Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Lukaku, Bernardo, Pogba, Coutinho, Messi, Kounde

Ahavuye isanamu, EPA
Inter Milan yiteze ko Chelsea isubira kurondera umusatirizi w'umubirigi Romelu Lukaku w'imyaka 28 yongereje amahera ishaka gutanga, igapfuma ishikana imiriyoni zababa 153 z'amadorari y'abanyamerika, inyuma y'aho yankiye imiriyoni 118 z'amadorari kwongerako ukuminyi w'inyuma wa Espagne Marcos Alonso w'imyaka 30. (Mail)
Mu gihe Jack Grealish yitezwe cane muri Manchester City, bishobora gutuma Bernardo Silva agenda, mu gihe Barcelona na Atletico Madrid yipfuza uyu mukinyi wo hagati w'umunya Portugal w'imyaka 26. (Mundo Deportivo - in Spanish)
Aston Villa yitezwe kubandanya irondera umukinyi wo hagati wa Norwich, umwongereza Todd Cantwell w'imyaka 23 mu gihe Grealish yoramuka yimukiye muri Manchester City ku miriyoni 139 z'amadorari y'abanyamerika. (Sky Sports)
Atalanta yiteze kugiriranira ibiganiro na Chelsea mu mpera z'iyi ndwi kugira bumvikane ku musatirizi w'umwongereza Tammy Abraham w'imyaka 23. (Gianluca di Marzo)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Paul Pogba azotangura umwaka w'inkino wimirije mu murwi Manchester United ariko akaba yiteze gufata ingingo kuri kazoza kiwe imbere y'uko ikiringo c'igura n'igurishwa ry'abakinyi kirangira, mu gihe PSG ikirondera uyu mukinyi wo hagati w'umufaransa w'imyaka 28. (Telegraph - subscription required)
Tottenham irashaka kugura umukinyi wo hagati muri rino ci, aho umwongereza Noni Madueke w'imyaka 21 akina muri PSV Eindhoven hamwe n'umunya Danemark akina ku ruhande Mikkel Damsgaard w'imyaka 21 akina muri Sampdoria, bari ku rutonde rw'abaronderwa. (Standard)
Umusatirizi wa Barcelona, umunya Brésil Philippe Coutinho w'imyaka 28, ari mu bakinyi baronderwa na Tottenham mu gihe yoramuka igurishije umusatirizi wayo Harry Kane w'imyaka 28. (Mundo Deportivo - in Spanish)
Lionel Messi yiteze gutera igikumu ku masezerano mashasha na Barcelona mu mpera z'iyi ndwi. Amasezerano yari afitaniye n'uwu murwi yarangiye mu kwezi guheze, ariko uyu musatirizi wa Argentina w'imyaka 34 asa n'uwemeye ayandi masezerano mashasha y'imyaka itanu, ariko umushakara wiwe ukagabanuka gushika ku bice 50%. (Sky Sports)
Leicester City yanse amafaranga atangwa na Arsenal ikongerako n'umukinyi mu rugamba rwo kurondera umwongereza akina hagati James Maddison w'imyaka 24. Aba Foxes bavugwa ko badashaka abakinyi batangwa n'abo ba Gunners mu kubaguranya n'uyu mukinyi. (Football Insider)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Urugamba rwa Chelsea rwo kurondera umukinyi w'inyuma wa Sevilla Jules Kounde rwakwamye kubera mugenziwe w'umufaransa Kurt Zouma w'imyaka 26 bari biteze kugurisha kugira ngo ahe ikibanza uyu mukinyi w'imyaka 22, yanse kwimukira muri West Ham. (Guardian)
Newcastle ivuga ko yipfuza kwakira umwongereza akina hagati Oliver Skipp w'imyaka 20 avuye muri Tottenham nk'intizo. (Mail)
Sheffield United iriteze ko Liverpool ishobora kuyitiza umukinyi w'inyuma w'umwongereza Ben Davies w'imyaka 25, mu gihe atarigera akinira uyu murwi kuva aguzwe avuye muri Preston mu kwa mbere. (Goal)
Umukinyi wo ku ruhande wa Liverpool, umuswisi Xherdan Shaqiri w'imyaka 29 araronderwa n'umurwi wo muri Serie A, Lazio, inyuma y'aho abwiriye abarongoye Anfield ko yipfuza gusezera uwo murwi wo muri Premier League. (Corriere dello Sport - in Italian)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Crystal Palace Patrick Vieira avuga ko yagiriraniye "ikiganiro ciza" n'umusatirizi wa Côte d'Ivoire Wilfried Zaha w'imyaka 28, kandi ko yizeye ko azobandanya akinira aba ba Eagles. (Sky Sports)
Palace iriko irarondera ko Arsenal yoyitiza umusatirizi Reiss Nelson w'imyaka 21, kandi bikaboneka ko aba ba Gunners bashobora kumutanga kubera bigaragara ko ashobora gukinishwa gake cane mu mwaka w'inkino wimirije. (Sky Sports)
Abaserukizi b'umukinyi wo hagati wa Atletico Madrid Saul Niguez bariko baragerageza kurondera ko yokwimukira muri Liverpool, ariko Anfield ntibona ko uyu mukinyi wa Espagne w'imyaka 26 yoba ashaka kwimukira muri uyu murwi. (CaughtOffside)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Southampton iri hafi yo kugura umusatirizi w'umwongereza Adam Armstrong w'imyaka 24 asanzwe akina muri Blackburn Rovers inyuma y'aho uwo murwi ugurishirije umusatirizi w'umwongereza Danny Ings w'imyaka 29 muri Aston Villa. (Football League World)
Umukinyi wo hagati, umudagi Joshua Kimmich w'imyaka 26 yemeye amasezerano mashasha y'imyaka itanu n'umurwi wiwe wa Bayern Munich watahukanye ihiganwa ry'Ubudagi Bundesliga.(Bild, via 90 Min)










