Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Agathon Rwasa agiye kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro inyuma yo kwankirwa kwitoza
Nyuma yo kuba mu bantu batatu dosiye zabo zitemewe mu bazokwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu, Agathon Rwasa avuga ko agiye kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro.
Pamphile Malayika, uwari yaserukiye Rwasa mu birori vy'umugwi ujejwe amatora CENI vyo gutangaza ivyavuye mu mwihwezo w'amadosiye y'abantu 10, yagize ati:
"Mw'ibwirizwa shingiro ryo muri 2018 ingingo ya 99 agace ka gatatu kagira gati 'Uwuri mu barongoye umugambwe ashobora kwitoza ku giti ciwe ari uko harangiye imyaka ibiri akuwe muri ayo mabanga canke atanze imihoho mu mugambwe yari arimwo".
Ku bwiwe kuba Rwasa yarakuwe ku burongonzi bw'umugabwe ivyo vyonyene birakwiye ko yemererwa kwitoza nk'uwigenga. CENI yo yasiguye ko uwushaka kwitoza nk'uwigenga ategerezwa gutanga urupapuro rwerekana ko amaze imyaka ibiri ata mugambwe n'umwe arimwo.
Rwasa ntarakurwa mu mugambwe CNL kandi ntaratangaza ko yawukuwemwo. Gusa yakuwe ku burongozi bwawo mu 2024.
Pamphile Malayika amenyesha ko bagiye kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro kuko "amategeko arekurako ko uwutashimishijwe n'ingingo ya CENI ashobora kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro".
Naho aticizere kinini afise, Malayika avuga ko "kumbure iyo sentare ishobora kumutunganiriza".
Abandi babiri amadosiye yabo atemewe – Valentin Kavakure yatanzwe n'umugambwe FPN Imboneza n'uwigenga Aloys Kamenyero yashaka kugarukana ubwami mu Burundi – bavuye mu birori bitarahera bagenda ataco bavuze.
Abemerewe ni indwi:
- Évariste Ndayishimiye w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi
- Nestor Girukwishaka w'umugambwe CNL
- Abel Gashatsi aserukira umugambwe UPRONA
- Gabriel Banzawitonde w'umugambwe APDR
- Francis Rohero w'umugambwe FPI Ineza
- Dieudonné Nahimana, umukandida yigenga
- Patiri Abel Nduwimana atakiri mu mabanga, na we yitoza nk'umukandida yigenga
Ayo matora y'umukuru w'igihugu azoba mu kwezi kwa gatanu mu 2027.