Ni ibiki biri mw'itangazo rusangi ryakurikiye inama idasanzwe yahuje Trump, Xi na Putin?

Putin, Xi na Trump
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ubushinwa, Uburusiya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyasohoye itangazo rusangi ryemeza ko bigiye gukomeza gukorana mu gukingira umutekano w'isi, kugabanya ingorane ziva ku birwanisho ruhonyanganda vy'ubumara (canke vya nikleyeri) no gutsimbataza umwumvikano hagati yavyo.

Ivyo ni bimwe mu vyumvikanyweko mu nama y'imbonekarimwe yahuje Perezida Xi Jinping, Perezida Vladimir Putin na Perezida Donald Trump.

Iyo nama yabereye i Shenzhen mu Bushinwa, mu gihe isi ihanzwe n'ibibazo bikomeye vy'umutekano n'amatati hagati y'ibihugu, yarangijwe n'itangazo ryiswe "Itangazo ry'Amahoro", ryashimikiye ahanini ku nyungu rusangi hagati y'ivyo bihugu, aho kwibanda ku gutorera umuti intambara zirangwa irya n'ino kw'isi.

Ikintu nyamukuru cavuye muri iyo nama ni uko abo bategetsi biyemeje kwirinda ko hoba intambara ya nikleyeri.

Mw'itangazo rusangi ryabo, bavuze ko ata "ruhande na rumwe rushobora gutsinda intambara ya nikleyeri" kandi ko "itegerezwa kutazigera irwanwa."

Biyemeje kandi gukomeza ibiganiro bigamije kugabanya ingorane zijanye n'ivyo birwanisho no guhagarika ikwiragira ryavyo.

Perezida Xi Jinping yavuze ko ivyo birwanisho ari "inkota y'ibiza imanitse hejuru ya kiremwamuntu", asigura ko bikwiye kuzokurwaho burundu.

Perezida Donald Trump na we yashimikiye ku kamaro ko gukorana hagati y'ivyo bihugu mu kurwanya ingorane ziterwa n'ikwirakwira ryavyo kw'isi yose.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abakuru b'ibi bihugu rutura baganiriye kandi ku kibazo c'intunganywa n'ihanahana ry'ibitoro, ibi bigashobora kugira ico bihinduye ku masoko ntanganguvu kw'isi.

Vyavuze kandi ko bishigikiye ubudahangarwa bw'abategetsi barongoye ibihugu imbere y'inzego zimwe zimwe mpuzamakungu. Iri tangazo rusangi rivuga ko Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI/ICC) hamwe n'izindi nzego zisa na yo zidategerezwa "gukoresha nabi ububasha zahawe". Muri vyo, nta na kimwe kiri muri iyo sentare.

Ibinyamakuru vyegamiye reta mu Bushinwa vyerekanye ko iyo nama isa n'iyagenze neza cane mu rwego rwa diporomasi.

Bisubiramwo amajambo ya Xi Jinping avuga ko ibiganiro "vyabaye vyiza, vyubaka kandi vyavuyemwo ivyiza vyinshi".

Yongeyeko ko abo bategetsi bumvukanye ko ibihugu rutura bikwiye kwubaha impungenge z'ibindi bihugu ku mutekano wavyo, bashimangira ko kubandanya ibiganiro ari yo nzira ishikana ku mahoro.

Abategetsi b'Uburusiya na bo nyene bashimye uko iyo nama yagenze, aho umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu Sergei Lavrov hamwe n'umujenama w'umukuru w'igihugu Yuri Ushakov bavuze ko ibiganiro vyabaye "vyiza".

Hagati aho, umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya), Dmitry Peskov, yavuze ko intambara yo muri Ukraine itari mu bibazo nyamukuru vyategerezwa kuganirwako.

Abihweza ibintu n'ibindi babona ko umwumvikano hagati ya Donald Trump, Xi Jinping na Vladimir Putin ari kirumara mu bibazo bihanze isi.

Kirill Babaev, umukuru w'Ikigo c'ubushakashatsi ku Bushinwa na Aziya (Institute of China and Contemporary Asia), yabwiye umunyamakuru Leanna Byrne ategura ikiganiro World Business Express ca BBC ko "gukomeza ubucuti burama" hagati ya Trump, Xi na Putin ari ikintu gihambaye mu mu guhanahana amakuru, hamwe no kutorera umuti amatati kw'isi.