Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Varane, Tuanzebe, Ronaldo, Ramsey, Martial, Lukaku, Shaqiri

Raphael Varane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Raphael Varane
Yatangajwe

Manchester United igiye kugiriranira amasezerano y'imyaka ine ishobora kwongerwako umwe ikaba itanu n'umukinyi wa Real Madrid umufaransa akina inyuma Raphael Varane, ariko ntibona neza igihe uyu mukinyi w'imyaka 28 ashobora gufatwa ibipimo vyo kwa muganga kubera amategeko ya guma mu rugo. (Athletic - subscription required)

Newcastle yongereje akariro mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma wa Manchester United umwongereza Axel Tuanzebe w'imyaka 23. (Telegraph)

Juventus iripfuza kugurisha Aaron Ramsey muri rino ci kubera uyu mukinyi w'imyaka 30 wo muri Pays de Galles/Wales akina hagati ari umuzigo kuri uwu murwi. (Gazzetta dello Sport, via Mail)

Axel Tuanzebe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Axel Tuanzebe

Umukinyi w'inyuma Ben White w'imyaka 23 yiteze gufatwa ibipimo vyo kwa muganga ku wa gatatu kugira yinjire icese muri Arsenal inyuma y'aho Brighton yemereye kumuha aba Gunners ku miriyoni hafi 69 z'amadorari y'abanyamerika. (Sky Sports)

Ben White

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Insiguro y'isanamu, Ben White

Umusatirizi w'umubirigi Romelu Lukaku w'imyaka 28 yumva ko amerewe neza muri Inter Milan kandi ko ata mugambi afise wo kuva muri uwu murwi muri rino ci, n'aho Chelsea imwipfuza. (Express)

Manchester United iriteguye kwakira imirwi yorondera abakinyi bayo umunani bose, harimwo n'umusatirizi w'umufaransa Anthony Martial w'imyaka 25, umunya Pays de Gales Daniel James w'imyaka 23 akina ku ruhande, n'umwongereza Phil Jones w'imyaka 29 akina inyuma. (ESPN)

Crystal Palace iri hafi yo kugura umukinyi w'inyuma wa Lyon umunya Danemark Joachim Andersen w'imyaka 25, yari amaze umwaka uheze akina muri Fulham iyo yari yaratijijwe. (Evening Standard)

Anthony Martial

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Anthony Martial

Tottenham iriko irongereza akariro mu rugamba rwo kurondera umukinyi w'inyuma wa Atalanta umunya Argentine Cristian Romero w'imyaka 23 ku miriyoni zababa 55 z'amadorari y'abanyamerika. (Telegraph)

Urugamba Aston Villa irimwo rwo kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Bayer Leverkusen umunya Jamaica Leon Bailey w'imyaka 23 ntirugiye kuyorohera kubera imirwi ya Leicester, Everton, Wolves na Southampton nayo iriko iramurondera, mu gihe igiciro ciwe kiri mu miriyoni zababa 41 z'amadorari y'abanyamerika. (90min)

Abarongoye Juventus babwiye Cristiano Ronaldo ko biteze ko azoguma muri uwo murwi mu mwaka w'inkino wimirije gutangura. Uyu musatirizi w'umunya Portugal w'imyaka 36 yavugwa ko ashobora kuva muri uwu murwi mu gihe asigaje umwaka mu masezerano afitaniye n'uyo murwi. (Sky Sports)

Barcelona ntirabona umurwi n'umwe urondera umusatirizi wayo, umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 30. (Marca - in Spanish)

Cristiano Ronaldo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Cristiano Ronaldo

Xherdan Shaqiri aboneka ko ashobora gusezera Liverpool muri rino ci, mu gihe Napoli na Lazio ziri mu mirwi irondera uyu Muswisi w'imyaka 29 akina ku ruhande. (Goal)

Arsenal iriko iraba ko yogura umukinyi akina ku ruhande wa Pacos de Ferreira (umurwi wo muri Portugal) umunya Portugal Matchoi Djalo w'imyaka 18 ari ku giciro c'imiriyoni hafi 1.4 z'amadorari y'abanyamerika. (Sun)

West Ham iripfuza kugura umukinyi w'inyuma wa Udinese umunya Danemark Jens Styger Larsen w'imyaka 30 asigaje umwaka umwe gusa mu masezerano afitaniye n'umurwi wiwe, akaba ashobora kugurwa imiriyoni hafi 5.8 z'amadorari y'abanyamerika. (Football.London)

Marko Arnautovic w'imyaka 32 yahoze akina imbere mu mirwi ya West Ham na Stoke yitezwe mu Butaliyano muri ino ndwi - uyu munya Autriche akaba ariko aratera igikumu ku masezerano azomutuma ava mu murwi Shanghai Port wo mu Bushinwa akimukira muri Bologna. (Corriere dello Sport - in Italian)

Jens Styger Larsen

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jens Styger Larsen

Leeds United na Crystal Palace ziriko zirarondera gutira umukinyi wo hagati wa Chelsea Umwongereza Conor Gallagher w'imyaka 21. (Leeds Live)

Umunyegori waArsenal umunya Islande/Iceland Alex Runarsson w'imyaka 26 yiteguriye gutizwa mu murwi Altay wo muri Turukiya muri uno mwaka w'inkino uri mu gutangura. (Football.London)

Umusatirizi wa Newcastle Umuyapani Yoshinori Muto w'imyaka 29 ari mu biganiro vyo kurondera ingene yokwimukira mu murwi Aris Salonika w'Ubugiriki, inyuma y'aho umwaka w'inkino uheze yawumaze mu murwi Eibar yari yatijijwemwo. (Newcastle Chronicle)

Stoke irashaka ko Aston Villa yoyitiza umusatirizi w'Umwongereza Keinan Davis w'imyaka 23. (Birmingham Mail)