UE/EU iripfuza guha Ukraine ingurane nshasha y’imiriyaridi 50 z'amadolari mu gihe intambara ibandanya

Ahavuye isanamu, t.me/dsns_telegram
Ubumwe bwa Buraya (EU) bwashikirije umugambi wo guha Ukraine ingurane nshasha y'imiliyari 50 z'amadolari y'Abanyamerika, kugira bufashe iki gihugu guhangana n'ingorane z'ubutunzi zatewe n'intambara y'Uburusiya.
Umukuru w’urwego rurongoye Ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, avuga ko ayo mahera yofasha Ukraine mu kugira ijambo mu biganiro vyose bishobora kuba muri kazoza, kandi ko yosubizwa gusa igihugu kimaze kuronka indishi z'akababaro zizotangwa n’Uburusiya.
Hagati aho, impande zompi zibandanya kurasana. Ibitero vy'Uburusiya vyahitanye abantu bane bikomeretsa abandi 13 mu gisagara ca Odesa co mu bumanuko bwa Ukraine.
Igisirikare ca Ukraine na co kivuga ko inganda zitunganya igitoro za Ilsky na Afipsky mu ntara ya Krasnodar mu Burusiya, ikoresheje indege zitajamwo abadereva (drone). Ukraine ivuga ko izi nganda ari isoko rikuru ry'ibitoro bikoreshwa mu bumanuko bw'Uburusiya.
Hagati aho kandi, Ubumwe bwa Buraya buriko burategura ibihano bishasha kuri Moscou. Mu vyitezwe harimwo kubuza Abarusiya bagize uruhara mu ntambara yo muri Ukraine kwinjira mu bihugu vya UE, gufatira ingingo ruhasha amabanki n'urwego rwo guhanahana amafaranga mu buryo bwa none, hamwe n’ibihano ku mato menshi yunguruza igitoro c’Uburusiya mu kinywabi.
Harimwo kandi n’ingingo ruhasha mu kugenzura ivyo bushora hanze bishobora gukoreshwa mu bikorwa vya gisirikare, hamwe no kugabanya canke kubuza ubucuruzi ku bivuko n'inganda zimwezimwe zitunganya igitoro bifitaniye isano n'Uburusiya.
Ayandi makuru ushobora gusoma:






