Korea ya Ruguru yirukanye uwuserukira Ubusuwisi i Pyongyang kubera ibihano
Korea ya Ruguru yategetse uwuserukira Ubusuwisi i Pyongyang kuva mu gihugu mu masaha 48 kandi isaba ko ibiro vy’ubuserukizi bwabwo bifungwa, inyuma y’aho Ubusuwisi bufatiye ibihano ikambi mpuzamakungu y’abana ya Songdowon iri i Wonsan. Iyo kambi yakira abana bo mu bihugu bitandukanye, harimwo Uburusiya n’Ubushinwa. ikaba yagirizwa kugira uruhara mu kwimura abana bava mu turere twa Ukraine twigaruriwe n’Uburusiya.
Itororokanirizo ry’amakuru ryegamiye reta ya Korea ya Ruguru KCNA ryiyamirije ibi bihano rivuga ko ari “igikorwa c’ubugizi bwa nabi”, rica rivuga ko ubushikiranganji bw’ico gihugu bujejwe imigenderanire bwamenyesheje uwuserukira Ubusuwisi muri ico gihugu yamenyeshejwe ko atagikenewe muri ico gihugu, maze bumusaba kuva muri ico gihugu mu gihe kitarenze amasaha 48.
Iyo ngingo ifashwe haciye indwi nke gusa umushikiranganji w’Ubusuwisi ajewe imigenderanire n’ayandi makungu, Ignazio Cassis, agendeye Pyongyang, agiye gusubira kwugurura ibiro vy’Ubusuwisi vyari bimaze imyaka itandatu vyarugaye inyuma y’ikiza ca Covid-19. Muri urwo rugendo, impande zompi zari zanaganiriye ku kuntu zokomeza imigenderanire hagati y’ibihugu vyazo.
Ubusuwisi buvuga ko buzobandanya imigenderanire na Korea ya Ruguru biciye ku biro vy’ubuserukizi bwa Korea ya Ruguru i Bern hamwe n’ibiro vy’ubuserukizi bw’Ubusuwisi i Beijing mu gihugu c’Ubushinwa. Bushimangira ko ibiganiro bidahindura ingingo yabwo yo gushira mu ngiro ibihano vya ONU n’ivy’Ubumwe bwa Buraya kuri Korea ya Ruguru.
Aya matati yerekana ukwiyongera kw’icuka kibi gifitaniye isano n’intambara y’Uburusiya muri Ukraine. Korea ya Ruguru yaratsimbataje ubucuti bwayo n’Uburusiya, mu kurungika ibihumbi vy’ingabo kubufasha muri iyo ntambara, mu gihe Ukraine na yo ibwagiriza gukoresha misire ziva muri Korea ya Ruguru mu rugamba rwayo.