Israel: Netanyahu asaba ko hoshingwa reta y'ubumwe aho uwo bahanganye Eisenkot yobanza kuba umushikiranganji wa mbere

    • Umwanditsi, Jack Burgess
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Benjamin Netanyahu yavuze ko yokwemera ko Gadi Eisenkot, arongoye abatavuga rumwe na reta, yobanza kuba umushikiranganji wa mbere, muri reta y'ubumwe aho abo bategetsi boja barakuranwa muri ico kibanza.

Mu butumwa yashize ku mbuga ngurukanabumenyi ku wa gatandatu, Netanyahu yavuze ati: "Ibanga mfise nk'umurongozi rirantegeka gushira ku ruhande ibindi vyose, harimwo n'ingingo ivuga ko umukuru wa reta akwiye kuva mu mugambwe ufise amajwi menshi kurusha iyindi."

Yongeyeko ko mu ntango azoba ari icegera c'umushikiranganji wa mbere.

Eisenkot, aherutse guhabwa n'umukuru w'igihugu ca Israel, Isaac Herzog, ikiringo c'imisi 28 kugira ashinge reta, yaciye yihutira gutumira Netanyahu, asanzwe aramutswa reta mu gihe c'imfatakibanza kugira ngo batangure "ibiganiro vy'ukuri kandi vyihuta".

Ivyo bibaye inyuma y'uko Eisenkot ku wa gatanu yagirije umugambwe Likud wa Netanyahu, wo mu ruhande rw'i buryo, ko uriko uradindiza ibiganiro vyo gushinga reta y'ubumwe, mu gihe hasigaye igihe gito ngo igenekerezo ntarengwa - uwa 6 Kigarama (12) - kugira habe hashinzwe iyo reta rishike.

Umugambwe Yashar wa Eisenkot, ufise ivyiyumviro vyo hagati mu vya politike (centrist), hamwe n'iyindi migambwe itatu y'Abayahudi itavuga rumwe na reta, baronse ibibanza 48 mu matora yabaye mu kwezi kwa Gitugutu (10). Urunani rushigikiye Netanyahu rwaronse ibibanza 53. Ariko rero, impande zompi ntizashoboye kuronka igitigiri c'ibibanza kirenga igice c'ibigize inama nshingamateka y'ico gihugu.

Herzog yavuze ko mu ndwi yakurikiye amatora yagishije inama imigambwe yose, imbere y'uko aha Eisenkot, yahoze ari umukuru w'igisirikare, uburenganzira bwo kubanza kugerageza gushinga reta.

Inani zibiri z'imigambwe y'Abarabu, ari zo United Arab List na Joint List, zaronse ibibanza 19, urugero rutari bwigere rushikwako mu mateka y'iyo migambwe, inyuma y'uko igitigiri c'Abarabu bitavye amatora congerekanye cane.

Ivyo vyatumye iyo migambwe igira uruhara rukomeye mu kugena uwoshobora gushinga reta. Ariko rero, imbere y'amatora, imigambwe yose y'Abayahudi uretse umwe yari yiyemeje kutifatanya na yo mu gushinga reta.

Mu kiganiro yagiranye n'imboneshakure Channel 12 yo muri Israel ku wa gatandatu, Mansour Abbas, arongoye umugambwe Raam w'aba Islam bashigikiye ivyiyumviro bidakaze, yavuze ko we n'umugambwe wiwe bemera ko Hamas ari "umuhari w'iterabwoba".

Yaremeje ko yatoye ashigikira integuro y'itegeko umugambwe Raam wafashije gutegura, ikaba yarimwo n'ingingo ivuga ko Hamas ari umuhari w'iterabwoba. Iyo ngingo yoshobora gutuma umugambwe wiwe uronka uburenganzira bwo kwinjira mu runani rugamije gukura Netanyahu ku butegetsi.

Eisenkot amaze gutera intambwe zimwe zimwe mu kurondera amajwi akenewe kugira agire ubwiganze mu Nama nshingamateka. Yaramaze kwumvikana n'umugambwe Yisrael Beiteinu hamwe n'umugambwe The Democrats kugira ngo bashinge reta y'ubumwe.

Umugambwe ugira kane muri urwo runani, witwa Beyachad, urongowe na Naftali Bennett, yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Israel. Ku wa kane, Bennett yavuze ko ashigikiye reta y'ubumwe yoba irimwo n'umugambwe Likud aho Eisenkot yoba ari we abanza kuba umushikiranganji wa mbere.

Inyuma y'amajambo ya Netanyahu yo ku wa Mungu, Bennett yavuze ko Netanyahu yafashe ingingo nziza mu kwerekana ko "yiteguriye kwifatanya na reta y'ubumwe iyobowe na Eisenkot, reta ishingiye ku runani rw'abakorera igihugu".

Netanyahu yavuze ko atanze iciyumviro c'uko reta y'ubumwe yoshingwa kubera "uburemere bw'akaga gashobora gutuma igihugu kizimangana, hamwe n'uko hashobora gushingwa reta idafise ubushobozi bwo guhangana n'ako kaga".

Mu kumwishura, Eisenkot yagize ati: "Nimba vyukuri umugambwe Likud witeguriye reta y'ubumwe, niteguriye nanje gusuzuma mu masaha 24 ari imbere ivyipfuzo vyawo nyakuri, hamwe n'ugushimika kurimwo ukwo kungana".

Umukuru w'umugambwe Yashar yavuze ko ibiganiro bizoba bishingiye ku "vyiyumviro biramvuye" vyarungikiwe Netanyahu ku wa Mungu uheze. Eisenkot yongeyeko ati: "Gushika n'uyu mwanya, nta nyishu turaronka".

Ku wa gatanu, Eisenkot yagirije umugambwe Likud ko uriko uradindiza ibiganiro, avuga ko mu kiringo c'indwi zibiri zari ziheze, uwo mugambwe utigeze utanga ivyiyumviro na bimwe bifadika vy'ukuntu bokorana mu gushinga reta.

Yaciye abaza nimba umugambwe Likud ufise intumbero nyakuri yo kugira uruhara muri ivyo biganiro. Ivyo yabivuze amasaha makeyi imbere y'uko Netanyahu atanga iciyumviro ciwe ku wa gatandatu.

Nta mugambwe n'umwe muri Israel urigera utsinda amatora ku buryo uronka ubwiganze buhagije mu Nama nshingamateka. Ivyo bisigura ko reta zose zagiye zirashingwa muri ico gihugu zari zubakiye ku nani z'imigambwe itandukanye.

Mu kiringo co kuva mu 2019 gushika mu 2022, kimwe mu bihe vyaranzwe n'ukutumvikana gukomeye mu vya politike muri Israel, habaye amatora atanu atandukanye, mu gihe Netanyahu n'abo bahiganwa baguma bananirwa kwumvikana kugira bakorane.