Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Aubameyang, Raphinha, Sterling, Eriksen, Loftus-Cheek, Nketiah

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imirwi ya Barcelona na Juventus yatangaje ku mugaragaro ko iriko irarondera ko Arsenal yoyitiza umusatirizi wayo w'imyaka 32, umunya Gabon Pierre-Emerick Aubameyang mu gihe gisigaye c'ihiganwa ry'uno mwaka. (Athletic - subscription required)
Umumenyereza wa West Ham David Moyes aripfuza umusatirizi wa Leeds United Raphinha, akaba ariko aragerageza kugura uyu munya Brésil w'imyaka 25 imbere y'uko akadirisha k'igura n'igurisha ry'abakinyi ka nzero (mutarama mu kinyarwanda) kugara. (Mirror)
Umukinyi wo ku ruhande, umwongereza Raheem Sterling w'imyaka 27 ariteguye gusubira gutangura ibiganiro na Manchester City kugira abandanya ayikinira, ni mu gihe amasezerano afitaniye nayo azorangira mu ci ryo mu 2023, kandi imirwi ya Barcelona, Paris St-Germain na Real Madrid yose iramwipfuza. (ESPN)

Ahavuye isanamu, MICHAEL STEELE/THE FA
Newcastle United titeze kwongereza amafaranga yemeye gutanga ku mukinyi w'inyuma wa Brighton umwongereza Dan Burn w'imyaka 29, ikaba yipfuza kandi na mugenziwe Eddie Nketiah w'imyaka 22 akina muri Arsenal. Amasezerano uyu musatirizi afitaniye n'uyu murwi azorangira mu ci riza. (Guardian)
Umukinyi wo hagati wa Manchester United Paul Pogba ariteguye kubandanya akinira uyu murwi mu gihe umumenyereza mfatakibanza Ralf Rangnick yoguma i Old Trafford. Uyu mufaransa w'imyaka 28 yari yiteguye gusezera uyu murwi mu ci riza mu gihe amaszerano afitaniye n'umurwi wiwe azoba arangiye, ariko ubu akaba avugwa ko yiteguriye ibiganiro. (Sun)
Brentford yizeye ko mu muri ino mpera z'iyi ndwi ishobora gutangaza ko yaronse umukinyi wo hagati, umunya Danemark Christian Eriksen. Uyu mukinyi w'imyaka 29 yashizwemwo agakaburamutima (pacemaker/stimulateur cardiaque) inyuma y'ingorane z'umutima yagize, igihe uhagarara umwanya muto mu gihe yariko akinira igihugu ciwe mw'ihiganwa rya Euro 2020 mu kwa gatandatu kw'umwaka uheze. (Times - subscription required)

Ahavuye isanamu, @chriseriksen8/Reuters
Umukinyi mpuzamakungu wa Pays de Galles/Wales Aaron Ramsey asa n'uko yiteguye kuguma muri Juventus, ni inyuma y'aho uyu mukinyi wo hagati w'imyaka 31 yankiye imirwi yamurondera muri uku kwezi ari yo Aston Villa, Burnley, Crystal Palace, Newcastle United na Wolves. (Calciomercato, via Football Italia)
Umukinyi wo hagati wa Manchester United Donny van de Beek asaba umurwi wiwe ko womureka akava i Old Trafford muri kano kadirisha k'igura n'igurishwa ry'abakinyi. Uyu mukinyi w'umunya-Hollande amaze gutanguzwa mu nkino zine gusa muri uno mwaka w'inkino, mu gihe Crystal Palace iri kw'isonga ry'imirwi imurondera ku ntizo. (Mirror)
Everton iripfuza kugura umukinyi wo hagati, umwongereza Ruben Loftus-Cheek w'imyaka 26 asanzwe akinira Chelsea. (Mail)
West Ham iri mu biganiro na Reims kugira irabe ko yoronka umusatirizi w'imyaka 19, umufaransa Hugo Ekitike asanzwe kandi aronderwa na Brentford, Brighton hamwe na Newcastle United. (Sky Sports)
West Ham kandi iracari mu biganiro na Marseille mu rugamba rwo kurondera ko uyu murwi wo mu Bufaransa woyitiza umukinyi w'inyuma wa Croatia, Duje Caleta-Car w'imyaka 25, hamwe n'umunya Senegal akina imbere Bamba Dieng w'imyaka 21. (90 Min)
Aston Villa yari yemeye gutanga imiriyoni 20.8 z'ama euro ku mukinyi wo hagati w'umunya Uruguay Rodrigo Bentancur 24 ariko umurwi wiwe Juventus wayanse. (Guardian)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Tottenham nayo nyene irashaka Bentancur ariko ikaba imushaka nk'intizo, ivyo Juventus iterekwa. (Sky Sports)
Atletico Madrid yavuganye n'abaserukizi b'umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'iburyo wa Aston Villa umunya Pologne Matty Cash w'imyaka 24 ikaba iboneka ko izogerageza kumugura mu ci riza, n'aho uyu murwi wa Espagne udashira kure iciyumviro co kumurondera muri uku kwezi kugira kurangire. (Sky Sports)
Juventus iriko iraraba ingene yozogura mu ci riza umukinyi wo hagati, umutaliyano Jorginho w'imyaka 30, mu gihe amasezerano afitaniye na Chelsea azorangira mu 2023. (Gazzetta dello Sport, via Mirror)
Monaco ikeneye imiriyoni hagati ya 80 na 100 z'ama euros ku mukinyi wo hagati Aurelien Tchouameni w'imyaka 22, asanzwe ariko araronderwa na Real Madrid ariko kandi n'imirwi ya Chelsea na Manchester United ikaba imukanuriye amaso.(Marca)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Wolves yemera gusa abashobora kwemera gutanga imiriyoni zababa 53, 6 zamadorari y'abanyamerika ku mukinyi wayo wo hagati, umunya Portugal Ruben Neves w'imyaka 24, ateye amero imirwo ya Manchester United na Arsenal. (Sun)










