Ibisagara 10 bifise abantu benshi kuruta ibindi kw'isi mu 2026

Isinzi ry'abantu bari mw'isoko.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Isinzi ry'abantu bari mw'isoko
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Kubera irwirirana ry'abantu kw'isi, ibisagara biriko bihinduka uburere bw'iterambere rikomeye mu vy'ubutunzi, indero n'imibano.

Ubu hasigaye hari ibisagara bimwe bimwe usanga bibamwo amamiriyoni y'abantu, igitigiri kitari bwigere kiboneka muri kahise.

Urubuga rugira ubushakashatsi ku biharuro bijanye n'irwirirana ry'abantu kw'isi hamwe n'ingene ibisagara vyaguka "World Population Review 2026" rwarashize ahabona urutonde rushasha rw'ibisagara bifise abantu benshi kuruta ibindi kw'isi mu mwaka wa 2026.

Nk'uko bigaragara muri iki cegeranyo, ibisagara vyo muri Aziya ni vyo biza kw'isonga.

Kimwe mu bintu bitangaje ni kubona Kano, igisagara co mu buraruko bwa Nijeriya, caje ku rutonde rw'ibisagara 10 vya mbere bifise abantu benshi kuruta ibindi kw'isi.

Ivyo vyerekana ukuntu igitigiri c'abanyagihugu bo muri ico gisagara biyongera ku murindi udasanzwe, hamwe n'ingene kiguma caguka.

Muri iyi nkuru, turasesangura iki cegeranyo, twongere tubashikirize urutonde rw'ibisagara 10 bifise abantu benshi kuruta ibindi kw'isi mu 2026.

Shanghai

Isinzi ry'abantu mw'ibarabara.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Isinzi ry'abantu mw'ibarabara

Shanghai, mu Bushinwa, ni co gisagara gifise abantu benshi kuruta ibindi vyose kw'isi, nk'uko bivugwa na World Population Review.

Ni igisagara kiri ku nkengera z'ikiyaga, aho ibikorwa vy'ubudandaji n'ubutunzi bikomeye cane.

World Population Review ivuga ko Shanghai ifise abantu barenga miriyoni 24,7. Ni igisagara kifitiye akamaro kanini cane Ubushinwa kubera kirimwo hafi 30% vy'ubutunzi bw'igihugu.

Delhi

Ishusho igaragaza Delhi.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ishusho igaragaza Delhi

Delhi, umurwa mukuru w'Ubuhindi, ni ikindi mu bisagara biza imbere mu bifise abantu benshi kuruta ibindi kw'isi. Nk'uko World Population Review ibivuga, iki gisagara kiza mu kibanza ca kabiri mu bifise abantu benshi kuruta ibindi kw'isi.

Kubera ko ari umurwa mukuru w'intwaro w'Ubuhindi, Delhi ifise akamaro kanini mu vya politike, ubutunzi n'imirimo ya reta.

Mu bituma haba ukwiyongera ningoga kw'abanyagihugu muri Delhi, harimwo ukwisukira kw'abantu bava mu mihingo itandukanye y'igihugu hamwe n'abimukira baza kukibamwo. Ivyo bituma kiba kimwe mu bisagara biriko birakura ku murindi udasanzwe.

Iki cegeranyo kivuga ko Delhi ifise abantu barenga miriyoni 23,3.

Kinshasa

Abantu benshi bariko bararengana muri rimwe mu mabarabara y'i Kinshasa.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu benshi bariko bararengana muri rimwe mu mabarabara y'i Kinshasa

Kinshasa, umurwa mukuru wa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC), na co nyene kiri mu bisagara cumi vya mbere birimwo abantu benshi cane, kandi gikura ningoga.

Nk'uko icegeranyo ca World Population Review kibivuga, Kinshasa irimwo abantu barenga miliyoni 21,8.

Mumbai

Isinzi ry'abantu mu gisagara Mumbai

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Isinzi ry'abantu mu gisagara Mumbai

Mumbai, igisagara c'Ubuhindi kirangurirwamwo imirimo ikomeye y'Ubudandaji, gifise abantu barenga miliyoni 21,7. Giherereye ku nkengera z'ikiyaga c'Abarabu, kandi ni ho hari ivyicaro vy'inganda, ibigo n'amashirahamwe vy'ubutunzi bikomeye mu gihugu.

Pékin

Abantu benshi bariko bararengana mw'ibarabara, i Pékin.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu benshi bariko bararengana mw'ibarabara, i Pékin

Pékin ni umurwa mukuru w'Ubushinwa. Uri mu bisagara birimwo abantu benshi cane kuruta ibindi kw'isi. Barenga miliyoni 21,5.

Karachi

Abantu benshi bari mw'isoko.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu benshi bari mw'isoko

Karachi, igisagara kinini kuruta ibindi muri Pakistan, ni kimwe mu bisagara bifise abantu benshi kw'isi: barenga miliyoni 21,2.

Shenzhen

Shenzhen ni igisagara co mu Bushinwa, gifise ubutunzi buriko burakura ku murindi udasanzwe.

Giherereye mu bumanuko bw'igihugu, hafi ya Hong Kong. Shenzhen yahoze ari akagwati gato k'uburovyi, imbere y'uko reta y'Ubushinwa ihahindura akarere k'iterambere ry'ubutunzi mu myaka ya 1980.

Ubu hari abantu barenga miliyoni 20,6.

Guangzhou

Guangzhou iri mu ntara ya Guangdong mu bumanuko bw'Ubushinwa. Irimwo abantu barenga miliyoni 18,5.

Kano

Kano, igisagara kinini kuruta ibindi mu buraruko bwa Nijeriya, ni kimwe mu bisagara birimwo abantu benshi kuruta ibindi ku mugabane wa Afrika.

Kano yamye ari akarere karangurirwamwo cane imirimo y'ubudandaji, hakaba inganda n'ibikorwa vy'imico n'akaranga vyinshi. Ico gisagara gifise abantu barenga miliyoni 17.