Uko Uburusiya buriko buragerageza kuduza iterambere rya Koreya ya Ruguru

Umugabo yambaye ikositime n'ikaruvati vyirabura, ishati yera, ahagaze imbere ya camera, aboneka nk'umumenyeshamakuru ariko aratanga amakuru. Inyuma yiwe hari ibishusho bibiri vy'ibibumbano, kimwe kiramvuye ukuboko kikwerekeza ahantu hatamenyekana.

Ahavuye isanamu, R 24

Insiguro y'isanamu, Umugabo yambaye ikositime n'ikaruvati vyirabura, ishati yera, ahagaze imbere ya camera, aboneka nk'umumenyeshamakuru ariko aratanga amakuru
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Urunani rw'ibinyamakuru n'imboneshakure bigenzurwa na reta mu Burusiya rwaratunganije ikiganiro kidasanzwe rufadikanije na Radiyo Korea (ifise icicaro mu Burusiya). Muri ico kiganiro, Koreya ya Ruguru idondorwa nk'igihugu c'ubutunzi buriko burakura, igisata c'imibano kiriko kiraguka, hamwe n'urwego rw'amahinguriro ruri ku murindi munini w'iterambere.

Ico kiganiro cabaye iminsi itatu gusa inyuma y'ukwibuka ibitero vyagizwe na Ukraine mu karere ka Kursk mu Burusiya, kigashimagiza uruhara igisirikare ca Koreya ya Ruguru cagize mu gufasha Uburusiya guhangana n'ivyo bitero no kwomora ingabo za Ukraine muri ako karere. Pyongyang igaragazwa nk'umufasha rudende wa Moscow yemewe ku mugaragaro ku rubuga rw'intambara.

Muri ico kiganiro, ugufashanya mu vya gisirikare hagati y'Uburusiya na Koreya ya Ruguru kudondorwa nk'ikimenyetso kiranga "ugushigikirana mu bisata nkoramutima" hagati y'ibihugu vyompi, hagashimikwa cane no ku ruhara rwa Pyongyang mu gushigikira ivyiyumviro n'igihagararo vy'Uburusiya.

N'ubwo iki kiganiro cahawe umwanya munini mu bimenyeshamakuru vya reta y'Uburusiya, nta jambo ryahawe abahinga batandukanye mu vya politike n'abandi basanzwe batanga ivyiyumviro bazwi cane.

Ariko rero, ikimenyeshamakuru kitavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya kiranegura ico kiganiro aho kivuga ko catunganijwe nabi kandi ko ihangiro ryo kugerageza kwerekana Koreya ya Ruguru nk'akarorero k'iterambere ry'ubutunzi n'imibano ritashoboye gushikwako.

Imboneshakure Russia 24 yaratunganije ikiganiro kirekire ciswe "Igitangaro ca Koreya: Uko Koreya ya Ruguru iriko iratera imbere n'ubwo ibihugu vyo mu Burengero vyayifatiye ibihano." Ico kiganiro cerekana urugendo rw'umumenyeshamakuru w'Uburusiya, Mikhail Popov, i Pyongyang.

Mikhail Popov avuga ko ashaka kurwanya iciyumviro kimaze gukwiragira kivuga ko abanyagihugu ba Koreya ya Ruguru bageramiwe rwose n'ikena ry'ibifungurwa.

Muri urwo rugendo, aherekejwe na Andrei Shin, umwanditsi mukuru wa Radio Korea ifise icicaro mu Burusiya, avuga ko vyamutwaye nk'amezi 16 kugira aronke uruhusha rwo gufatira amasanamu muri ico gihugu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu ntango y'urugendo rwerekeza i Pyongyang, iyo 'film' igaruka ku kuntu muri ico gihugu hari ikena rya internet. Ariko aho kuridondora nk'intambamyi, ivuga ko ari ikintu gitanga agahengwe.

Andrei Shin agira ati: « Iyo ushitse i Pyongyang, nta internet iba ikiri muri terefone yawe ngendanwa. Kandi bituma nca niyumva nk'uwubohotse, nk'uwiyambuye imigozi ya internet. »

Naho iyo film ivuga ko internet iboneka ku rugero ruto, yerekana ko umuyagankuba uboneka neza rwose ku murwa mukuru wa Koreya ya Ruguru.

Ariko yerekana amashusho ya Pyongyang yafashwe mw'ijoro, Mikhail Popov agira ati: « Aya masanamu ntiyakozwe na mudasobwa canke ubwenge bw'ubukorano (AI)".

« Pyongyang uko ni ko isa mw'ijoro, ibitandukanye n'ibikunze kuvugwa n'ibimenyeshamakuru vyo mu Burengero ko inyuma ya sayine z'ijoro, umurwa mukuru wa Koreya ya Ruguru uhinduka ahantu h'umwijima hatagira umuyagankuba. »

N'ubwo iyi film igerageza kwerekana Pyongyang ya none, igice kinini cayo haguma herekanwamwo cane indongozi z'ico gihugu.

Ico kiganiro kirashimagiza umurage wa Kim Il-sung na Kim Jong-il, kandi kigashimira umuyobozi w'ubu, Kim Jong-un, ku mpinduka yazanye ku murwa mukuru biciye mu migambi y'iterambere rya none.

Umumenyeshamakuru arashimika kandi ku vyo avuga ko ari 'services' zo ku rwego rwo hejuru reta iha abanyagihugu, harimwo izijanye n'amagara y'abantu, inkino, cane cane taekwondo, bitangwa ku buntu. Ikiganiro kiragaruka no ku kuntu ubutunzi bw'ico gihugu buriko burakura n'ubwo kikiri mu bihano vy'amakungu.

Mikhail Popov agira ati: « Mu gihe bariko barubaka amabarabara mashasha n'amazu yo kubamwo, ubutunzi bwa Koreya ya Ruguru na bwo buriko burakura. Bitegekanijwe ko bugiye kuduga ku rugero rwa 4%, urugero rwa mbere ruri hejuru cane kuva mu 2016. »

Kugira yerekane ubushobozi bw'amahinguriro yo mu gihugu, iyo film iragendera uruganda rukora amasakoshi y'abanyeshure.

Umuyobozi w'urwo ruganda avuga ati: « Ku bijanye n'ubwiza, iyi mifuko iruta iyiva mu mahanga. »

Kwemanga uruhara rw'igisirikare ca Koreya ya Ruguru ku Burusiya

Iyo film yerekanywe haciye iminsi itatu hahimbajwe imyaka ibiri iheze kuva hatanguye ibikorwa vya gisirikare vya Ukraine mu karere ka Kursk mu Burusiya, aho abasirikare ba Koreya ya Ruguru barwanye ku ruhande rw'ingabo z'Uburusiya.

Uruhara rw'izo ngabo rwarashimitsweko cane kuva mu minota ya mbere y'ikiganiro.

Mikhail Popov ati: « Koreya ya Ruguru yarungitse abasirikare ibihumbi bitandatu mu Burusiya. Barwaniye gukingira igihugu cabo, igihugu cacu, kandi turi hamwe twese twararonse intsinzi, twirukana aba 'Nazis' ba Ukraine ku butaka bw'Uburusiya. »

Aha agaruka ku « masezerano y'ugufashanya no gukorera hamwe" yasinywe hagati y'ivyo bihugu bibiri igihe Vladimir Putin yagendera i Pyongyang mu 2024.

Film itagira uburemere - Ibimenyeshamakuru bidashigikiye Kremlin

Iyo film ntiyarabwe cane ku mbuga ngurukanabumenyi, mbere nta n'abahinga bakomeye bagira ico bayivuzeko.

Kimwe mu vyiyumviro bike vyatanzwe cavuye ku rubuga rw'amakuru Tochka, rutegurwa n'abamenyeshamakuru bavuye mu kimenyeshamakuru Mozhem Obyasnit, kidashigikiye ubutegetsi bwa Kremlin.

Mw'isesangura ry'iyo film, Tochka yaribajije akamaro ko kuyitegura hamwe n'ingene yerekana ubuzima bwo muri Koreya ya Ruguru.

Ico kimenyeshamakuru canditse kiti: « Kugira yemeze ko ico gihugu kibayeho neza, Mikhail Popov yerekana uburiro bwo mw'ihoteri aho umurwi w'abamenyeshamakuru b'imboneshakure ya reta y'Uburusiya wari ucumbitse. Ariko rero, uretse Popov ubwiwe n'abakozi b'ihoteri, nta wundi muntu aboneka muri ayo masanamu. Amafoto nayo ni mabi cane. Womengo yafashwe hakoreshejwe terefone ngendanwa yo mu 2010. »

Tochka yaraneguye kandi uburyo ubuzima bwa misi yose muri Koreya ya Ruguru bwagaragajwe.

Ico kimenyeshamakuru canditse kiti: « imboneshakure ya reta y'Uburusiya yerekana amasanamu y'abanyagihugu ba Koreya ya Ruguru bagendera aho Kim Il-Sung yavukiye. Bambaye impuzu zishaje cane, ikintu kigoye guhisha n'ubwo Popov ashima cane Koreya ya Ruguru.

Muri ayo masanamu nta biganiro birimwo, kandi vyose bikorwa hisunzwe umugambi n'urutonde vyari bisanzwe vyateguwe n'abategetsi ba Koreya ya Ruguru. »