Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump agabisha Irani ko izokwibonerako ni vyaboneka ko ifise uruhara ku vyabereye mu ndege Flydubai
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaraye agabishije Irani ko ishobora "gukubitwa bikomeye cane" mu gihe vyokwemezwa ko ifise uruhara mu gitero cabaye mu ndege ya Flydubai yatera ija i Tel Aviv.
Trump yavuze ko yemera ko Iran ishobora kuba iri inyuma y'ico gitero.
Mu kwishura ikibazo c'umunyamakuru yamubaza nimba Amerika yokwihora kuri Tehran (ubutegetsi bwa Irani), yishuye ati Abanya-Irani "bazokwibonerako".
Haraciye imisi ibiri indege ya Flydubai iguye giturumbuka ku kibuga c'indege ca Tabuk muri Arabia Sawudite, igihe yariko iva i Dubai itera ija i Tel Aviv muri Israel itwaye abantu 174, harimwo Abanya-Israel 166 nk'uko ibinyamakuru bimwe bimwe vyavyanditse.
Nk'uko abari muri iyo ndege babivuga, umudereva wa kabiri yateye umudereva mukuru, afise intego yo gutuma indege ikoroka. Iyo ndege yahurudutse imetero zishika ibihumbi bitanu mu munota umwe gusa.
Naho yari yakomeretse, umudereva mukuru yarashoboye kwugurura umuryango winjirira mu cumba c'abadereva, bituma bamwe mu ngenzi bashobora kwinjira bagafasha kurwanya nyene gukora ico gitero.
Amatohoza aracariko arakorwa, ariko Israel yaramaze kwiyamiriza ico yise "igitero capfuvye c'iterabwoba cakozwe n'abiyitirira idini rya Islam", cari kigamije guhungabanya imigenderanire hagati ya Israel na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE).
Ikompanyi y'indege El Al yo muri Israel yatangaje ko yahagaritse ingendo z'indege zari zitegekanijwe kuri uyu wa gatanu zo gutahukana abanya-Israel bavuye i Dubai, inyuma y'uko Flydubai na yo ihagarikitse vy'agateganyo ingendo zayo hagati ya Dubai na Tel Aviv.
Ubushikiranganji bwa Israel bujejwe kwunguruza abantu n'ibintu buvuga ko butararonka uruhusha rukenewe rutangwa na UAE kugira izo ndege zisubire gukora.
Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru kuri Maison Blanche/White House (ibiro vya perezida wa Amerika), Trump yavuze ko Irani ishobora kuba yagize uruhara muri ico gitero.
Yagize ati: "Mfatiye ku makuru ndiko ndaronka, novuga ko bishoboka koko, ariko turacariko turabikurikirana".
Ni mu gihe izi ndwi ziheruka zaranzwe n'agahengwe, aho kuva ku wa 1 Nyakanga (9) Amerika itari bwigere ikora igitero kuri Irani, nubwo amato yoyo yabandanije kuraswa mu Muhora wa Hormuz.
Gusa, utwigoro tw'ibiganiro vyo kurangiza iyi ntambara imaze amezi arenga indwi twarakwamye.
Ariko, mu kiganiro n'ikinyamakuru Time ejo ku wa kane, Trump yavuze ko ibitero kuri Irani bishobora kwiyongera inyuma y'amatora y'abashingamateka na nkenguzamateka yimirije mu ntango za Munyonyo (11).
Ibinyamakuru bitandukanye bitangaza ko Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) yafashe ingingo yo kurungika ubwato butwara indege z'intambara n'ayandi mato muri ako karere, bikaba bitegekanijwe kuzoshikayo mu mpera za Munyonyo, hamwe n'ingabo z'inyongera ziri hagati y'ibihumbi icenda n'icumi, harimwo ingabo zirwanira mu mazi.
Kugeza ubu, Amerika isanzwe ifise mu Buseruko bwo Hagati amato abiri manini atwara indege, ariko ntibiramenyekana neza nimba hazokwiyongerako ubundi, akaba atatu, canke nimba bumwe muri aya abiri buzosubirizwa n'ubundi.
Hagati aho, ikinyamakuru Axios gisubiramwo amasoko abiri yo mu butegetsi bwa Amerika avuga ko Amerika iherutse kurungika ibikoho vya muzinga bibiri vyo mu bwoko bwa Patriot muri Arabia Sawudite na Qatar kugira bikingire ibibanza vy'igitoro na gaze.