Trump yashizeho umurwi yise 'Super Intelligence Force' uzokurikirana ivy'ubwenge bw'ubukorano (AI)

Perezida wa Amerika Donald Trump yumviriza ikibazo c’umunyamakuru mu biro vyiwe muri White House.
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Perezida wa Amerika Donald Trump avuga ko yashizeho umurwi mushasha uzokurikirana ivy'ubwenge bw'ubukorano, ukazoba urongowe n'umukuru w'iperereza ry'igihugu, Jay Clayton.

Uwo murwi yise "Super Intelligence Force" uzokora kugira Amerika igume iza imbere mw'iterambere ry'ubwo buhinga, wongere uhuze ibikorwa vya reta n'abanyagihugu, nk'uko Trump yabitangaje ku wa Mungu.

Ivyo bije inyuma y'aho Trump ashiriye umukono kw'itegeko ryo ku wa 29 Nyakanga(9) rihindura izina Artificial Intelligence rikaba Super Intelligence. Trump yari yavuze ko ijambo artificial rituma ubwo buhinga bwumvikana nk'"ubw'ikinyoma".

Mu ndwi iheze, Trump yavuze kandi ko azoshiraho umurwi uzohagarikira umutekano wa AI, inyuma y'aho abakuru b'amashirahamwe akomeye y'ubuhinga basinyiye amasezerano yavuze ko "abategeka mu bijanye n'inyifato ibereye".

Trump yanditse ati: "Super Intelligence Force izohuza ibikorwa vya reta n'abaguzi, amashirahamwe aharanira ineza y'abanyagihugu, amashirahamwe y'amadini, abajejwe ibikorwa remezo bihambaye hamwe n'amashirahamwe ya Super Intelligence."

Umukuru w'ikigo kijejwe ubudandaji, Andrew Ferguson, umunyamabanga ajejwe ubushakashatsi n'ubuhinga mu bushikiranganji bw'igisirikare , Emil Michael, hamwe n'umuyobozi w'ibiro bijejwe abakozi ba reta, Scott Kupor, na bo bazoba bari muri uwo murwi.

Uwo murwi uzotanga icegeranyo c'ibikorwa vyawo ata wundi uciyeko kuri Perezida Trump no ku mukuru w'abakozi ba White House, Susie Wiles.

Clayton, azorongora uwo murwi, yatanguye amabanga yo gutwara iperereza rya Amerika muri Myandagaro(8) , inyuma y'aho Bill Pulte, uwo Trump yari yabanje gutora, yanswe n'abashingamateka.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ku bijanye na AI, Clayton yari yavuze ati: "Iyo ikintu ari akaryo ariko kandi kikaba n'akaga, utegerezwa kumenya neza uko ugicungera."

Clayton yabanje kuba umushikirizamanza wa Amerika mu karere ko mubumanuko bwa New York, aho yakurikiranye imanza zikomeye zitandukanye, harimwo urubanza rwo gucuruza ibiyayuramutwe rwagirijwe Nicholas Maduro yahoze ari Perezida wa Venezuela.

Ishingwa ry'uwo murwi rije mu gihe abantu bakomeye mu gisata c'ubuhinga, harimwo abayobozi ba OpenAI na Anthropic, bariko basaba ko amategeko agenga AI akomezwa.

Mu kiganiro casohotse ku wa 4 Gitugutu, uwutwara OpenAI, Sam Altman, yavuze ko ivyiza vya AI bituma hari zimwe mu ngaruka zayo zikwiye kwemerwa, kandi ko ubwo buhinga bukwiye kuguma bushikira abantu bose.

Altman yabwiye ikinyamakuru Decoded ca Politico ati: "Isi ikwiye kwemera ko hari ibintu bibi bishobora kuba kubera ivyiza ubu buhinga buzana no kugira abantu bagume bafise uburenganzira bwo kwihitiramwo."

Trump yaranse ivyifuzo vyo gukaza amategeko agenga AI, ahanini arekera amashirahamwe akora ubwo buhinga kwigenzura.

Amasezerano yashizweko umukono ku wa 29 Nyakanga(9) arimwo imikono y'abatwara amashirahamwe akomeye y'ubuhinga nka OpenAI, Anthropic, SpaceX na Google.

Jay Clayton, yari yatanzwe na Perezida Donald Trump ngo abe umuyobozi w’iperereza ry’igihugu ca Amerika, ari mu nama ya Sena yo kwemeza ko ahabwa ayo mabanga i Washington DC.
Insiguro y'isanamu, Umukuru w'iperereza ry'igihugu ca Amerika, Jay Clayton.

Perezida Trump yarashize kandi umukono kw'itegeko ritegeka ubushikiranganji n'ibigo vya reta ya Amerika gutangura gukoresha amajambo "SI" na "Super Intelligence", ntibisubire gukoresha ijambo Artificial Intelligence ryahora rikoreshwa mu gusigura ubwenge bw'ubukorano.

Iryo tegeko rivuga ko SI izosubirira AI mu makete y'akazi ya reta, ku mbuga za internet, mu vyegeranyo no mu bundi buryo bwo gutanga amakuru.

Abahinga bamwe baribajije ku mpamvu yo guhindura iryo zina, bavuga ko gukoresha "Super Intelligence" bishobora guhuvya abantu, kuko iryo jambo risanzwe risigura ubuhinga buteye imbere cane kuruta AI.

Bamwe mu bategetsi bakomeye mu vy'ubuhinga baramaze gutangura gukoresha iryo zina rishasha. Muri bo harimwo umugwizatunga Elon Musk, yavuze ku mbuga hwaniro ku wa Mungu ko azohindura izina ry'urubuga rwa AI rw'ishirahamwe ryiwe SpaceXAI, rukitwa SpaceXSI.

Musk yanditse ati: "SpaceX ni ishirahamwe rikoresha 'Super Intelligence'."

Umukuru wa Tesla aherutse gusubizwa muri reta ya Amerika kugira abe mu mugambi wo kwiga ibijanye n'intambara zo muri kazoza.

Musk yari yarigeze gukorera mu butegetsi bwa Trump, atwara urwego rwiswe Department of Government Efficiency(urwego rwari rujejwe gukurikirana ko reta ikora neza), imbere y'uko ava muri ayo mabanga inyuma y'ukutumvikana na Trump.