Imvo n'imvano: Ni gute urwaruka amajana n'amajana rw'abarundi rwisanze mu ntambara muri Ukraine?

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ikaze mu kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 28 ukwezi kwa 11 mu 2026.

Ikiganiro c'uyu musi cerekeye urwaruka cane cane rw'abarundi baja mu gihugu c'Uburusiya bazi ko bagiye mu mirimo itandukanye ariko bakisanga ku Rugamba rw'intambara ico gihugu kiriko kirarwana na Ukraine. BBC Gahuzamiryango yarashoboye kumenya no kuvugana na bamwe mu Barundi bahuye n'ico kibazo. Bamwe ni abafatiwe ku rugamba muri Ukraine, abandi baracari ku rugamba. Hari abagiye kurwana babizi n'abagiye bazi ngo bagiye mu nama, kwiga canke mu bundi buzi.

Ivyo ntibishikira abarundi gusa. Icegeranyo c'iperereza ry'igihugu ca Ukraine kivuga ko inyuma y'aho ibihugu vya Kenya na Afrika y'Epfo bigeragereje kubuza ko abanyagihugu bavyo baguma bajanwa mu ntambara mu Burusiya, iki gihugu caciye gitangura kuronderera abagwanyi mu bindi bihugu harimwo Uburundi, Zimbabwe hamwe na Sierra Leone. Ico cegeranyo kivuga ko mu mezi 9 ya mbere y'uyu mwaka wa 2026, abarundi 699 ari bo bari bamaze gusinyiranira amasezerano n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya, ugereranije n'igitigiri c'abashika 30 gusa mu 2025. Kurungika abantu mu Burusiya vyahindutse urudandazwa rukomeye mu Burundi, aho ababandika barihisha amahera y'amarundi ari hagati y'umuriyoni n'imiriyoni zitatu. Bagenda bemerewe guhembwa amadorari ari hagati ya 1000 na 2000, mu marundi ni hagati ya miriyoni zitanu gushika kuri 10.

Mu cegeranyo ca Onu co ku wa 26 ukwezi kw'icumi 2026, umurwi mpuzamakungu wigenga wa Onu ushinzwe amatohoza kuri Ukraine wasanze ibihugu 29 ari vyo bifise abanyagihugu bagiye kugwana ku ruhande rw'Uburusiya. Abo bagenda bemerewe ubuzi. Bagishika bahabwa amasezerano yanditse mu kirusiya, ururimi batazi, bakabwirwa kuyashirako umukono bazi ko ari aya ka kazi, bakakwa ibitabo vy'inzira/passport hanyuma bakurizwa imodoka bagasanga bageze aho kwigishwa ivya gisirikare imbere yo kurungikwa ku rugamba.

Ubushikiranganji bwa Ukraine bujejwe imigenderanire buvuga ko gushika mu kwezi kw'umunani uyu mwaka, abanyafrika 486 bagwana ku ruhande rw'Uburusiya ari bo bari bamaze kwicwa ku barenga 3000 bamenyekanye, abandi 35 na bo bakaba ari imfungwa z'intambara muri ico gihugu. Muri kino kiganiro turaza kwumva ico abategetsi b'Uburundi bamaze gukora kuri iki kibazo. Uwundi duha ijambo ni umunyamategeko atubwira uko iki caha citwa.

Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mugiye kugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.