Benshi babuzwe irengero inyuma y'uko ubwato bwari butwaye abimukira 100 buzamye hafi ya Sénégal

Abana bahagaze iruhande y'ibisigarira vy'ubwato bwagize isanganya hafi y'inkengera zo mu burengero bwa Sénégal, mu karere ka Yenne.
Insiguro y'isanamu, Ubwo bwato bwononekaye bwazanywe n'amazi gushika ku nkengera za Sénégal
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abategetsi muri Sénégal baracari mu gikorwa co kurondera abantu babuzwe irengero inyuma y'uko ubwato bivugwa ko bwari butwaye abimukira bashika 100 buzamye hafi y'inkengera z'ico gihugu.

Amakuru ya mbere yavuga ko hari hapfuye umuntu umwe gusa, ariko ibinyamakuru bimwe bimwe vyo muri ico gihugu vyavuze ko hamaze gukurwa mu mazi imivyimba nibura ine. Abandi benshi na bo ntibaratorwa.

Utuntu abari muri ubwo bwato bari bafise twagaragaye mu bisigarira vya bwo, inyuma y'uko buzamye bukononekara cane, hanyuma amazi akabushikana ku nkengera ziri hafi y'igisagara ca Yenne. Ibikorwa vyo kurondera ababuzwe vyarabandanije ku musi wa gatatu, bikaba vyari bitegekanijwe ko vyongera gutangura ku wa kane.

Iryo sanganya ribaye inyuma y'indwi zidashika zibiri habaye irindi ry'ubundi bwato bwari butwaye abimukira ryabereye hafi y'igisagara ca Thieppe, mu buraruko bushira uburengero bwa Sénégal, rihitana abantu nibura 39. Ni rimwe mu masanganya akomeye cane ajanye n'ingendo z'abimukira amaze kubera muri Sénégal.

Oumar Sow, aserukira umukuru w'umutumba, yavuze ko iryo sanganya riheruka ryabaye nk'isaha cume n'imwe zo mu bucagucagu (Amasaha yo mu Burundi no mu Rwanda).

Itororokanirizo ry'amakuru AFP rimusubiramwo, yagize ati: "Umuntu ari ku nkengera z'ikiyaga yarashobora kwumva amaborogo y'abantu bari muri ubwo bwato."

AFP yatangaje ko umwe mu barokotse iryo sanganya abajijwe n'abapolisi yavuze ko ubwo bwato bwari butwaye abantu bashika 100.

Abapolisi basanze mu bisigarira vy'ubwo bwato impapuro ndangamuntu, amaterefone ngendanwa menshi hamwe n'ibindi vyari bitunze abari muri bwo. Muri ivyo, harimwo n'igikoresho co kw'ishure bikekwa ko cari ic'umunyeshure yiga mu mashure yisumbuye.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu nama y'abashikiranganji yabaye ku musi wa gatatu, Perezida Diomaye Faye yagaragaje impungenge ku bijanye n'ukwiyongera kw'ingendo zitemewe z'abimukira bava muri Sénégal, bizeye gushika i Buraya.

Yasavye ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati gutegura icegeranyo gisuzuma imvo zituma abantu bafata izo ngendo zitera akaga, kikerekana n'ingingo zoshobora gufatwa kugira ico kibazo gitorerwe umuti.

Inyuma y'irindi sanganya ry'ubwato ryabaye mu kwezi guheze, Faye yari yahamagariye abanya Sénégal kutishira mu kaga ko guhitanwa n'urupfu mu kugerageza kujabuka ikiyaga.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bo muri Afrika yo mu Burengero baramaze gupfa canke bakaburwa irengero bariko bagerageza guhunga intambara, intwaro z'agahotoro canke ubukene.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe abimukira (IOM) ryavuze mu kwezi guheze ko ryari rimaze kwandika abantu nibura 454 bapfuye canke babuzwe irengero muri uyu mwaka gusa, bariko bagerageza guca mw'ibahari Atlantique, hafi y'inkengera zo mu Burengero bwa Afrika.

Iryo shirahamwe ryagabishije ko ico gitigiri gishobora kuba kiri munsi y'ic'ukuri, kuko hari ubwato bwinshi buzama ntihagire umuntu n'umwe arokoka canke ngo hasigare ikimenyetso na kimwe c'ivyabashikiye.