Ishirahamwe FFB riramutswa inzego nshasha mu Burundi

Ahavuye isanamu, FFB
Yatangajwe
Umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo ni we yaraye atorewe gusubira kurongora ishirahamwe FFB ku majwi 48 ku 50 inyuma y'aho uwo bari guhangana muri ayo matora Alexandre Muyenge amenyeshereje ko ahevye kwitoza.
Inama yo gushiraho inzego zishasha zo kurongora FFB yabereye mu ntara ya Gitega hagati mu gihugu.
Icegera ciwe ca mbere ni Habimana Aimable batazira Marandura, ica kabiri akaba ari Sabumugabo Moustapha.
Haratowe kandi n'abandi bazomufasha muri ayo mabanga, aho nk'igisata c'umupira w'amaguru mu bapfasoni kirongowe na Kabura Eugenie, mu rwaruka Sylvestre Ndayizeye, hanyuma uwo ku musenyi na wo akaba ari Djuma Msoma.
Igisata c'abahagarikizi kirongowe na Niyongabo Jean Claude.

Ahavuye isanamu, FFB






