Intamba mu Rugamba zikeneye intsinzi kuri Guinea vyanka bikunda, ariko none yova hehe?

Saido Berahino ni kizigenza w'Intamba mu Rugamba

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Saido Berahino ni kizigenza w'Intamba mu Rugamba
Yatangajwe

Robert Patrick Misigaro, BBC.

Intamba zirahura na Guinea muri uwo mukino zizi neza yuko kiretse intsinzi yoziha amanota 3, ata kindi gishobora kuzihesha amahirwe y'itike yo kuguma mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika 2019.

Iyo ntsinzi yoca ituma u Burundi buheza ari ubwa gatatu mu mugwi B, hagaca rero hasigara kwizera ya mahirwe, aza kuvana n'ukuntu izindi kipe ziza kwitwara mu migwi zirimwo.

Guinea nayo nyene ntihagaze neza mu mugwi B mu gihe imaze kunganya rimwe (na Madagascara 2-2), itsindwa irindi rimwe na Nigeria (1-0). Iyi kipe nayo ikeneye intsinzi cane muri uno mukino kugira ishobore kubandanya.

Urundi rukino mu mugwi B rurahuza Nigeria na Madagascar ziza gukinira mu muji wa Alexandria, narwo rukaza kuba ari urukino rutoroshe kuko Nigeria, naho imaze kuronka itike yo kubandanya, ishaka guheza ari iya mbere, kanatsinda ni nayo irusha uburambe izo biri kumwe mw'ihiganwa.

Madagascar nayo iraza kuba irondera n'imiburiburi inota rimwe kugire yizere ko ijana na Nigeria mu muce w'ijonjora mu kibanza ca kabiri.

Intsinzi kuri Guinea yova hehe?

Guinea ni ikipe itoroshe kandi imenyereye rino higanwa, ikaba kandi nayo ikeneye cane amanota atatu kuko itsinze u Burundi ibitsindo vyinshi hanyuma Madagascar igatsindwa na Nigeria, yoca iheza ari iya kabiri igaca ironka itike.

Guinea rero ntiza kworohera u Burundi na gato kuko ikipe zose zirondera itike, bigasigura ko ruza kuba ari urukino rubereye ijisho.

U Burundi ariko, kiretse urukino na Madagascar rutagaragayemwo ishaka ryinshi, urukino bwakinye na Nigeria rwari urwo ku rwego rwo hejuru ku buryo bakinye nk'uko uno munsi hogira ikivamwo.

U Burundi kandi muri izi nkino zibiri bwakinye bwarabonye ko bukeneye gutumbereza mw'igoli, bisigura ko abasatirizi bategerezwa gutera cane kandi kenshi mw'igoli rya Guinea kugira biyongere amahirwe yo kwinjiza.

Aha niho biza gukenerwa ko barutahizamu Saido Berahino na Fiston Abdul Razak bamera magabo bakerekana koko ico bamaze.

Berahino akeneye guhindukiza amaso inyuma akibuka ivyo yakorera ikipe West Brom yo mu Bwongereza, aho yaharurwa muri barutahizamu bakomeye mu Bwongereza.

Mu gihe bitamworoheye mw'ikipe akinira ubu ya Stock City, urukino rw'uyu munsi rutegerezwa kumubera akaryo ko kwerekana ko agifise umupira w'amaguru mu maraso kandi ko agifise vyinshi vyo kwerekana.

Niyumvikana neza na Fiston imbere, barashobora guteza ibibazo ikipe ya Guinea iza gushira abakinyi imbere irondera igitsindo.

Kandi mu gihe vyigaraje ko abakinyi b'inyuma no hagati b'u Burundi bahagaze neza, na cane cane umunyegoli Jonathan Nahimana, imyugariro imeze neza.

Ikindi coshigikira u Burundi, ni uko Guinea ishira icizere cane ku mukinyi wayo rurangiranwa akina hagati, Naby Keita, ariko mu gihe afise ikibazo c'imvune birashobora kubagora.

Amahirwe y'u Burundi ahagaze gute?

Ni ukuyita amahirwe kuko ubiravye ni ibintu bigoye cane kiretse amahirwe gusa, ariko nk'uko bikunze kuvugwa, ntakidashoboka mu mukino w'umupira w'amaguru.

Ica nkenerwa ca mbere n'uko u Burundi butsinda Guinea, bikaba vyoba vyiza buyitsinze nk'ibitsindo birenga kimwe ariko kandi ntibusubire kwinjizwa.

Kubera amakipe mw'ihiganwa ari 24, kandi mu bisanzwe mw'ijonjora hagomba kugenda amakipe abiri ku mugwi, bisigura ko zoca ziba ikipe 12.

Ariko umuce w'ijonjora ukenera ikipe 16, bisigura y'uko hari ibibanza bine bizorwanirwa n'amakipe yabaye aya gatatu mu migwi ariko yavyifashemwo neza kurusha ayandi (mu gifaransa bita meilleurs perdants).

Aha rero niho u Burundi bushobora kugirira amahirwe kuko buramutse buronse amanota atatu kuri Guinea, mu gihe kandi bumaze kwinjizwa ibitsindo bibiri gusa bukaba kandi bwaritwaye neza mu kibuga, burashobora kuronka kimwe muri ivyo bibanza bine mw'ijonjora.

BBC iraza kubashikiriza ibikuru bikuru ry'urukino hagati ya Guinea n'u Burundi kuri Facebook, turangura isaha 18h00.