Afcon 2025: Maroc na Sénégal barindiriye ingingo ya nyuma y'ubutungane inyuma y'urubanza

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, Ian Williams
- Igikorwa, BBC Sport Afrika
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Umuntu wese arazi ko urukino rw'umupira w'amaguru rukwiye kumara iminota 90. Ariko urukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika (AFCON) ryo mu 2025 rumaze amezi 10 ruriko ruca mu zindi nzira.
Amaherezo, igihugu kimwe hagati ya Maroc na Sénégal ni co kizotangazwa ko catahukanye igikombe. Ariko ako karyo k'iteka n'umunezero kazobera muri sentare aho kubera mu kibuga.
Ku wa kabiri ku muhingamo, urwego rusumba izindi mu vy'amategeko agenga inkino, ruzosoma ingingo yafashwe mu rubanza Sénégal yungurujemwo isaba ko hafutwa ingingo yo kwaka iki gihugu igikombe yari yibaza ko yatahukanye muri Nzero (1), mu rukino yakinye na Maroc yari yakiriye iryo higanwa i Rabat.
Urubanza rwumvirijwe mu ntango za Gitugutu (10), kandi ikiringo co kurindira ingingo ya nyuma gisa n'icarangiye.
None vyagenze gute ngo ibintu bigere aha?
Ni ibiki vyabaye mu rukino rwa nyuma rwa AFCON?
Abafana 66.000 bari buzuye kuri Stade Prince Moulay Abdellah, bakaba bari batumye haba umunezero n'akanyamuneza kadasanzwe, ico gihe Maroc ikaba yariko irondera gutahukana igikombe ca AFCON ku ncuro ya mbere kuva mu 1976.
Ariko urukino rwa nyuma rwahavuye rujamwo akajagari gakomeye, mu minota y'inyongera inyuma y'igice ca kabiri.
Mu gihe bwari bukiri ubusa ku bundi, Sénégal yibaza ko Ismaila Sarr yari yinjije igitsindo gikomeye cotumye itsinda. Ariko yahavuye ibona ko umuhagarikizi Jean Jacques Ndala yari yamaze kuvuza ifirimbi, atanga kuri Maroc uburenganzira bwo guhana hakoreshejwe gutera umupira uteretse hasi, ikizwi nka 'coup franc'.
Ibintu vyaciye biba nabi kurushiriza ku munota wa 98, igihe Ndala, amaze gusuzuma amashusho ya VAR, yaha Maroc penaliti.
Ishavu ryaraduze rwose ku ruhande rw'ikibuga no mu bibanza abafana bicaramwo. Umumenyereza wa Sénégal, Pape Thiaw, yaciye ajana bamwe mu bakinyi n'abakozi b'umurwi mu vyumba vyo kwambariramwo, mu gihe abafana bariko batana mu mitwe n'abajejwe umutekano, maze urukino rurahungabana akanya gato.
Urukino rwahavuye rusubira kubandanya, maze ku munota wa 124, Maroc irahusha akaryo gakomeye ko kurangiza ikiringo c'imyaka 50 irindiriye intsinzi ku rwego rw'umugabane wa Afrika, ngo ibone gutwara igikombe. Brahim Diaz ntiyashoboye gutsinda penaliti, ahubwo atera umupira mu buryo bwa "Panenka", awurungika mu maboko y'umuzamu Edouard Mendy.
Igitsindo Pape Gueye yatsinze mu minota y'inyongera ni co catumye Sénégal itsinda 1-0, maze itahukana igikombe ku ncuro ya kabiri.
Canke ni ko bari bavyibaza.
Kuki ivyavuye mu rukino rwa nyuma rwa AFCON vyahinduwe?
End of podcast promotion
Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Maroc (FMRF) ryaciye ritanga ikirego mu buryo bwihuse mw'Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Afrika (CAF), rivuga ko Sénégal yarenze ku mategeko agenga ihiganwa.
Ingingo ya 82, mu gice citwa "Kwikura mw'ihiganwa", ivuga iti: "Igihe cose, ku mvo iyo ari yo yose, umurwi [...] wanse gukina canke ukava mu kibuga imbere y'uko urukino rurangira mu buryo busanzwe, ata ruhusha rw'umuhagarikizi ufise", uwo murwi "uzofatwa nk'uwatsinzwe kandi ukavanwa mw'ihiganwa ririko riraba".
Muri Ntwarante (3), igisata ca CAF kijejwe guca imanza mwene izi, carumvirije ibirego maze gifata ingingo y'uko Sénégal yatsinzwe kubera yikuye mu rukino, maze giha Maroc intsinzi y'ibitsindo 3-0.
N'ubwo hari izindi ngingo CAF yigeze gufata muri kahise zo guhindura ivyavuye mu nkino mu mahiganwa ya AFCON no mu y'ugukuranamwo hagati y'imigwi irondera kuja mu Gikombe c'Isi, hari abantu bamwe, harimwo n'uwahoze ari umukozi mukuru wa CAF, bavuze ko umuhagarikizi ari we wenyene afise ububasha bwo guhagarika burundu urukino igihe umurwi wikuye mu kibuga.
Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Maroc (FMRF) ryavuze ko ryasaba ko amategeko agenga ihiganwa akurikizwa uko bikwiye. Ariko Ishirahamwe ry'Umupira w'Amaguru muri Sénégal (FSF) ryavuze ko iyo ngingo "itari iy'ubutungane, itigeze ibaho kandi itemewe", maze rirunguruza".













