IKIBIRIRAHO , Ubwato bw’intambara bw’Uburusiya bwononekaye cane mu gitero bikekwa ko cakozwe na drone muri Libya

Abategetsi ba Libya ntibavuga uwoba ari inyuma y’ico gitero, ariko amakuru avuga ko abahinga ba Ukraine mu vy'amadrone bariko bakorera mu buseruko bwa Libya.

Incamake

Ubwato bw'intambara bw'Uburusiya bwononekaye cane mu gitero bikekwa ko cakozwe na drone muri Libya

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Anne-Marie Niwemwiza

  1. Ubwato bw’intambara bw’Uburusiya bwononekaye cane mu gitero bikekwa ko cakozwe na drone muri Libya

    Merkury
    Insiguro y'isanamu, Nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru bitandukanye, ubwato bwa gisirikare bw'Uburusiya bwitwa Merkury bushobora kuba bwaturikiye ku kivuko ca Benghazi. (Iyi foto yafatiwe ku kivuko ca Baltiysk mu 2023)

    Ubwato bw’intambara bw’Uburusiya bwari buhagaze ku kivuko ca Benghazi mu buseruko bwa Libya bwononekaye cane mu gitero abategetsi bavuga ko gishobora kuba cakozwe n’indege itajamwo umudereva (drone).

    Reta igenzura ubuseruko bwa Libya yatangaje ko ibiturika vyumvikanye ejo ku wa Mungu ku bwato bw’Uburusiya bwari ku kigo c’ingabo zo mu mazi hafi ya Benghazi. Amafoto yafashwe n’ibigendajuru yerekana ko ubwo bwato bwahengamye cane kandi buri hafi yo kwibira, hasigaye igice c’imbere gusa kigaragara hejuru y’amazi.

    Ubwo bwato bwamenyekanye kw’izina rya Merkury, Ubwato buto bw’intambara bufitaniye isano n’amato y’intambara y’Uburusiya akorera mu Kiyaga Cirabura. Abategetsi ba Libya bavuga ko bwari bwahagaze i Benghazi kugira bunywe igitoro bwongere bupakire imizigo hanyuma busubire mu Burusiya.

    Abategetsi bakeka ko muri ico gitero hakoreshejwe amadrone yo mu mazi yari atekeye ibiturika, ariko nta ruhande na rumwe ruraciyitirira. Uburusiya na bwo nyene ntiburagira ico bubivugako.

    Amafoto yerekana uubwato buriko burasha
    Insiguro y'isanamu, Amafoto y'ibigendajuru yerekana ubwato buriko burasha ku kivuko

    Amakuru ava mu buvuzi avuga ko ata wapfuye muri ico gitero, ariko ko abantu nka 10 bahakomerekeye.

    Mu kindi gitero cabaye ejo nyene, ubwato bw’ubudandaji bufise ibendera rya Malte na bwo bwaratewe hafi y’inkombe za Benghazi. Abategetsi bavuga ko abasare bose barokowe n’ingabo za Libya zirwanira mu mazi.

    Ibinyamakuru vyo muri Libya vyavuze ko inzego z’umutekano zasamiye mu kirere amadrone ashika 12 yari atekeye ibiturika hejuru ya Benghazi mu gihe haba ivyo bitero.

    Ubutegetsi bwo mu buseruko bwa Libya bwateye ivyatsi ivyo bitero, ivuga ko bihonyanga ubugusire n’umutekano wo mu mazi vy’ico gihugu, bushimangira kandi ko Libya idakwiye guhinduka urwasiro rw’intambara mvamahanga.

    Abategetsi kandi bashimangira ko Libya ata ruhande urwo ari rwo rwose yegamiye mu ntambara hagati y’Uburusiya na Ukraine.

    Ntibatangaje uwoba ari inyuma y’ivyo bitero, ariko amakuru avuga ko abahinga ba Ukraine mu gukoresha no kuyobora amadrone bariko bakorera mu buseruko bwa Libya.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  2. Mwaramutse.

    Kaze dutangurane ino ndwi tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.