IKIBIRIRAHO , Elon Musk avuga ko amafaranga ya mbere menshi yashyize mu matora yo hagati muri manda yatumye yumva ari 'umupfapfa cyane'

Uyu muherwe utunze za miliyari nyinshi z'amadolari yanavuze ko ataba muri MAGA, yitandukanya n'iyo nkubiri ya politike ifitanye isano na Trump.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Putin 'ameze neza cyane' nyuma y'ibiganiro yagiranye na Trump – bivugwa n'umujyanama mukuru we

    Perezida w'Uburusiya Vladimir Putin azamuye ikiganza asuhuza abantu bataboneka mu ifoto, inyuma ye akikijwe n'abagabo benshi bambaye amakoti y'umukara. Putin yambaye ikoti ry'umukara, ishati y'umweru na karuvati itukura. Arimo kumwenyura.
    Insiguro y'isanamu, Putin yagaragaye yishimye nyuma y'inama yagiranye na Trump

    Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin “ameze neza cyane” nyuma y’inama yagiranye na Perezida w’Amerika Donald Trump, nkuko bivugwa na Yuri Ushakov, umujyanama mukuru ku bubanyi n’amahanga wa Perezida w’Uburusiya.

    Ubwo yaganiraga na televiziyo Vesti ya leta y’Uburusiya, Ushakov yavuze ko ibyo biganiro hagati ya Putin na Trump byagenze “neza”.

    Ibitangazamakuru byo mu Burusiya byatangaje cyane amashusho agaragaza Trump yinjira mu cyumba ndetse, ubwo yavugaga kuri Putin, agira ati: “Ni nde? Ni inshuti yanjye!”

    Ushakov yavuze ko intambara yo muri Ukraine ari yo ngingo nkuru yaranze iyo nama, yamaze iminota iri hagati ya 35 na 40. Abo bategetsi bombi banaganiriye ku mubano w’Amerika n’Uburusiya.

    Ibiro bya Perezida w’Uburusiya bivuga ko nta n’umwe muri abo bategetsi bombi wagize ibyo atangaza bikomeye, mu gihe impande zombi zirimo kwitegura inama na Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping iba uyu munsi aho mu Bushinwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Tanzania: Angel Wariael, umukobwa yakomerekejwe n'amasasu amusanze muhira mu ntureka zo ku wa 29 z'ukwa 10, yapfuye

    Angel Wariael, w'utubiri twompi, yambaye T-shirt yera, ariko araba muri camera, asa n'uwuriko aratwenga.
    Insiguro y'isanamu, Ikinyamakuru The Chanzo cari casohoye inkuru kivuga ko Angel Wariael yari akeneye ubufasha kubera amagara yiwe atari yifashe neza

    Angel Wariael, yari amaze igihe ariko avurirwa mu bitaro bikuru vya Muhimbili, inyuma yo gukomeretswa n’amasasu yamusanze muhira iwabo igihe haba intureka zo kwiyamiriza amatora ku wa 29 Gitugutu (10) muri Tanzania, yapfuye.

    Urupfu rwiwe rwemejwe ku wa gatatu n'ibitaro vya Muhimbili, biciye ku mukuru w'igisata kijejwe kumenyesha amakuru, Irene Charles Mbonde, hamwe n'umwe mu bagize umuryango wa Wariael.

    Wariael yari amaze amayinga atari make arwariye muri ivyo bitaro, aho yariko avurwa ibikomere yatewe n'ayo masase yamusanze iwabo muri karitiye Manzese, iri mu burengero bw’umurwa mukuru Dar es Salaam.

    Ku wa 31 Gitugutu (10) 2026, ikinyamakuru The Chanzo cari casohoye inkuru ku kuntu amagara y’uwo mukobwa n'aya nyina wiwe yari yifashe. Inkuru yavuga ko bompi bari bakeneye gufashwa mu kuronswa ubuvuzi kubera ingorane z'amagara zari zatumye Wariael ahagarika amashure.

    Inyuma y'iyo nkuru, Wariael yararonse ubufasha gurtyo atangura kwivuriza mu bitaro bikuru vya Muhimbili.

    Amatora yabaye kw’igenekerezo rya 29 Gitugutu (10) muri Tanzania – Perezida Samia Suluhu Hassan ni we yatangajwe ko yayatsinze ku majwi 98 kw’ijana (98%) – yariyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Baneguye ko atabaye mu muco, banashimangira ko yabaye abakandida bakomeye bapfunzwe.

    Ariko mu mwaka uheze, mw'ijambo ry'intsinzi yashikirije, Perezida Samia yavuze ko ayo matora yabaye "mu bwisanzure na demokarasi", yagiriza abagize imyiyerekano "kudakunda igihugu".

    Mu burere butandukanye bwa Tanzania, harabaye imyiyerekano yo kuyiyamiriza yitabwe ahanini n’Urwaruka. Inzego z’umutekano zakoresheje inguvu bivugwa ko zari “zirenze urugero” mu guhasha abari muri iyo myiyerekano, ari na ho amwe mu masase yariko araraswa yahavuye agema Angel Wariael amusanze muhira iwabo, nk’uko bishikirizwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Amerika: Aba Démocrates bashize imbere Hakeem Jeffries kugira azobe Umukuru w'Inama Nshingamateka

    Hakeem Jeffries ariko arashikiriza ijambo.

    Aba Démocrates mu Nama Nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika bashize imbere icese Hakeem Jeffries kugira azobe umukuru w’urwo rwego, iyo ngingo ikaba imushize mu nzira yo kuba umwirabure wa mbere azoba arurongoye.

    Abagize Inama Nshingamateka bazotora umukuru wayo mushasha kw’igenekerezo rya 3 Nzero (1), igihe ikiringo c’abaherutse gutorwa kizoba gitanguye. Ico gihe, aba Démocrates ni bo bazoba bafise ubwiganze mu Nama Nshingamateka.

    Itorwa ryiwe muri ico kibanza gihambaye – umukuru w’Inama Nshingamateka agira kabiri ku rutonde rw’abashobora gusubirira umukuru w’igihugu inyuma y’icegera ciwe – riritezwe cane.

    Niyaramuka atowe, Jeffries azoba ayoboye umugambwe wiwe ufise ubwiganze bwinshi kuruta uko vyari bimeze mu myaka iheze. Vyongeye, azoba afise n'akandi karusho k’uko aba Démocrates ari bo bazoba bafise ubwiganze mu Nama Nkenguzamateka (Sena).

    Inyuma y’itora, Jeffries yabwiye abamenyeshamakuru ko gushirwa imbere icese ari “iteka rikomeye cane n’akaryo kadasanzwe”.

    Kuva ku wa gatatu, aba Démocrates bazoba bafise n'imiburiburi ibibanza 257 mu Nama Nshingamateka vyo mu mwaka uza. Ivyo bitigiri birasumba kure ibibanza 218 bikenewe kugira umugambwe ugire ubwiganze. Ariko, haracari uburere indwi ivyavuye mu matora bitaramenyekana.

    Jeffries, aserukira intara imwe yo mu karere ka New York, yasubiye gutorerwa kuyobora umugambwe w’aba Démocrates mw'itora ryabaye ku wa gatatu, ryabereye mu mwiherero. Yaronse amajwi 251, mu gihe 11 gusa ari yo yamurwanije.

    Kuva mu 2023, yari asanzwe ari umuyobozi w’aba Démocrates bari mu Nama Nshingamateka, mu gihe uwo mugambwe utari ufise ubwiganze.

    Muri iki gihe, umurwi w'Abaserukira abanyagihugu b'Abirabure bari mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka za Amerika, ugizwe gusa n'abashingamateka b’aba Démocrates, wavuze ko Jeffries ashobora kwandika amateka mashasha mu gihe azoba atanguye kurongora urwo rwego.

    Mw’itangazo yasohoye, umukuru w'uwo murwi, Yvette Clarke, yagize ati: “Abanyamerika, cane cane bivuye ku bwinshi bw'abirabure bitavye amatora, mu buryo bwihariye abo mu bumanuko bw'igihugu, baratwizeye kugira dutume Washington ikora ku neza yabo”.

    Yarangije ati: “Ico tujejwe kandi dushobora no kubazwa, ni ugukora ibishoboka vyose kugira ntiduhemukire ico cizere batugiriye”.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Elon Musk avuga ko amafaranga ya mbere menshi yashyize mu matora yo hagati muri manda yatumye yumva ari 'umupfapfa cyane'

    Elon Musk arimo kuvugira mu ndangururamajwi azamuye ibiganza. Yambaye ikositimu y'umukara, ishati y'umweru na karuvati y'ubururu.

    Ku wa gatatu, Elon Musk yavuze ko yumvise ari “umupfapfa cyane” kubera amafaranga ya mbere menshi cyane yakoresheje mu matora yo hagati muri manda muri Amerika, nyuma yuko abo mu ishyaka ry’abarepubulikani bayatsinzwe cyane.

    Uwo muherwe wa mbere ku isi akaba n’umuyobozi nshingwabikorwa wa kompanyi Tesla y’imodoka zikoresha amashanyarazi na kompanyi SpaceX y’ibyogajuru, ni we wabaye umuterankunga wa mbere watanze amafaranga menshi cyane muri ayo matora.

    Yatanze miliyoni 446 z’amadolari – zingana na miliyari 650 FRW – zo gushyigikira iryo shyaka rya Perezida Donald Trump, by’umwihariko muri leta ya Texas aho kompanyi nyinshi za Musk zifite ibyicaro.

    Musk, washyigikiye ibikorwa bya Trump byo kwiyamamaza kuri manda ya kabiri, yanavuze ko ataba mu nkubiri ya MAGA, impine y’amagambo yo mu Cyongereza afitanye isano na Perezida Trump, y’abavuga ko bashaka kongera gutuma Amerika iba igihangange ku isi.

    Ishyaka ry’abademokarate ryatsindiye kugenzura imitwe yombi – abadepite n’abasenateri – y’inteko ishingamategeko y’Amerika, ribigeraho rinanditse amateka yo gutsinda muri leta zari zimaze imyaka ibarirwa muri za mirongo zitsindwamo n’abarepubulikani.

    Ayo matora yabonywe nko gutsindwa kwashegeshe Trump, uri ku gitutu kijyanye n’ingaruka igenamigambi rye ryagize ku kiguzi cy’imibereho muri Amerika.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.