Kinshasa yasavye insiguro Uganda, inyuma y'ivyatangajwe na Gen Muhoozi ku ntambara yo muri RDC

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Reta ya Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) yasavye Uganda gusigura ubutumwa umukuru w'igisirikare c'ico gihugu Gen Muhoozi Kainerugaba aherutse gucisha kuri konte yiwe y'urubuga rwa X, ku ntambara irangwa mu buseruko bwa RDC.

Muri ubwo butumwa yatangaje ku wa mbere, Kainerugaba yagize ati: "Ntidushigikiye abacangero b'abazungu muri DRC. Ntitwigeze tubashigikira. Turashigikiye ko FRN ifata Walikale. UPDF [igisirikare ca Uganda] ntizoyibuza".

FRN ni ihuriro rishasha rya politike na gisirikare rikorera mu buseruko bwa RDC, riherutse kwiyemeza kurwanya ubutegetsi bwa Kinshasa. Rirongowe na Joseph Kabila yahoze arongoye ico gihugu.

Ubutumwa buriko butera impari, Gen Muhoozi yabushize kuri X inyuma y'amakuru yavuga ko hari indege y'intambara y'igisirikare ca RDC yoba yari yakorowe n'abarwanyi, mu bari bayirimwo bikavugwa ko harimwo abacangero b'abazungu.

Reta ya RDC ivuga ko ubwo butumwa buteye impungenge "zikomeye cane" kandi ko bwerekana "ukutubahana kwategerezwa kuba hagati y'ibihugu vyigenga".

Mw'itangazo ubushikiranganji mw'imigenderanire bw'ico gihugu bwashize ahabona ku wa gatatu, bumenyesha ko bwahamagaje ambasaderi wa Uganda i Kinshasa kugira arenguke muri ubwo bushikiranganji.

Mu nama bwagiranye na we, nk'uko iryo tangazo ribandanya ribivuga, bwariyamirije bwivuye inyuma ayo majambo bwongera busaba "insiguro zitomoye" abategetsi ba Uganda.

Mu butumwa bwiwe, Muhoozi yarashimangiye ko ari ngombwa ko Walikale ifatwa. Yagize ati: "Hamwe FRN yoteba, tuzokwifatira Walikale twebwe ubwacu".

Yabandanije ati: "Nta nyungu mfise mu vy'amabuye y'agaciro canke mu kindi kintu ico ari co cose kiri i Walikale. Ico nshaka gusa ni ukurwanya ADF no gukingira umutekano w'abantu banje… Abahema."

Nk'uko bigaragara mw'itangazo ry'ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa RDC, Kinshasa ivuga ko irindiriye ko Uganda "isigura icese aho ihagaze" kuri ayo majamabo, ikongera kandi "igafata ingingo zo gukinga ko ibintu nk'ivyo bisubira".

RDC ivuga ko yiyemeje kubungabunga amahoro n'umutekano mu karere, ariko kandi ko itegerezwa kurwanya ico cose coza gihungabanya canke kivogera icubahiro n'ubwigenge bwayo.

Si ubwa mbere Gen Muhoozi atangaje ubutumwa bugateza impari hagati y'ibi bihugu vyompi.

Muri Kigarama (12) mu mwaka wa 2024, RDC na ho nyene yari yahamagaje uwari ahagarariye vy'agateganyo ambasaderi wa Uganda muri ico gihugu imusaba ibisobanuro ku majambo yari yatangajwe na Gen Muhoozi.