Vance avuga ko azafata icyemezo 'mu gihe runaka umwaka utaha' niba aziyamamaza mu matora ya perezida w'Amerika yo mu 2028

Visi Perezida w'Amerika yabwiye igitangazamakuru Fox News ko nafata icyemezo cyo kwiyamamaza cyangwa kutiyamamaza, azaba acyiyemeje "neza neza uko kizaba kimeze kose".

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne-Marie Niwemwiza, Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Inyuma y’igitero ku kiraro ca Crimée, Zelensky ati 'Intambara izosubira aho yatanguriye'

    ikiraro ca Crimea

    Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko intambara amaherezo izosubira aho yatanguriye, inyuma y'uko ibitero vy'indege zitajamwo abadereva (drone) vya Ukraine bisamburiye igice c’ikiraro gihuza akarere ka Crimée/Crimea n'Uburusiya.

    Amasanamu yerekanye ko igice c'ikiraro cahora gicamwo imodoka caguye mu kiyaga, hasigara umwobo munini. Ariko uruja n'uruza rw'amagari ya moshi rwasubiriye kubandanya mu nzira y’uruhande rumwe rw’ico kiraro.

    Zelensky yavuze ko ico gitero caje gikurikira igikorwa cari categuwe neza casambuye, intambwe ku yindi, ubuhinga bw’Uburusiya bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere hamwe n'ibikoresho vya radar.

    Ico kiraro c'ibirometero 19, cuguruwe na Perezida Vladimir Putin mu 2018, ni kimwe mu bintu bihambaye vyakozwe n’Uburusiya kuko ari co gifatanya iki gihugu na Crimée, intara cigaruriye mu 2014.

    Gifise akamaro kanini mu vya gisirikare no mu kwunguruza abantu n’ibintu kuko giha Uburusiya inzira ishikana muri Crimée butarinze guca ku butaka bugenzurwa na Ukraine.

    Igihe Uburusiya bwatangura igitero cabwo cagutse kuri Ukraine mu 2022, ico kiraro cabaye inzira nyamukuru yo gutwara abasirikare, ibitoro, amasasu n'ibindi bikoresho vya gisirikare hagati ya Crimée n’ubumanuko bwa Ukraine.

    Umukuru w'ingabo za Ukraine zikoresha amadrone, Robert Brovdi, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters mu ntango z'uyu mwaka ko gusambura iyo nzira ari imwe mu ntego nyamukuru ya Ukraine.

  2. Cisjordanie: Minisiteri y’ubuzima ivuga ko umugore w’umunyapalesitina yishwe n’abayahudi bahigaruriye

    Agahinda kari kenshi
    Insiguro y'isanamu, Umuhango wo gushyingura Fadwa al-Fahidat wabereye mu mudugudu wa al-Duyuk al-Tahta ku wa Kabiri.

    Minisiteri y'Ubuzima ya Palestine yatangaje ko umugore w'Umunyapalestina uri mu kigero cy'imyaka 70 yishwe arashwe, mu gihe abandi bantu benshi bakomerekeye mu mudugudu wo muri Cisjordanie yigaruriwe n’abayahudi, bakahirukana abanyepalisitina basanzwe bahatuye.

    Abaturage b'Abanyapalestina bo muri ako gace bavuze ko habaye igitero cyagabwe n’abayahudi bigaruriye ako gace, mu gice cya al-Duyuk al-Tahta, hafi y'umujyi wa Jericho, ahagombaga kuba hagenzurwa byuzuye n'Ubuyobozi bwa Palestine.

    Ku ruhande rw'ingabo za Isiraheli, zo zatangaje ko habaye igitero cyagabwe n'Umunyapalestina ku modoka y'abanya Isiraheli. Zongeyeho ko nyuma y'ibyo batewe amabuye, na bo bagahita barasa bitabara. Cyakora, ntacyo zatangaje ku rupfu rw'uwo mugore.

    Muri ako gace hamaze iminsi hari umwuka mubi n'impagarara nyuma y'uko itsinda ry'Abayahudi rihubatse izindi nzu nshya zo guturamo, kandi ari ku butaka bwa Palesitina, nyamara ibyo bikaba bitemewe n'amategeko mpuzamahanga.

    Ibinyamakuru byo muri Palestina bivuga ko Fadwa al-Fahidat, wari ufite imyaka 72, yarashwe ku mugoroba wo ku wa Mbere ari hanze y'urugo rwe.

    Ingabo za Isiraheli (IDF) zatangaje ko inzego z'umutekano zoherejwe aho byabereye kandi ko zatangiye gukurikirana abakekwaho uruhare muri ibyo bikorwa.

    Abaganga bo mu bitaro byo muri Jericho bavuze ko Fadwa al-Fahidat yarashwe mu mutwe.

    Amakuru kandi avuga ko hari abandi Banyapalestina n'Abisiraheli bakomerekeye muri ayo makimbirane.

    Umuryango wo muri Isiraheli uharanira uburenganzira bwa muntu witwa B'Tselem uvuga ko mu gace ka al-Duyuk al-Tahta hashize igihe habera ibikorwa by'ihohoterwa, iterabwoba no kwigarurira ubutaka ku ngufu, bikorwa n'Abayahudi.

    Uwo muryango kandi uvuga ko ubu ingabo za Isiraheli zicumbitse hafi yaho kugira ngo zirinde izo nzu nshya zahubatswe

  3. Trump yageze muri Aziya mbere y’ibiganiro agomba kugirana na ba perezida w’Uburusiya n’Ubushinwa

    Donald Trump afite mu ntoki idarapo rya Amerika n'irya Philippines
    Insiguro y'isanamu, Trump yazunguje amabendera ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Philippines nyuma yo kugera i Manila

    Inama ya mbere Trump yakoze ni iyo yahuriyemo n’abafatanyabikorwa ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

    Abo ni Minisitiri w’Intebe w’u Buhinde Narendra Modi, Trump yise “umuntu ukomeye cyane kandi utoroshye”, Minisitiri w’Intebe w’u Buyapani Sanae Takaichi, yavuze ko “ashobora no gukomera kurushaho”, ndetse na Minisitiri w’Intebe wa Australia Anthony Albanese.

    Trump yavuze ati: “Ibihugu byacu bine ni inkingi z’ingenzi z’akarere ka Indo-Pacifique gafunguye, gafite umutekano kandi gateye imbere.”

    Yongeyeho ati: “Dufitanye umubano mwiza cyane kandi duhora duhuza ibikorwa byacu hafi ya buri gihe... telefoni yanjye ihora ifunguye.”

    Ibihugu byinshi byo mu Majyepfo y’Uburasirazuba bwa Aziya byahuye n’ingaruka zikomeye z’imisoro mishya yashyizweho na Donald Trump ndetse n’intambara ya Amerika na Iran.

    Gusa, ibyoherezwa muri Amerika by’ibi bihugu byiyongereyeho 30% umwaka ushize bitewe n’izamuka rikomeye ry’ikoranabuhanga ry’ubwenge bukorano (AI), aho aka karere gakora byinshi mu bikoresho byifashishwa muri iri koranabuhanga.

    Amerika yizeye kureshya ibihugu byinshi byo muri aka karere ngo byinjire mu rwego rwayo rw’ikoranabuhanga na AI yise “Pax Silica”, aho agamije guca intege imikoranire yabyo n’Ubushinwa.

    Ariko kandi, uruhare n’imbaraga by’Ubushinwa muri aka karere ni binini cyane ku buryo bitoroshye Kubica intege.

    Nyuma yo kurara i Manila, Perezida wa Amerika azerekeza mu mujyi wa Shenzhen mu Bushinwa, aho azitabira inama y’abayobozi bo mu karere ka Aziya na Pasifika ndetse akanagirana ibiganiro ku ngingo z’intwaro za kirimbuzi na Xi Jinping ndetse na Vladimir Putin.

    Abajijwe niba yanemera kugirana ikiganiro cyihariye na Putin hagati yabo bombi gusa, Trump yasubije ati: “biramutse bishobotse, nabikora.”

  4. Zelensky yanejejwe n'ikiraro cya Crimea cyasenyutse igice nyuma y’igitero gikomeye cya Ukraine

    Ikiraro cya Kerch, cyaguye mu mazi.
    Insiguro y'isanamu, Ikiraro cya Crimea kimaze kugabwaho ibitero kenshi na Ukraine

    Ikiraro gikomeye gihuza Crimea igenzurwa n’u Burusiya cyafunzwe nyuma y’igitero cya Ukraine cyangije bikomeye iki gikorwaremezo gifatwa nk’ingirakamaro cyane na Kremlin.

    Amafoto yatangajwe n’abayobozi ba Ukraine yerekanye ko igice cy’Ikiraro cya Crimea, kizwi nk’ikiraro cya Kerch, cyaguye mu mazi.

    Abayobozi b’Uburusiya bemeje ko iki kiraro cyangijwe n’indege zitajyamo abadereva (drones).

    Uwahoze ari umujyanama wa Ukraine, Anton Gerashchenko, yashyize ahagaragara amafoto n’amashusho agaragaza ibyangiritse bikomeye, aho ibisigazwa by’inkingi zigishyigikiye n’igice cy’umuhanda byagaragaraga bisa n'ibyaguye mu mazi ari munsi yacyo.

    Kremlin yatangaje ko izongera gusana iki kiraro “kikarushaho kuba cyiza kurusha uko cyari gisanzwe”, kandi ko Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin yamaze kumenyeshwa iby'igitero cyabaye mu ijoro ryakeye.

    Ahandi, Umuyobozi w'Umujyi wa Kyiv, Vitaliy Klitschko, yavuze ko ibiraro bya Pivnichnyi (Ikiraro cyo mu Majyaruguru) na Pivdennyi (Ikiraro cyo mu Majyepfo), ari byo byifashishwa cyane mu kwambuka uruzi rwa Dnipro, byafunzwe nyuma y'ibitero by'u Burusiya byagabwe ku murwa mukuru wa Ukraine mu ijoro ryakeye.

    Ukraine imaze igihe kinini igaba ibitero ku Kiraro cya Crimea, gikoreshwa nk'inzira y'umuhanda n'iya gari ya moshi byifashishwa n'ingabo z'u Burusiya zerekeza ku rugamba, ariko kugeza ubu ntiyari yarashoboye kugihagarika burundu.

    Ibyangiritse byatewe n'igitero cyo mu ijoro ryakeye, cyakoreshejwemo misile n'indege zitagira abapilote (drones), bigaragara ko ari byinshi kurusha ibyabaye mu bindi bitero byabanje. Igice kinini cy'icyo kiraro kimeze nk'umuheto kigaragara nk'icyasenyutse burundu.

    Iki kiraro cyakunze kugabwaho ibitero n’ingabo za Ukraine, cyubatswe n’Uburusiya nyuma yo kwigarurira no komeka ku butaka bwabwo Intara ya Crimea mu mwaka wa 2014.

    Ni ikiraro cyari cyafunguwe ku mugaragaro na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin mu 2018.

    Mu gihe Ukraine imaze igihe igerageza kongerera Uburusiya igihombo cy’ubukungu gituruka ku ntambara, binyuze mu kwibasira inganda zitunganya peteroli n’ububiko bwayo, kwibasira Ikiraro cya Crimea bigamije kandi kongerera Putin igitutu cya politiki.

    Iki gitero cyagabwe ku kiraro cya Crimea kibaye mu gihe gikomeye, mbere y’inama Putin ateganya kugiranamo n’abayobozi b’u Bushinwa na Amerika.

    Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yari yaburiye ko hashobora kuba ibitero bikomeye mu minsi ibanziriza inama izahuza Vladimir Putin, Donald Trump na Xi Jinping i Shenzhen mu Bushinwa ku wa Kane.

    Hagati aho, abaturage bumvise urusaku rukomeye rw’iturika muri Kyiv mbere gato ya saa sita z’ijoro zo ku wa Kabiri. Klitschko yavuze nyuma yaho ko umujyi wangirijwe “ibikorwaremezo by’ingenzi” kandi ko serivisi zo gushyushya inzu n’amazi zahungabanye.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Uganda: Abatuka Perezida n’umuryango wiwe bashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka 10 - umukuru w'ingabo

    Muhoozi

    Umukuru w’igisirikare ca Uganda, Jenerali Muhoozi Kainerugaba, agabisha ko umuntu wese azotuka canke agasuzugura Perezida Yoweri Museveni, abo mu muryango w’umukuru w’igihugu, canke we ubwiwe, ashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka 10.

    Mu butumwa yashize kuri konte yiwe ku rubuga rwa X , Muhoozi, umuhungu wa Perezida, yatanze kandi n’ubundi butumwa bwo kugabisha ibinyamakuru mpuzamakungu bikorera muri Uganda, ikimenyetso c’uko hashobora kuba amategeko mashasha yo kugenzura ibikorwa vyavyo.

    Yanditse ati: “Vuba ngiye gutangaza poritike nshasha igenga ibinyamakuru VYOSE vyo hanze bikorera muri Uganda. Imisi yabo yo gutuka igihugu cacu yarangiye.”

    Nta nsiguro aratanga ku mugaragaro ku bijanye n’iyo poritike canke ku ngingo zishobora gufatirwa ibinyamakuru mpuzamakungu.

    Avuze ibi inyuma y’imisi hafi cumi itororokanirizo ry’amakuru AFP ritangaje ko bamwe mu bategetsi bakuru b’umugambwe uri ku butegetsi, National Resistance Movement (NRM), bari banse umugambi wa Perezida Museveni wo gutegura umuhungu wiwe nk’umusubirizi wiwe, rikaba ryasubiramwo amasoko yo muri uwo mugambwe.

    Gusa, umunyamabanga mukuru wa NRM, Richard Todwong, yavuze ko iyo nkuru ari ibinyoma.

    Muri Ruheshi (6), ikigo cigenga co kumenyesha amakuru, Nation Media Group (NMG), gifise ibimenyeshamakuru bitandukanye birimwo Daily Monitor, NTV Uganda, Spark TV, KFM na Dembe FM, carugawe inyuma y’uko igisirikare n’inzego z’umutekano bagose icicaro caco, ku mabwirizwa bivugwa ko yari yatanzwe na Muhoozi.

    Casubiye gutangura ibikorwa haciye ukwezi, inyuma y’ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru vyarimwo Perezida Museveni, Muhoozi hamwe n’ubuyobozi bukuru bwa NMG.

    Ibwirizwashingiro rya Uganda be n’amategeko ngenderwako y’igisirikare ca Uganda birabuza abasirikare bakiri mu kazi kugira uruhande begamirako mu vya poritike, ariko Muhoozi yagiye kenshi yerekana ko yipfuza kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, akanatera ubwoba abanyaporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi.

    Mu butumwa bwiwe buheruka kuri X, yanditse ati: “Nzokwitoza kuba Perezida w’iki gihugu inyuma ya Mzee [Museveni]. Nta n’umwe azombuza. Ivyipfuzo vyanje ndabishira ku Mana Mushoboravyose no ku benegihugu bagenzanje, abagabo n’abagore.”

    Konte yiwe yari yarugawe, inyuma yo gutera ubwoba icegera c’umukuru w’igihugu no kumusaba kwitegura kuva mu mabanga.

    Ayandi makuru kuri Uganda:

  6. Burundi: Umupolisi w’ipete rya Jenerale yafuswe mu kazi

    énéral de Brigade de Police, Romuald Ndababishije.

    Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye yashize umukono kw’itegeko rifuta mu kazi Général de Brigade de Police, Romuald Ndababishije, yahora ari icegera c’umukuru w’igipolisi kijejwe abinjira n’abasohoka, Commissariat Général des Migrations (CGM).

    Muri iryo tegeko, Ndababishije yagirizwa ivyaha bijanye n’ibiturire hamwe n’ayandi makosa “akomeye” mu bijanye n’amategeko agenga itangwa ry’impapuro z’inzira pasiporo. Ariko ntiritomora ingene ivyo vyaha vyagenze.

    Haraciye igihe kitari gito, abitura igisata c’igipolisi CGM kugira kibaronse amapasiporo bidoga ko batoroherwa, aho bavuga ko kirangwamwo ibiturire hamwe n’iteba rikabije ryo gutanga izo mpapuro z’inzira.

    Abakirongoye bavuga ko ahanini uguteba biterwa n’ukwiyongera kurenze urugero kw’abasaba izo mpapuro n’ingorane z’ubuhinga.

    Amasoko atandukanye avuga ko Général de brigade de police, Romuald Ndababishije, yahagaritswe n’iperereza ry’Uburundi kw’igenekerezo rya 17 Gitugutu (10) 2026, igihe yari atahutse avuye mu rugendo rw’akazi muri Ethiopie.

    Ayo masoko nyene avuga ko yaciye ajanwa gupfungirwa mw’iperereza aho yamaze imisi irenga cumi imbere y’uko arungikwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

    Ingingo yo kumufuta mu kazi ntivugwako rumwe mu Burundi. Hari abavuga ko atahawe amahirwe yo kurenguka mu butungane kugira ngo aburane canke yisigure.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Ubuyapani bwarungitse indege z’intambara inyuma y’ibivugwa ko Uburusiya bwavogereye ikirere cabwo

    Indege F-15 yo mu Buyapani

    Ubuyapani bwavuze ko bwarungitse indege z’intambara bwongera “buriyamiriza bwivuye inyuma” indege zibiri zikekwa ko ari iz’Uburusiya zavogereye ikirere cabwo mu gitondo co kuri uyu wa kabiri.

    Koreya y’Epfo na yo nyene yavuze ko yarungitse indege z’intambara, mu gihe Taiwan yavuze ko “yafashe ingingo zikwiye” inyuma y’aho habonetse indege z’igisirikare c’Uburusiya hejuru y’uturere tw’ibi bihugu vyompi.

    Moscou ntiragira ico ibivugako.

    Ibi ni nko kwibutsa ubushobozi bwa gisirikare bw’Uburusiya imbere y’inama y’ubutunzi ya APEC itegekanijwe mu Bushinwa muri iyi ndwi, bikaba vyitezwe ko Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya azoyitaba ari kumwe na Perezida Donald Trump wa Amerika.

    Umunyamabanga Mukuru w’Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Minoru Kihara, yavuze ko inzira zakoreshejwe n’izo ndege z’Uburusiya hafi y’izinga rya Okinoshima riri mu bumanuko bushira uburengero bw’Ubuyapani ari “ivogera rikomeye ry’ubwigenge bw’Ubuyapani” kandi ko ari ikintu “kidashobora kwihanganirwa na gato.”

    Ibintu nk’ibi vyaheruka kuba mu 2024, igihe indege y’igisirikare c’Uburusiya yari kw’irondo yinjira mu kirere c’Ubuyapani hafi y’izinga rya Rebun muri Hokkaido.

    Ntibiratomoka neza nimba ibi bihugu bibanyi bitatu vyavogerewe n’indege imwe canke n'izitandukanye.

    Icuka kibi kigenda ciyongera hagati y’Ubuyapani n’Uburusiya, ibihugu bimaze imyaka myinshi birabana ay’ingwe, bipfa umurwi w’amazinga ari mw’ibahari Pasifike.

    Moscoyu (ubutegetsi bw’Uburusiya) imaze igihe itera igitsure cinshi Ubuyapani.

    Muri Myandagaro (8), Putin yagendeye rimwe muri ayo mazinga ku ncuro yiwe ya mbere, urugendo rwiyamirijwe bikomeye n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Sanae Takaichi. Muri Gitugutu (10), Uburusiya bwarahagaritse umumenyeshamakuru w’Umuyapani bumwagiriza ibikorwa vya maneko.

    Ayandi makuru ushobora gusoma ku Buyapani:

  8. Human Rights Watch yaneguye umugambi w'ibihugu bitanu vy'i Buraya wo kurungika abimukira mu Rwanda

    Abategetsi baserukira ibihugu bitanu biri mu mugambi wo kurungika abimukira mu Rwanda, igihe bari mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, inyuma y'inama y'i Vienne, muri Autriche, ku bijanye n'abimukira. Ifoto yo kw'itariki ya 16 Munyonyo (11) mu 2026.
    Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'umutekano Vincent Biruta (wa gatatu uvuye i buryo) avuga ko Urwanda rushaka gukorana n'Uburaya mu gutanga "umuti wemewe n'amategeko kandi w'iteka n'icubahiro ku bimukira"

    Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch (HRW), ryaneguye umugambi w'ibihugu bitanu vyo mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya (EU/UE) wo kurungika mu Rwanda abantu basavye ubuhungiro ariko ntibaburonke muri ivyo bihugu, rivuga ko ari "ukwitandukanya kubabaje" n'indangagaciro uwo muryango wubakiyeko.

    Ku wa mbere, Autriche, Danemark, Ubudagi, Ubugiriki n'Ubuholandi vyemeje ko hariko haraba ibiganiro kuri uwo mugambi. Hari inyuma y'inama yerekeye ikibazo c'abimukira yabereye i Vienne muri Autriche.

    Inkuru yose hano

  9. Guinea: Urukiko rwakatiye igifungo abantu 224 kubera ubucukuzi bwa zahabu bunyuranyije n'amategeko

    Igipande kinini cya zahabu idatunganyije

    Urukiko rwo muri Guinea (Conakry) rwakatiye abantu 224, barimo 22 bahoze ari abategetsi bo muri icyo gihugu, ku bucukuzi bwa zahabu bunyuranyije n’amategeko bwateje kwangirika kw’ibidukikije mu majyaruguru ashyira uburasirazuba bw’icyo gihugu.

    Abacukuzi 202, bo muri Guinea no mu bindi bihugu bine byo muri Afurika y’uburengerazuba, buri umwe yakatiwe gufungwa imyaka itatu. Banategetswe kuriha amande ahuriweho ya miliyari 10 z’amafaranga ya Guinea, ayo akaba angana na miliyari 1,6 uyavunje mu mafaranga y’u Rwanda.

    Urukiko rwanabujije abanyamahanga muri bo kwinjira muri Guinea mu gihe cy’imyaka 10.

    22 bahoze ari abategetsi bo muri Guinea buri umwe muri bo yakatiwe gufungwa imyaka ibiri no kuriha amande ya miliyoni 10 z’amafaranga ya Guinea (angana na miliyoni 1,6 FRW).

    Bahamwe no gufasha mu isenywa ry’ibidukikije ndetse no mu ihumanywa ry’amazi, ariko bagizwe abere ku birego birimo ruswa, kwigizaho imitungo mu buryo bunyuranyije n’amategeko ndetse n’iyezandonke.

    Icyo cyemezo cyatangajwe ku wa mbere n’urukiko rwo kurwanya ibyaha byo mu rwego rw’ubukungu n’imari (rwitwa CRIEF, mu mpine y'Igifaransa), nyuma y’urubanza ku bucukuzi bw’amabuye y’agaciro bunyuranyije n’amategeko rwabereye mu karere ka Siguiri, mu majyaruguru ashyira uburasirazuba bwa Guinea.

    Abo bacukuzi bari bemeye ibyo baregwa, mu gihe abo bahoze ari abategetsi bahakanye ibirego bakavuga ko nta kibi bakoze.

    Abanyamategeko bunganira abaregwa bavuze ko bateganya kujuririra icyo cyemezo cy’urukiko. Ibiro byihariye by’ubushinjacyaha byo byashimye icyo cyemezo cy’urukiko.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. Uburusiya bwagavye ibitero ku biraro bibiri bihambaye vy'i Kyiv - Umukuru w'ico gisagara

    Vitali Klitschko, umukuru w’igisagara ca  Kyiv, umurwa mukuru wa Ukraine.

    Ibiraro bibiri bihambaye vy’i Kyiv, umurwa mukuru wa Ukraine, vyarashwe mu bitero vy’Uburusiya hakoreshejwe misire zo mu bwoko bwa ‘balistique’, nk’uko vyemezwa na Vitali Klitschko, umukuru w’ico gisagara.

    Klitschko yavuze ko izo misire zagemye ikiraro co mu buraruko n'ico mu bumanuko bwa Kyiv, vyompi bikaba biri ku ruzi Dnipro. Yongeyeko ko ivyo bitero vyatumye haba ihungabana mw'itangwa ry'amazi n'umuyagankuba muri ico gisagara.

    Ntaco Uburusiya burashikiriza kuri ivyo bivugwa n'umukuru w'igisagara ca Kyiv.

    Hagati aho, Ukraine imaze imisi ibiri ikurikirana itera ikiraro ca Kerch, kizwi cane kandi gihuza Uburusiya n'intara ya Crimée Uburusiya bwigaruriye, nk'uko bishikirizwa n’umutegetsi w'iyo ntara yashizweho na Moscou.

    Imbere y'aho, Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yari yagabishije ko Uburusiya bushobora kugaba ibitero kuri Ukraine mw'ijoro ryo ku wa mbere, inyuma y'ibindi biganiro vyahuje abategetsi ba Ukraine, Amerika n'Uburaya, vyari bigamije kurondera umuti w'iyo ntambara imaze imyaka.

    Ivyo biganiro vyo mu buryo bwo kuri internet vyitabwe n'intumwa ya Amerika Jared Kushner hamwe n'intumwa idasanzwe ya Amerika Steve Witkoff, vyabaye inyuma y’uko Uburusiya buvuze ko Ukraine yari yabugavyeko ibitero vy’ama ‘drones’ vyinshi kuruta ibindi vyose vyari bimaze kuba kuva intambara itanguye.

    Uguturika gukomeye cane kwumvikanye i Kyiv imbere gato ya sasita z’ijoro ryakeye. Inyuma y'aho, Klitschko yavuze ko ico gisagara cagabweko igitero catumye "ibikorwa remezo bihungabana".

    Yongeyeko ati: "Uduce tumwe tumwe turiko tugira ingorane y'ihungabana mw'itangwa ry’amazi, n’iry’uburyo bwo gushusha mu mazu".

    Ibibiraro umunani bihambaye ni vyo biri ku ruzi Dnipro, bikaba bihuza ibice vy'igisagara ca Kyiv biri mu burengero n'ivyo mu buseruko. Hagereranywa ko abantu bagera ku miriyoni zitatu ari bo bavyifashisha mu kujabuka no mu kwiyunguruza muri ico gisagara.

    Izindi nkuru wosoma:

  11. Vance avuga ko azafata icyemezo 'mu gihe runaka umwaka utaha' niba aziyamamaza mu matora ya perezida w'Amerika yo mu 2028

    JD Vance arimo kuvuga ijambo akoze ikimenyetso n’ikiganza

    Visi Perezida w’Amerika JD Vance yavuze ko azafata icyemezo “mu gihe runaka umwaka utaha” niba aziyamamaza mu matora ya perezida yo mu 2028.

    Mu kiganiro yagiranye n’igitangazamakuru Fox News cyo muri Amerika, Vance nta ngengabihe yashyizeho ku gihe azafatira icyo cyemezo ariko yaciye amarenga ko atarimo kwihutira gufata icyemezo.

    Yagize ati: “Nta cyemezo ndafata. Tuzabimenya mu gihe runaka umwaka utaha.” Ubwo yari akomeje guhatwa ibibazo n’umunyamakuru Laura Ingraham, Vance yongeyeho ati: “Nimfata icyemezo, nzaba niyemeje neza neza icyo cyemezo uko kizaba kimeze kose.”

    Vance avuze aya magambo mu gihe harimo kwiyongera gushaka kumenya icyo azakurikizaho, nyuma y’ibyumweru bishize Perezida w’Amerika Donald Trump n’ishyaka rye ry’abarepubulikani batsinzwe bikomeye mu matora yo hagati muri manda, bigatuma ishyaka ry’abademokarate rizaba rigenzura imitwe yombi – abadepite n’abasenateri – y’inteko ishingamategeko guhera muri Mutarama (1) mu 2027.

    Abantu bari hafi ya Vance bavuganye na BBC bavuze ko ayo matora yo mu Gushyingo (11) uyu mwaka atahinduye ingengabihe ijyanye n’igihe yihaye cyo gufata icyemezo kijyanye n’amatora ya perezida yo mu 2028. Biteganyijwe ko aziyamamaza ariko inshuti ze zemeza ko ashobora kumara amezi menshi atarafata icyemezo cye cya nyuma.

    Guhwihwisa ku byifuzo bya Vance byo kuba Perezida kwatangiye ubwo Perezida Trump yamuhitagamo nk’uwo biyamamazanyije mu 2024 kugira ngo abe Visi Perezida.

    Uko gutoranywa kwashyize Vance, winjiye mu biro bya Perezida w’Amerika (bizwi nka White House) nk’umwe muri ba Visi Perezida bato cyane mu myaka babayeho mu mateka y’icyo gihugu, mu mwanya w’umuntu bishoboka cyane ko azakomezanya n’umurongo wa politike wa Trump uzwi nka MAGA (Make America Great Again), bishatse kuvuga kongera kugira Amerika igihangange ku isi.

    Ariko muri uwo mwanya we wa Visi Perezida, Vance yarigengesereye yirinda kuvuga ku ntego ze za politike.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.