Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Ekleziya yatse Patiri Abeli Nduwimana amabanga yose, inyuma y'uko yinjiye muri politike
Ekleziya Katolika mu Burundi yatangaje ko yakuye Patiri Abeli Nduwimana mu mabanga yose ajanye n'ubupatiri, inyuma y'uko afashe ingingo yo kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.
Ni ubwa mbere mu mateka y'Uburundi habonetse umupatiri, yari akiri mu mabanga, yinjira icese muri politike.
Itangazo ryasohowe n'Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ari na yo Abeli Nduwimana yatwarwamwo, rivuga ko uwo mupatiri yari "yabanje gusaba ko yobibangikanya". Ariko Ekleziya yarabimwankiye kubera biteye kubiri n'amategeko yayo, nk'uko iryo tangazo ryashizweko umukono na Gerevazi Banshimiyubusa ribandanya ribivuga.
Ashimangira ko uwo mupatiri atagifise uruhusha rwo gutanga amasakaramentu canke kwigisha mw'izina rya Ekleziya.
Hambavu y'ivyo, Banshimiyubusa amenyesha ko dosiye ya Abeli yashikirijwe Papa Leo XIV, kuko ari we wenyene afise ububasha bwo kumukurako burundu ubusaseredoti.
Umugambi wo kwitoza mu mabanga yo kurongora Uburundi wa Patiri Abeli Nduwimana, watanguye kumenyekana ku wa 13 Munyonyo (11), igihe yahabwa umubonano na Perezida Evariste Ndayishimiye.
Ico gihe bavanye, Ndayishimiye yanditse kuri konte yiwe ya X ati: "Nahimbawe no kuganira n'umusaserdoti Patiri Abel Nduwimana yafashe ingingo yo kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu matora twimirije ...".
Muri ubwo butumwa, umukuru w'igihugu yashimangiye ko ico ari " ikimenyetso ciza ca demokarasi mu Burundi".
Ku wa gatanu ni ho umurwi ujejwe gutegura amatora CENI watangaza abakandida bemerewe kwitoza. Abel Nduwimana ari mu bemerewe. Ariko Agathon Rwasa abonwa na bamwe nka "kizigenza" w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi, yarankiwe kwitoza. Amenyesha ko agiye kwitura sentare.