Kuki abasaba ubuhingiro bariko barungikwa mu Rwanda, hagenda bangahe?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bamwe mu bashika kurondera ubuhungiro muri UK bazorungikwa mu Rwanda kugira ivyabo vyo gusaba ubuhungiro vyigwe nâico gihugu.
Uwo mugambi wâubuhungiro mu Rwanda uteye gute?
Uwo mugambi ugiye kugeragezwa ku kiringo câimyaka itanu uzorungika bamwe mu mpunzi mu Rwanda, kugira baje gusaba ubuhungiro muri ico gihugu.
 Aba mbere bitezwe kurungikwa kuri uyu wa kabiri itariki 14 ukwezi kwa Ruheshi (kwa 6).
 Uwo mugambi werekeye cane cane abimukira bakiri bato kandi bakiri bonyene (celibataires) bashika baciye mu buryo reta ivuga ko  ââbunyuranye nâamategeko, bubangamye canke budakenewe,â nko mu bwato canke mu kwinyegeza mu ma kamyo.
Umushikiranganji wa mbere wâUbwongereza Boris Jonhson yavuze ko Urwanda arirwo ruzokwitaho abarungitsweyo, rubahe amahirwe angana mu kuronka ubuzi nâibindi vya nkenerwa.

Ni bangahe bashobora kurungikwa mu Rwanda?
Uwari we wese yinjiye mu Bwongereza inyuma yâitariki ya 1 Nzero (ukwezi kwa mbere) ashobora kurungikwa, ataho kugarukiriza ku gitigiri, nkâuko umushikiranganji wa mbere yavuze.
Ubwa mbere abantu 37 ni bo bari kurungikwa ku wa kabiri, ariko ubushikiranganji bwâintwaro yo hagati mu gihugu bwabwiye BBC ko intambamyi zifatiye ku mategeko zagabanuye cane ico gitigiri.
Ubushikiranganji bwâintwaro yo hagati buvuga ko abantu umunani aribo baja kurungikwa muri iyo ndege, ariko ishirahamwe ryâabagiraneza Care4Calais rivuga ko abo bantu ari indwi gusa.
Umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire Liz Truss yashimangiye ko indege yo ku wa kabiri ija guhaguruka, nâaho yoba itwaye abantu bari ku rushi.
Yongeyeko ati: ââNâubwo boba batari ku ndege yâuyu munsi, bazogenda mu ndege zikurikira zizoja mu Rwanda.â
Intambamyi zishingiye ku mategeko
Amashirahamwe yâabagiraneza nâabashingwamanza bahagarariye  abarondera ubuhungiro batanguje urugamba rushingiye ku mategeko rwo kurwanya uwo mugambi , bavuga ko bafise amakenga ku gateka ka zina muntu.
Ku wa mbere sentare isubiramwo imanza  yanse kubuza indege kujana mu Rwanda aba mbere mu basaba ubuhungiro ku rubanza rwari rwashingishijwe na sendika Public and Commercial Services Union hamwe nâamashirahamwe yâabagiraneza Care4Calais na Detention Action.
Hari nâizindi ntambamyi zishingiye ku mategeko nazo zija kwumvirizwa muri sentare imbere yâuko indege ihagaruka.
Asylum Aid ivuga ko ukurungika abarondera ubuhungiro ari akarenganyo kuko ata mwanya ukwiye uhari kugirango baronke ubwunganizi mu mategeko kandi bunguruze urubanza rwâuburenganzira bwo kuguma mu Bwongereza.
Ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu afise amakenga niba Urwanda koko ari igihugu gitekanye co kurungikamwo abo bantu, akagabisha ko uwo mugambi uteye kubiri nâamasezerano yâishirahamwe rya Buraya yerekeye agateka ka zina muntu.
Umushikirangani wa mbere yavuze ko reta yari yabonye hakiri kare ko hazoba ââabashingwamanza bakerebutseâ bazobera intambamyi uwo mugambi.
Yagirije abaharanira uburenganzira kurondera ko  âikibazo câabimukira  kirabwa imiryango yuguruyeâ, avuga ko   bikenewe cane ko âhahagarikwa ibikorwa vyâimigwi vyâinkozi zâikibiâ vyo kujabutsa abantu mu kinyegero.
Amakuru avuga ko Urwanda rwasubiyemwo amazu yâuburaro hafi yâumurwa mukuru Kigali kugura azokwakire abo bimukira barungikwa bavuye mu Bwongereza.
Ico gihugu gisanzwe gihaye indaro impunzi 150.000 ziva mu  bihugu bibanyi vyâUburundi  na Repuburika ya Demokrasi ya Congo.
Rusanzwe ruhaye indaro kandi abimukira bagerageje kujabuka Mediterranee baja i Buraya baciye muri Libya.
Bamwe bakora nkâabarimyi, abandi nkâabakozi bo mu ngo. Benshi nta kazi bafise, babeshejweho nâimfashanyo ya reta yâama pound 35 (arenga ibihumbi 40 vyâamafaranga yâUrwanda) ku kwezi.
Reta yâUrwanda ivuga ko igihugu cakoze ââigitangaroââ câiterambere kuva mu 1994, igihe jenoside yahitana abantu barenga 800.000.
Amafaranga umunyagihugu yinjiza ku mwaka yariyongeye cane kuva ico gihe. Imyaka yo  kuramba  yiyongeye incuro icumi kuva mu 1990 ishika ku 69.
 Ariko abashika 70 kwâijana ku  banyagihugu miriyoni 13, babeshejweho nâukurima, bisigura ko barya, badashora ivyo bimbura.
Bizotwara amafaranga angana gute?
Reta ivuga ko ugusaba ubuhungiro mu Bwongereza ubu bitwara miriyaridi 1,5 zâama pound ku mwaka, ayarenga miriyoni 4,7 zâama pound akaba akoreshwa buri munsi mu kuriha amahoteri abimukira batagira uburaro  bashirwamwo.
Kubakura mu Bwongereza nâindege zakoteshejwe vyatwa ama ama pound arenga 13.000 ku muntu mu 2020.
Umushikiranganji wâintwaro yo hagati Tom Pursglove yavuze ko amafaranga angana miriyoni 120 zâama pound yâibanze azoheza agakurikirwa nâayandi azohabwa Urwanda mu gihe ruzoba rubandanya kwakira abandi.
 Ubwongereza bugiye gushira kandi miriyoni 120 zâama pound mwâiterambere nâizamuka ryâubutunzi vyâUrwanda.
Yavuze ko amafaranga azosohoka âasa nâayangana nâayo dusanzwe dusohora muri iki gihe ku basaba ubuhungiroâ, kandi ko âku gihe kirekire, mu kugabanya umuzo, ivyo bizodufasha kubika amafarangaâ. Â
Ariko, uwukurikirana ibibazo vyo mu ntwaro hagati mu mugambwe utavuga rumwe nâubutegetsi Yvette Cooper yavuze ko âamafaranga yose azokoreshwa azoba menshi kurushaâ.
Habaye igereranywa nâamafaranga Austrialia isohora kugira ama dosiye yâabarondera ubuhungiro muri ico gihugu yigirwe hanze, ayo nayo akaba yangana na miriyoni 546 zâama pound mu 2021-22.
Liz Truss  yanse kuvuga amafaranga indege yo ku wa kabiri izotwara, ahubwo avuga ko ikiguzi ku gucuruza abantu no kurondera ubuhungiro mu buryo butemewe nâamategeko bitwara amafaranga  âmenshi caneâ umutangakori. Â
Uwo mugambi uzobuza abantu kujabuka?
Uwo mugambi wo mu Rwanda wamenyeshejwe ubwa mbere na reta yâUbwongereza itariki 14 Ndamukiza (ukwezi kwa kane).
Hagati yâitariki 18 Ndamukiza na 5 Ruheshi (ukwa gatandatu), abarondera ubuhungiro bashika 3.599 nibo bizwi ko bajabutse mu bwato buto buto, hakurikijwe ibitigiri bitangwa nâubushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Nâubwo abo bantu ari bake ugereranije na 4.554 binjiye hagati ya Ndamukiza na Ruheshi 2021, igitigiri gishobora kwiyongera  niyo haboneka  ibiharuro vyose vyâikiringo co hagati ya Ndamukiza na Ruheshi.
 Mu mwaka wose wa 2021, abantu 28.526 bazwi ko bajabutse mu bwato buto buto â bavuye ku 8.404 mu 2020. Igitigiri cose câuyu mwaka citezwe ko kizoba kiri hejuru cane kuruta mu mwaka uheze, nkâuko bivugwa  nâabarongoye sendika Border Force.
 Mu 2021, 75 kwâijana yâabaje bari abagabo bari hagati yâimyaka 18 na 39. Abashika 5 kwâijana bari abagabo bafise imyaka irenga 40, 7 kwâijana bari abagore bafise imyaka irenga 18, abana bafise munsi yâimyaka 18 bangana na 12 kwâijana (muri abo batatu kuri bane bakaba bari abahungu).
 Imbere yâaho abanya-Iran nibo bari benshi mu baza - 80 kwâijana mu 2018, na 66 kwâijana mu 2019.
 Ubu vuba abantu barushirijeho kuba uruvange rwâibihugu barurukamwo. Abanya-Iran bashika 30 kwâijana yâabaza mu bwato buto buto mu mwaka uheze, mu gihe 21 kwâijana bari abanya-Iraq, 11 kwâijana abanya-Eritrea na 9 kwâijana bâabanya-Syria hakuwrikijwe ibiharuro bitangwa nâubushikiranganji bwâintwaro yo hagati.
Â
Â















