imbere ubutunzi kuruta uko bwari busanzwe."

Bamwe mu banya Angola bemera ko akamaro kanini k'iyo nzira y'indaraye gashobora kutagarukira gusa ku bikorwa vyo gucukura ubutare, ahubwo ko gashobora no kugaragarira mu vyo izofasha abadandaza n'abanyagihugu bo mu turere icamwo.

Umudandaza Adérito Areias agira ati: "Jewe ndawita umuhora w'iterambere."

Iyo nzira y'indaraye ica mu turere tumwe tumwe two muri Angola turangurirwamwo ibikorwa vyinshi vy'uburimyi.

Inzira nziza zo kwunguruza abantu n'ibintu zishobora gufasha abarimyi gushikana umwimbu wabo ku masoko manini no kugabanya umwimbu upfa ubusa.

Areias agira ati: "Iyo ata nzira ihari ikura umwimbu mu turere two hagati mu gihugu iwujana aho ukenewe, uca upfira aho wimburiwe."

Ariko rero, urugamba nyamukuru ni ugushira mu ngiro iyo ntumbero.

Mu mwaka wa 2025, ikivuko ca Lobito cakiriye congera kirungika imizigo ingana n'amatoni miliyoni 1.8. Muri iyo mizigo, amatoni agera ku 158.000 yari ay'ubutare. Ikibanza co kuri ico kivuko cagenewe kwakira imizigo gishobora kwakira amatoni ashika ku miliyoni 3.6 ku mwaka.

Neto avuga ati: "Ikivuko gisanzwe gifise ubushobozi bukwiye. Ico dukeneye ubu ni uko ibarabara ry'indaraye ryoba rifise ubushobozi buhagije bwo gutwara imizigo, hamwe n'ibindi bikoresho bikenerwa kugira amatereni ashobore gukora."

Ku banyagihugu baba mu turere iyo nzira icamwo, inyungu zayo zatanguye kwibonekeza ubwo nyene.

Ishirahamwe rya reta rishinzwe gutwara abantu n'ibintu kw'ibarabara ry'indaraye, Caminho de Ferro de Benguela (CFB), ritwara ingenzi, ryamenyesheje ko mu mwaka wa 2025 ryunguruje abantu imiliyoni 1.6, igitigiri kitari bwigere gishikwako.

LAR ivuga ko yahaye akazi abantu bashika hafi ku 1.000, aho 98 kw'ijana muri bo ari Abanya Angola.

Domingos Canhama, se w'abana bane akaba akora akazi ko gutwara imashini ziterura imizigo muri CFB, agira ati: "Aka kazi karamfasha kuronsa umuryango wanje ivyo ukeneye."

Yongerako ati: "Ndashobora kugaburira umuryango wanje, kubungabunga inzu tubamwo no gufasha dawe mu vyo akeneye."

Muzengeza avuga ko akaryo kanini kuruta gahagaze ku guteza imbere urudandazwa rwo muri utwo duce, hafatiwe ku bijanye n'ubuhinga bwo kwubaka no gutunganya ibikoresho, kubungabunga imashini n'ibindi bikoresho, gushingura imizigo hamwe no gutunganya umwimbu.

Ati: "Urudandazwa muri Angola rukeneye gushikira neza ibarabara ry'indaraye, aho kuba gusa hafi yaryo. Ivyo bisaba amabarabara matomato ashika kuri iyo ndaraye, umuyagankuba, ububiko bw'ibintu hamwe n'ibikorwa vy'ubwikorezi vyamaho buri gihe."

Ariko none, ubutare n'uburyo butwarwamwo biciye kw'ibarabara ry'indaraye vyoba bishobora gufasha kugarukana amahoro mu buseruko bwa RDC, aho intambara zo kurwanira ubutunzi bukomoka ku butare zimaze imyaka mirongo ziteza indyane?

Muri ibi bihe vya vuba, umuhari M23 urwanya reta ya Kongo warigaruriye uturere twinshi turwiriyemwo ubutare.

Reta ya Kongo ivuga ko igihugu kibanyi c'Urwanda ari co gifasha uwo muhari M23 kugira ngo gishobore gushikira ubutare buri ku butaka bwa RDC. N'ubwo hari ibimenyetso vyinshi vyerekana ko ivyo bishobora kuba ari vyo, Urwanda rurahakana ko rushigikira uwo muhari.

Amasezerano yashitsweko hagati y'Urwanda na RDC, yari ahagarariwe na Perezida Donald Trump, hagati ya RDC n'Urwanda, afise intumbero yo guteza imbere urudandazwa rw'ubutare rukorerwa mu muco, gushira imitahe ndengambibe muri iki gisata hamwe no kwubaka ibikorwa remezo bihuza akarere. Ivyo vyose bigamije kwirinda ko ubutare bw'ivyo bihugu bukoreshwa mu gufasha imihari yitwaje ibirwanisho.

Wellington Muzengeza, umusesanguzi ku ngorane zishobora guhungabanya ubutunzi, avuga ati: "Amerika ishaka kuronka ubutare nkenerwa mu vya gisirikare, mu vy'ubuhinga buhanitse hamwe n'umuyagankuba, mu gihe igerageza kugabanya ukwitura cane Ubushinwa bufise ijambo rikomeye."

Yongerako ati: "Ni co gituma umuhora wa Lobito urengeye kuba gusa ibarabara ry'indaraye. Ni igikorwa remezo gishobora guhindura inzira z'ubudandaji hamwe n'ububasha mu vy'ubudandaji.»

Mw'ikoraniro ryabereye i Paris muri Munyonyo(11), RDC yasavye Amerika gushira mu ngiro mu buryo bugaragara ubufatanye bw'ibihugu vyompi mu vy'iterambere, biciye mu gushora imitahe mu migambi ifatika. Yavuze ko intambwe izoba yatewe ikwiye gusuzumwa hisunzwe imigambi yamaze kurangurwa, aho gushingira gusa ku masezerano yashizweko umukono.

Umushikiranganji w'ubutunzi wa RDC, Daniel Mukoko Samba, yagize ati: "Dushaka ko aya masezerano afasha mu guhingurira ubutare imbere mu gihugu, atume imiryango n'amashirahamwe baronka umuyagankuba, hamwe no kugarukana amahoro mu buseruko bw'igihugu."

N'ubwo ubutare bwinshi bwotangura gucuruzwa biciye mu nzira zemewe n'amategeko, ibikorwa remezo vyiza vyonyene ntivyotorera umuti amatati ya politike n'ay'umutekano ari mu bituma iyo ntambara ibandanya.

Hari kandi ikibazo c'ababitungiramwo. Igice kinini c'ubutare bw'umujumbu muri RDC, biciye i Lobito, kijanwa gutunganirizwa hanze ya Afrika.

Angola irashobora kuronka amahera biciye mu kwemerera imizigo guca ku butaka bwayo, hamwe no guha abantu akazi mu bijanye no gutwara no gucungera imizigo. Ariko ibikorwa vyinshi bituma ubwo butare bwongerwa agaciro kurushiriza bikorerwa mu bindi bihugu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Angola n'ayandi makungu, Téte António, yabwiye BBC ati: "Iyo ushoye hanze y'igihugu ibidahinguye, uba kandi ushoye hanze y'igihugu akazi n'ubumenyi bijanye."

Areias na we nyene aratewe umutima uhagaze n'ico kibazo.

Ariko arerekana ko ibihugu bikwiye gushira imbere guteza imbere uguhingurira imbere mu gihugu, yagize ati: "Ntitwari dukwiye gushora hanze ya Afrika lithium, ahubwo dukwiye gushora amabateri".

Dusubiye i Catumbela, ibiganiro nk'ivyo bishobora gusa n'ibiri kure y'ubuzima bwa misi yose bw'abanyagihugu.

Kuri Julia, iyo nzira y'indarayi isanzwe imufasha kwiyunguruza ku mahera make kandi bitamugoye.

Ariko, kugira ngo uwo mugambi werekane ko washitse ku ntumbero, bizovana n'uko uzoshobora gukora ibirenze kwihutisha gusa ugutwara ubutare ku masoko mpuzamakungu.

Ikibazo gihambaye kuruta ibindi ni ukumenya nimba uwo muhora ushobora no gufasha mu kugarukana amahoro arama mu buseruko bwa RDC, aho ubwo butare bucukurwa.