Mwakoze kubana natwe uyu munsi muri iyi gahunda y'amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo nanone muri gahunda nk'iyi.
Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia: Intambara zo muri Tigray zahitanye abanyagihugu 52 mu misi itatu
Abanyagihugu n’imiburiburi 52 barapfuye inyuma y'iminsi itatu y’intambara zikomeye mu gisagara ca Alamata no mu micungararo yaco, mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bwa Ethiopia, nk’uko abaganga babibwiye BBC.
Incamake
- Ethiopia yafunze ambasade yayo muri Eritrea
- Umukozi wa MSF yanduye Ebola muri RD Congo
- Amerika: Imfungwa yari itegereje kwicwa yarokotse igerageza ryo kuyica nyuma yo guterwa inshinge ebyiri zica
- Ibitero vy'indege vya Pakistan vyahitanye abanyagihugu 9 muri Afghanistan
- Umutunzi rurangiranwa wo muri Zimbabwe, Wicknell Chivayo, n'umugore wiwe baraye bapfiriye mw'isanganya rya kajugujugu
- Ubwongereza buvuga ko Irani yagize uruhara mu vyabaye ku kirindiro ca RAF Fairford
- Ivyo tumaze kumenya ku mudereva yacumise mugenzi we mu ndege ya Flydubai yariko ija muri Israel
- Ethiopia: Inrwano zo muri Tigray zahitanye abanyagihugu 52 mu misi itatu
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana na Didier Bikorimana
Ethiopia yafunze ambasade yayo muri Eritrea
Ethiopia yatangaje ko ifunze ambasade yayo mu murwa mukuru Asmara wa Eritrea ndetse itegeka abadipolomate 10 ba Eritrea kuba bamaze kuva muri Ethiopia bitarenze amasaha 48, itangaza ko badahawe ikaze muri icyo gihugu, ibizwi nka ‘persona non grata’.
Mu itangazo yasohoye ku wa kane, minisiteri y’ububanyi n’amahanga ya Ethiopia yashinje Eritrea gukora “ibikorwa byo guhungabanya igihugu bitaziguye n’ibiziguye”, ndetse ivuga ko abo badipolomate bagize uruhare mu bikorwa bishyira mu kaga umutekano w’igihugu wa Ethiopia.
Ibi bibaye mu gihe imirwano yongeye kwaduka mu majyaruguru ya Ethiopia. Abategetsi bo muri Ethiopia bashinje Eritrea gufasha imitwe yitwaje intwaro irwanya leta ya Ethiopia, harimo n’ibirego byuko ingabo za Eritrea zinjiye ku butaka bwa Ethiopia.
Hagati aho, mu gisubizo cy’imbonekarimwe yahaye BBC, leta ya Eritrea yahakanye ibirego ishinjwa na Addis Ababa byuko ifasha ihuriro rishya ry’inyeshyamba.
Minisitiri wa Eritrea ushinzwe gutangaza amakuru Yemane Gebremeskel yashinje ishyaka PP (Prosperity Party) riri ku butegetsi muri Ethiopia gushaka abo ribigerekaho bo hanze y’igihugu, rikabegekaho ibibazo bya Ethiopia bikomeje kwiyongera.
Eritrea na yo yashinje Ethiopia gukomeza intego zo kwagura ubutaka bwayo, by’umwihariko kugera ku nyanja itukura no ku cyambu cya Assab cyo muri Eritrea.
Ibi bihugu bibiri byarwanye intambara yishe benshi guhera mu mwaka wa 1998 kugeza mu 2000, nyuma biza gusubizaho umubano mu mwaka wa 2018.
Nyuma yaho ibihugu byombi byaje kurwana ku ruhande rumwe mu ntambara yo mu karere ka Tigray mu majyaruguru ya Ethiopia, yabaye kuva mu mwaka wa 2020 kugeza mu mwaka wa 2022, ariko umubano warazambye nyuma y’amasezerano y’i Pretoria muri Afurika y’Epfo, yarangije iyo ntambara.
Izindi nkuru wasoma:
Umukozi wa MSF yanduye Ebola muri RD Congo
Umuryango w'ubutabazi w’abaganga batagira umupaka (Médecins Sans Frontières, MSF) uvuga ko umwe mu bakozi bawo bamusanzemo Ebola ubwo yafashaga mu kurwanya icyorezo cya Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC).
Uwo muntu yanduye Ebola yo mu bwoko bwa Bundibugyo, ubwoko budakunze kubaho bw’iyi virusi ya Ebola.
MSF yavuze ko uwo mukozi arimo kuvanwa mu gihugu mu buryo bwitondewe cyane bwo kwa muganga, ku bufatanye n’abategetsi bo mu buvuzi bo muri DRC no mu Buholandi, aho uwo mukozi azavurirwa mu bitaro byihariye.
Uwo muryango ntiwatangaje ubwenegihugu bw’uwo mukozi ndetse uvuga ko udashobora gutanga andi makuru mu rwego rwo kurinda ubuzima bwite bw’uwo mukozi.
Iki cyorezo ni cyo cya mbere kinini cyane kibayeho mu mateka ya DRC. MSF ivuga ko abantu barenga 8,000 bamaze kwandura Ebola kuva muri Gicurasi (5) uyu mwaka ubwo yatangazwaga ko yongeye kwaduka – ku nshuro ya 17 – muri icyo gihugu, abantu hafi 4,000 ikaba imaze kubica.
MSF ivuga ko umubare nyawo w’abamaze kwicwa na Ebola muri DRC ushobora kuba ari munini cyane kurushaho kubera ibyuho biri mu kugenzura icyo cyorezo no mu gupima.
MSF ivuga ko abakozi bo mu rwego rw’ubuvuzi bari mu bari mu kaga cyane, ndetse ko nubwo bahawe amahugurwa menshi no kuba hari ingamba zo kwirinda zo ku rwego rwo hejuru cyane, ibyago byo kwandura bidashobora kuvanwaho burundu.
Izindi nkuru wasoma:
Amerika: Imfungwa yari itegereje kwicwa yarokotse igerageza ryo kuyica nyuma yo guterwa inshinge ebyiri zica
Christa Pike, imfungwa yo muri leta ya Tennessee muri Amerika yari itegereje ko igihano yahawe cyo kwicwa gishyirwa mu ngiro, yajyanwe mu bitaro nyuma yuko igerageza ryo kumwica n’inshinge ebyiri zica rinaniranye, nkuko umunyamategeko we abivuga.
Itsinda ry’abunganizi be mu mategeko ryatanze icyifuzo cyihutirwa cyo guhagarika iyicwa ry’uwo urukiko rwahamije ubwicanyi ubwo ryari ririmo kuba, rivuga ko “Madamu Pike yataye ubwenge ndetse umutima uracyatera kandi arimo kugona mu buryo bwumvikana”.
Umwe mu banyamategeko be yabwiye BBC ko Pike, w’imyaka 50, ubu “arimo guhabwa ingamba zo kurokora ubuzima” aho ari mu bitaro, nyuma yuko yari yatewe inshinge ebyiri zica z'umuti wa ‘pentobarbital’.
Pike yakatiwe igihano cy’urupfu mu mwaka wa 1996 kubera kwica Colleen Slemmer wari ufite imyaka 19. Ishyirwa mu ngiro ry’icyo gihano ryateje urubanza ku munota wa nyuma.
Ibyo byatumye urukiko rw’ikirenga rwemera ko aterwa inshinge zica.
Pike yari afite imyaka 18 ubwo we n’umuhungu bakundanaga witwa Tadaryl Shipp bakubitaga, bagakorera iyicarubozo ndetse bakica Slemmer wari ufite imyaka 19, bari bahuriye na we mu kigo cy’imyuga cyigishirizwagamo urubyiruko ruri munsi y’imyaka 20 rwabaga rufite ibibazo.
May Martinez, nyina wa Slemmer, ni umwe mu bashakaga ko icyo gihano cyo kwicwa gishyirwa mu bikorwa. Ubwo yaganiraga n’igitangazamakuru NBC News cyo muri Amerika nyuma y’ibyo byabaye ku wa gatatu nimugoroba, yagize ati: “Byari akajagari.”
Iryo gerageza ryo kumwica ryabereye kuri gereza icunzwe cyane yitwa ‘Riverbend Maximum Security Institution’, iri mu mujyi wa Nashville, umurwa mukuru wa leta ya Tennessee, hafi saa mbili z’ijoro (20:00) ku isaha yaho ku wa gatatu, ni ukuvuga hafi saa cyenda z’ijoro (3:00) zo kuri uyu wa kane ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi.
Izindi nkuru wasoma:
Ibitero vy’indege vya Pakistan vyahitanye abanyagihugu 9 muri Afghanistan
Reta yabatalibani ivuga ko ibitero bishasha vy’indege vya Pakistan muri Afghanistan vyahitanye abanyagihugu icenda, abandi 11 barakomereka.
Ubushikiranganji bwa Pakistan bujejwe kumenyesha amakuru bwemeje ko ivyo bitero vyabaye, ariko buvuga ko vyahitanye abarwanyi 22.
Umuvugizi mukuru wa Taliban yo muri Afghanistan, Zabihullah Mujahid, yavuze ko ivyo bitero vyasambuye amazu mu ntara za Kunar na Helmand zegereye urubibe rwa Pakistan. Yavuze ko abakenyezi n’abana bari mu bapfuye.
Mu butumwa yashize ku rubuga X, Mujahid yavuze ati: “Turiyamiriza ico gikorwa c’ugusotorana. n’icaha kirenga ku ngingo zose zemewe.”
Pakistan yo ivuga ko ico gitero cari categekanijwe neza kandi ko carondera gusambura amakambi y’abakora iterabwoba muri Afghanistan, ahari habitswe ibirwanisho n’amasasu menshi.
Ubushikiranganji bwayo bujejwe kumenyesha amakuru buvuga ko hafashwe ingingo zose zishoboka kugira abanyagihugu n’ivyabo ntibigirirwe nabi.
Icabona citwa Qudratullah, co muri Garmsir, cabwiye BBC ko ibitero vyatanguye isaha 03:30 zo mw’ijoro, bimara iminota nka 30.
Yavuze ati: “Twari turyamye igihe indege zashika. Igisasu ca mbere kimaze guturika twaciye tuvyuka. Inyuma y’ica kabiri, twafashe abana bacu turahunga. Ica gatatu caguye ku nzu y’ababanyi bacu, cica abantu bane canke batanu bo muri uwo muryango, abandi barakomereka bajanwa kwa muganga.”
Pakistan imaze igihe yagiriza abatalibani bo muri Afghanistan guha ubuhungiro imihari yitwaje ibirwanisho itegurira ikanagaba ibitero muri Pakistan.
Taliban irabihakana, ikavuga ko ikibazo c’abarwanyi bo muri Pakistan ari ikibazo c’imbere mu gihugu. Ukutumvikana kuri ico kibazo kwaratosekaje cane imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibanyi.
Intambara hagati yavyo yarakomeye cane muri Ruhuhuma (2), Pakistan ivuga ko iri mu “ntambara ikomeye” na Afghanistan. Ibiganiro vyahagarikiwe n’Ubushinwa vyatumye haba uguhagarika intambara muri Ntwarante (3), ariko ntikwamaze kabiri.
Mu kwezi guheze, abantu 24 barapfuye mu gitero cagabwe ku kigo c’igipolisi mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistan. Igipolisi cavuze ko ico gitero cagabwe n’abatalibani bo muri Pakistan.
Mu ndwi iheze, Pakistan yaragavye ibitero muri Afghanistan, harimwo i Kandahar, igicumbi ca Taliban. Reta ya Taliban yavuze ko ivyo bitero vyahitanye abanyagihugu bane.
Izindi nkuru wosoma:
Umwambaro wa Michael Jordan wo mu gihe cya “Last Dance” wagurishijwe miliyoni 9 z’ama pound
Umwambaro Michael Jordan yambaye mu mikino ya nyuma ya NBA yo mu 1998, mu gihe kizwi nka “Last Dance”, wagurishijwe miliyoni 9.3 z’amayero, uba umwambaro we ugurishijwe amafaranga menshi kurusha indi yose yabanje.
Jordan yawambaye mu mukino wa gatatu w’imikino ya nyuma ya NBA mu 1998, ari na wo mwaka wa nyuma yakiniyemo ikipe ya Chicago Bulls. Muri uwo mwaka, Jordan yafashije Chicago Bulls gutsinda Utah Jazz imikino 4 kuri 2, bituma iyi kipe yegukana igikombe cya NBA ku nshuro ya gatandatu.
Jordan kandi yahawe igihembo cy’umukinnyi witwaye neza kurusha abandi mu mikino ya nyuma ya NBA, NBA Finals Most Valuable Player (MVP). Jordan yegukanye ibikombe bitandatu bya NBA ari kumwe na Chicago Bulls, kandi muri buri mikino ya nyuma yatumye begukana ibyo bikombe, yagiye ahabwa igihembo cya MVP.
Mbere y’iri gurishwa, amafaranga menshi yari yarigeze gutangwa ku mwambaro wa Jordan yari miliyoni 10.1 z’amadolari y’Amerika, ni ukuvuga miliyoni 7.6 z’amapawundi. Ayo mafaranga yari yatanzwe ku mwambaro yambaye mu mukino wa mbere wa NBA Finals yo mu 1998.
Umwambaro uherutse kugurishwa wari washyizwe mu cyamunara n’umucuruzi Ryan Gough, ugurishirizwa kuri Joopiter, inzu y’ibyamunara ikorera kuri interineti yashinzwe n’umuhanzi Pharrell Williams. Hari hateganyijwe ko uwo mwambaro ushobora kugurishwa hagati ya miliyoni 10 na miliyoni 15 z’amadolari y’Amerika.
Mu itangazo Joopiter yashyize ahagaragara ku bijyanye n’icyo cyamunara, yagize iti: “Ni ibintu bike cyane mu mateka ya siporo bishobora kugaragaza ubuhangange nk’umwambaro Michael Jordan yambaye mu mukino wa gatatu wa NBA Finals yo mu 1998.” Joopiter yavuze ko uwo mwambaro wambawe mu gihe cya “Last Dance”, igihe cyashyize akadomo ku gice cy’amateka cyagize uruhare rukomeye mu gutuma basketball imenyekana kandi ikundwa ku rwego mpuzamahanga.
Iyo nzu y’ibyamunara yongeyeho ko ubu uwo mwambaro uri mu bintu by’ingenzi kurusha ibindi byakoreshejwe mu mikino byigeze kugurishwa.
Nubwo umwambaro wa Jordan wagurishijwe miliyoni 12.3 z’amadolari y’Amerika, ni ukuvuga hafi miliyoni 9 z’amapawundi, agahigo k’umwambaro wambawe mu mukino wagurishijwe amafaranga menshi ku isi karacyafitwe n’umwambaro w’icyamamare muri baseball, Babe Ruth.
Babe Ruth yawambaye ubwo yakoraga igikorwa cyamamaye cyane kizwi nka “called the shot”, mu mikino ya World Series yo mu 1932. Uwo mwambaro wa Babe Ruth wagurishijwe mu 2024 kuri miliyoni 24.1 z’amadolari y’Amerika.
Izindi nkuru wasoma:
Umutunzi rurangiranwa wo muri zimbabwe, Wicknell Chivayo, n’umugore wiwe baraye bapfiriye mw’isanganya rya kajugujugu
Umutunzi rurangiranwa wo muri Zimbabwe, Wicknell Chivayo, n’umugore wiwe Lucy Muteke bari mu bantu batandatu bapfiriye mw’isanganya ry’indege ya kajugujugu, nk’uko umuryango wabo wavyemeje.
Iyo ndege yaguye ku wa gatatu ku mugoroba mu karere ka Marondera, ku bilometero nka 70 mu buseruko bw’umurwa mukuru Harare.
Umuvugizi w’igipolisi, Paul Nyathi, yavuze ko iryo sanganya ryabaye nk’isaha 17:00. Muri iyo ndege harimwo abantu batandatu, babiri muri bo bakaba bari abadereva bayo.
Televiziyo ya reta ZBC ivuga ko bari bavuye i Gandami muri Chikomba, aho bariko barubaka inzu yabo. Kajugujugu yabo yaguye mw’itongo rya Kudenga haciye iminota nka 40 ihagurutse.
Herbert Chivayo yavuze ati: “Twabuze ico tuvuga inyuma yo kwumva ayo makuru ababaje.”
Icatumye iyo ndege igwa ntikiramenyekana. Igipolisi kivuga ko amatohoza yatanguye, abajejwe gutabara na bo bakaba barungitswe aho isanganya ryabereye.
Chivayo yari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Intratrek Zimbabwe. Yari azwi kubera ubutunzi n’ibintu bizimvye yerekana ku mbuga ngurukanabumenyi, imigenderanire yari afitaniye n’abakuru b’ibihugu vya Afrika hamwe n’amasoko ya reta yagiye arateza impari.
Mu bikorwa vyiwe bizwi harimwo umugambi wo guhingura umuyagankuba ukomoka ku zuba i Gwanda, wari ufise agaciro k’imiriyoni 172 z’amadolari. Uwo mugambi waramaze imyaka uri mu manza kubera ingene washizwe mu ngiro.
Chivayo yari yaranakozweko amatohoza ku masoko ajanye n’ibikoresho vyakoreshejwe mu matora yo muri Zimbabwe yo mu 2023. Ariko urwego rujejwe kurwanya igiturire rwahagaritse ayo matohoza mu 2025, ruvuga ko rutaronse icemeza ko Chivayo canke umurwi w’amatora bakoze nabi.
Yari azwi kandi kubera guha abantu imiduga izimvye n’amafaranga menshi, harimwo abaririmvyi, abarongozi b’amadini n’abandi bantu bazwi, akenshi agaca abishira ku mbuga ngurukanabumenyi.
Perezida wa Kenya, William Ruto, yavuze ko Chivayo yari umugenzi wiwe, arungikira ubutumwa bwo kwihanganisha imiryango y’abapfuye.
Ruto yavuze ati: “Nzomwibukira ku bugenzi bwiwe, inguvu yari afise n’ukwizera cane ubushobozi bw’umugabane wacu.”
Izindi nkuru wosoma:
Ubwongereza buvuga ko Irani yagize uruhara mu vyabaye ku kirindiro ca RAF Fairford
Reta y’Ubwongereza ivuga ko Irani yagize uruhara mu vyabaye ku kirindiro c’indege za gisirikare ca RAF Fairford, aho abagabo batanu bafashwe mu nyuma bakarekurwa ariko bagashirwako amategeko akomeye.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Andy Burnham, yabwiye BBC ati: “Hari vyinshi vyerekana ko Irani yagize uruhara mu vyabaye mu mpera y’indwi ku kirindiro ca RAF Fairford.” Nta yandi makuru yatanze.
Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire, Abbas Araghchi, yavuze ko Burnham ariko araronderera ikibazo aho kitari.
Yongeyeko ko kuba abo Ubwongereza bwikeka ko ari abakora iterabwoba barekuwe “bisigura vyose”.
Burnham yavuze ko abo bagabo batanu barekuwe, bakurikiza amategeko akomeye ashoboka kandi ko inzego z’umutekano zibacungira hafi. Yabishuye inyuma y’uko Perezida wa Amerika, Donald Trump, avuze ko atari kubarekura.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, Marco Rubio, na we yavuze ko ivyabaye “vyerekana neza ko hari igihugu co hanze cabigizemwo uruhara”.
Abo bagabo, bose bafise ubwenegihugu bw’Ubwongereza kandi bari hagati y’imyaka 23 na 25, bafashwe mu bucagucagu bwo ku wa mungu. Igipolisi cari camenyeshejwe ko hari imodoka zitatu zikekwa zari hafi y’ico kirindiro.
Igipolisi cavuze ko catoye essence mu miduga yabo, ariko ko ata bisasu catoye. Umwe muri abo bagabo ni we yari yabanje guhamagara igipolisi kuri telefone imbere y’uko bafatwa.
Ikirindiro ca RAF Fairford kimaze imyaka myinshi gikoreshwa n’igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere. Mu mezi aheze, indege za Amerika zitera ibisasu zahagurukiye kuri ico kirindiro zerekeza mu Buseruko bwo Hagati, inyuma y’uko Ubwongereza bwemereye Amerika kugikoresha mu bitero yavuze ko vyari ivyo kwikingira Iran.
Muri Mukakaro (7), Irani yari yagabishije ko ikirindiro cose gikoreshwa mu kuyitera kizofatwa nk’aho ari ahantu hemewe guterwa.
Ubuserukizi bwa Iran i Londres bwarahakanye ivyo Irani yagirizwa, buvuga ko ari “ivyiyumviro bidafise ishingiro kandi bigamije kuyambika ibara”.
Ivyo tumaze kumenya ku mudereva yacumise mugenzi we mu ndege ya Flydubai yariko ija muri Israel
Indege yari mu rugendo rusanzwe iva i Dubai ija i Tel Aviv yarahatswe gukora isanganya rikomeye ku wa gatatu, mu vyabaye abategetsi ba Israel bo bavuga ko ari igitero c’iterabwoba.
Ng’ibi ivyo tumaze kumenya:
- Benjamin Netanyahu yatangaje ko amatohoza yatanguye kandi ko umudereva yafatiwe muri Arabia Saoudite ariko arabazwa ibibazo. Yavuze ko mu nyuma azoshikirizwa Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu, aho indege ya Flydubai yari yavuye.
- Flydubai yavuze ko indege FZ 1073 yahuye n’“ikibazo” haciye amasaha abiri n’igice ihagurutse.
- Netanyahu yavuze ko umwe mu badereva yacumise mugenzi we imbugita, ashaka gutuma indege igwa. Amakuru y’urugendo yerekana ko iyo ndege yamanutse imetero nka 5.200 mu minota ibiri.
- Abakozi bo mu ndege n’ingenzi barashoboye kwinjira aho abadereva bicara, bafata uwagavye igitero, baca basubira kugenzura indege. Yahavuye imanuka vyihutirwa ariko ata nkomanzi muri Arabia Saoudite.
- Ubuserukizi bw’Ubuhindi muri Arabia Saoudite bwavuze ko umudereva yakomeretse yitwa Samit Machchar. Ubu ariko aravurirwa mu bitaro vy’i Tabuk, aho indege yamanukiye. Netanyahu yamwise “intwari nyakuri”, amushimira ubutwari budasanzwe yerekanye.
- Izina ry’uwundi mudereva ntiriramenyekana. Netanyahu yavuze ko reta yiwe izogira uruhara mu matohoza, ariko igituma uwo mudereva yoba yagavye ico gitero ntikiramenyekana.
- Flydubai yarungitse iyindi ndege kugira itware izo ngenzi gushika i Tel Aviv. Ku kibuga c’indege Ben Gurion, imiryango yazakiriye n’amarira y’umunezero.
- Abategetsi ba Israel bavuze ko bagiye gusuzuma cane abadereva b’indege zinjira muri Israel, inyuma y’itegeko rya Netanyahu ryo gukomeza ingingo z’umutekano.
- Ivyo vyatumye haba ugukorana kudasanzwe hagati ya Arabia Saoudite na Israel, naho ivyo bihugu bitagira imigenderanire yemewe hagati ya reta zavyo. Abaganga bo muri Arabia Saoudite baravuye ingenzi zari zakomeretse zerekeza muri Israel. Umushikiranganji wo muri Israel yarashimiye Arabia Saoudite kuri iyo mfashanyo.
- Donald Trump na we yise umudereva wa kabiri w’iyo ndege “intwari”, mu kiganiro co kuri telefone yagiranye na Benjamin Netanyahu.
Izindi nkuru wosoma:
Ethiopia: Intambara zo muri Tigray zimaze guhitana abanyagihugu 52 mu misi itatu
Abanyagihugu n’imiburiburi 52 barapfuye inyuma y'iminsi itatu y’intambara zikomeye mu gisagara ca Alamata no mu micungararo yaco, mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bwa Ethiopia, nk’uko abaganga babibwiye BBC.
Biboneka ko igisirikare ca reta camaze kwigarurira Alamata yari mu minwe y’abarwanyi bo muri Tigray. Amashusho yasohowe ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ibimodoka bikomeye vy’igisirikare mu mabarabara y’ico gisagara.
Umuganga wo ku bitaro bikuru vya Alamata yavuze ko izo nrwano zabaye hagati yo ku wa gatandatu no ku wa mbere. Yavuze ko ibisasu bimwe vyaguye ku mazu y’abanyagihugu.
Mu bapfuye harimwo uruhinja rw’imisi itatu hamwe n’abakenyezi. Abantu 12 bapfiriye rimwe igihe igisasu cagwa mw’isoko ry’i Alamata.
Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, MSF, rivuga ko abantu bakiriwe bakomeretse barenga 700.
Inrwano zasubiriye mu ndwi iheze inyuma y’amezi y’ukutumvikana hagati ya reta ya Ethiopia n’umugambwe TPLF uri ku butegetsi muri Tigray. Impande zompi zagirizanya kurenga ku masezerano yo mu 2022 yahagaritse intambara yari imaze imyaka ibiri.
Imihora ya telefone na internet yarahagaritswe muri Tigray, hamwe n’ibikorwa vy’ama banki, bituma abanyagihugu badashobora kurungika canke kuronka amafaranga.
Inrwano zarashitse no mu ntara ya Amhara, aho ingenzi 33 zimaze indwi zidashobora kuva i Lalibela kuva ikibuga c’indege caho cugariwe. Ingenzi 14 zo muri Israel zarakuweyo n’indege ya kajugujugu y’igisirikare.
Menya neza, BBC ntishobora gukorera inkuru muri Tigray kandi biragoye kumenya neza uko ibintu vyifashe kubera ihagarikwa ry’uguhanahana amakuru.
Izindi nkuru wosoma:
Mwaramutse neza!
Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.