Emwe hariho n'abavuze ko nabataburiye ama 'décret', ariko si vyo – Angeline Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, UN
Mu kiganiro cihariye na BBC Gahuzamiryango, umutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Angeline Ndayishimiye, yarishuye ku bibazo bitandukanye ku migambi yiwe no ku bikunze kumuvugwako bifitaniye isano na politike y'Uburundi.
Kimwe mu bivugwa kenshi ku mbuga ngurukanabumenyi na nyagiro, ni uko yoba yivanga mu mabanga y'umukuru w'igihugu, akamuja mu matwi. Hari n'abavuga ko uwo adashatse adashobora kugenwa mu mabanga y'igihugu aya canke ariya.
Abivugako iki?
"Barabivuga ariko si vyo", ni ko yishura BBC Gahuzamiryango.
Abandanya ati: "Emwe hariho n'abavuze ko nabataburiye ama 'décret'. Jewe noyitabura gute kandi 'décret'idasinyirwa muri salon?"
Ku bwiwe, abavuga ivyo ni ababona ibintu biriko birakorwa batigeze babona kuva Uburundi bucitwa Uburundi. Afatira ku kungene ivyo arangura "bishimwa ku rwego rw'isi".
Yishura umumenyeshamakuru wa BBC Gahuzamiryango, Angeline agira ati: " None wari bwabone agashimwe k'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi?"
Aho yavuga yishimikije ubushimwe bubiri aherutse guhabwa na ONU. Kamwe yakaronse ku guti ciwe akandi gahabwa ishirahamwe ryiwe Fondation Mugiraneza, biciye mu gisata cahariwe gukurikirana ibijanye n'igwirirana ry'abantu UNFPA.
Asigura ko ubwo bushimwe yabuhawe kubera ibikorwa arangura mu gisata c'amagara no mu gisata c'indero.
Angeline abona ko ivyo hari abo bitera inzigo n'ishari, bagaca bagerageza kumuhungabanya.
Agira ati: " Babikoze ngashavura boba batsinze. Nanje kugira ndabatsinde, ndabereka ko ivyo nkora bituma n'amakungu avyemeza. Si ubwenge bwanje, si inkomezi mfise zisumba iz'abandi, ni Imana ibona ko bikwiye, hama igaca impezagira muri ubwo buryo".
Ibiro vya Angeline n'ivy'Umukuru w'igihugu birinjiranamwo?
Iki ni ikindi kiri mu bivugwa cane. Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu akunze gutungwa agatoke ku mbuga zitandukanye ko aburabuza abakozi bo ku kirimba c'Umukuru w'igihugu, bigatuma badakora akazi kabo neza. Na co nyene caragarutsweko mu kiganiro cihariye na BBC Gahuzamiryango.
Yishura ati: "Ivyo biro rero uko babivuga ngo birinjiranamwo, unahagiye n'inzira si zimwe, jewe ngenda uku (yerekana iburyo), nabo sinzi ko bagenda kuriya (yerekana ibubamfu) kubera ntidusangiye aho dukorera".
Angeline abandanya ati: "Hari n'abahindura amajwi bakavuga ngo ndabatera ubwoba, ata na rimwe dushobora guhura, jewe ndurira ingazi ntera nduga mu biro vy'iwanje, n'abakozi ntiduhura".
"Ubiravye ivyo bavuga jewe birampa intege, birankomeza, ntibimpungabanya".
Mu bihe bigoye Angeline aba hafi gute umugabo wiwe?
Umukuru w'igihugu, mu mabanga yiwe, ahangwa na vyinshi mu gihugu. Ibigoye cane bimena umutwe n'ivyoroshe.
BBC Gahuzamiryango yarashatse kumenya ingene Angeline Ndayishimiye aba hafi umugabo wiwe, mu bihe bigoye, kugira amutere intege gurtyo ashobore kuronka inkomezi zo kubandanya arangura imirimo abarundi bamushinze.
" Jewe rero ibintu bimugora canke bigira gute, hari amabanga y'akazi ntashobora kumenya", ni ko Angeline atangura, ariko arishura.
Avuga ko, nk'umunarugo, ashigikira umugabo wiwe biciye mu vy'urugo, ivyo umukenyezi asanzwe ajejwe.
"Ntataha hama nanje ngo ndamushiremwo ama 'dossier' amumena umutwe. Ataha ndamubera inyishu, ndamwereka ingene ivyo mu rugo bitunganijwe, ingene ivy'umuryango bitunganijwe, …"
"…nkamwereka abana ingene bariko bariga, nkamubwira ukuntu abana biriwe, hama ndamubwiye ko biriwe neza bica bimwibagiza ivyo vyose biba vyamuruhishije".
"Kandi si wa wundi kugira abana bamubona babanza gusaba umubonano. Arajamwo akadutera inkuru, akaduteramisha, tukanezerwa, kuko nanje mba mfise ivyanduhishije... Singenda ndamushira iminihiro mu rugo, ngenda twuzuzanya ku vy'umuryango".
Angeline Ndayishimiye aracaronka akanya ko gukinjikira Umucance wiwe?
Kuri iki umutambukanyi w'umukuru w'igihugu yishura ati: " None, hari umukenyezi yobura umwanya wo gukinjika utwo kurya? Ntiyoba ari umukenyezi. Erega Angeline Ndayishimiye ni umunarugo nk'abandi".
Abandanya ati: "Jewe mu bisanzwe, gushika n'ino saha, ivyo kurya ntiteguriye ndabifungura nko gufungura gusa. Sindabifungura ngo biba bindyoheye".
Imigenderanire n'abahoze ari abagore b'abakuru b'igihugu yifashe gute?
Angeline Ndayishimiye yabwiye BBC Gahuzamiryango ko afitaniye imigenderanire myiza n'abahoze ari abagore b'abakuru b'Uburundi.
Ati: "Dufitaniye imigenderanire y'abavukana, imfura mu muryango, ubuheta, …kurya nyene abavukana bakurikirana baganira".
"Turavugana cane, n'imanza turamariranira. Vyose, no gutemberanira turatemberanira".
Ariko ashimangira ati: "Uwo tutaratemberanira ni Muka Micombero nukuri. Jewe sinoja kubabesha. Muhira iwe ntaho nzi. Ntituvugana nukuri, jewe sinzi kubesha".
Ikiganiro Angeline Ndayishimiye yagiranye na BBC Gahuzamiryango ushobora kugisanga kuri : https://www.youtube.com/@bbcnewsgahuza












