Rukinzo FC yaraye isezerewe na Triangle United wa Zimbabwe muri CAF Confederation Cup

Nibwo bwa mbere Rukinzo FC yari yinjiye mw'iryo higanwa

Ahavuye isanamu, @indundimag

Insiguro y'isanamu, Nibwo bwa mbere Rukinzo FC yari yinjiye mw'iryo higanwa
Yatangajwe

Umurwi w'umupira w'amaguru w'igipolisi c'Uburundi Rukinzo Fc waraye usezerewe n'umurwi Triangle United wo mu gihugu ca Zimbabwe mu rukino rwo gusubiriza mw'ihiganwa rya CAF Confederation Cup rwabereye i Bujumbura ejo ku wa gatandatu.

Urwo rukino rwabereye ku kibuga citiriwe Intwari (Cahoze citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore) rwagiye kurangira ata murwi n'umwe uronse igitsindo.

Mu rukino rwa mbere rwabereye muri Zimabwe ku wa 11 z'uku kwa munani, Triangle United yari yirahiye Rukinzo FC ibitsindo bitanu vyose ku busa.

Imirwi y'umupira w'amaguru y'Uburundi yatanguye kwinjira muri iryo higanwa mu mwaka wa 2007 mu gihe ryari ryatanguye mu mwaka wa 2004.

Mu mirwi yose y'Uburundi imaze kuja muri iryo higanwa, nta murwi n'umwe urashobora gushika mu nkino z'igice ca nyuma kuko yose iviramwo mu nkino z'ukurondera uburenganzira (eliminatoires).

Umurwi umaze gushika kure ni Lydia Ludic Burundi Academic FC (Lydia Ludic canke LLB Academie) mu mwaka wa 2013 aho waviriyemwo mu nkino z'igice ca kane c'ikuranamwo (Playoffs) ikurwamwo n'umurwi Stade Malien wo muri Mali ku bitsindo 6-0 mu nkizo zompi.

Imirwi ya Atletico Olympic FC, Messager Ngozi, Olympic Star ntiyashoboye kurengana igice ca kabiri c'inkino z'ukurondera uburenganzira, mu gihe imirwi Prince Louis, Inter Star, Vital'o, Academie Tchite na Rukinzo itashoboye kurengana igice ca mbere c'inkino z'ukurondera uburenganzira.