Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Putin agabisha Uburengero ko Uburusiya buzokoresha ibirwanisho vyose mu gukingira Kaliningrad

Perezida Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya buzokoresha ibirwanisho vyose bufise mu gihe bwobona ko agace kabwo ka Kaliningrad kagabweko igitero.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Bernard Bankukira

  1. Ubuholandi: Icegeranyo cagiriza umuryango w’i bwami kwungukira mu bukoloni no mu bucakara

    Umwami w’Ubuholandi yavuze ko yakozwe ku mutima n’ivyavuye mu cegeranyo c’ubushakashatsi cerekana ko umuryango w’i bwami wungukiye cane ku bukoloni no ku bucakara.

    Ubwo bushakashatsi bwari bwasabwe n’Umwami Willem-Alexander ubwiwe mu myaka ine iheze bwerekana ko mu myaka amajana n’amajana, umuryango wa Orange wari ku ngoma wabona ubukoloni nk’ikintu ngirakamaro ku gihugu, kandi ko wagize uruhara mu gutuma rudandazwa rw’abacakara rukomera.

    Mu kwakira ico cegeranyo categuwe na Kaminuza ya Leiden, Umwami yavuze ko ivyavuye muri ubwo bushakashatsi “bitomoye kandi bitangaje”.

    Ubucakara bwagize uruhara runini mu gihe c’iterambere ridasanzwe ry’Ubuholande, hagati y’ikinjana ca 16 n’ica 17, aho ubutunzi bwaco bwari bushingiye ku budandaji bwo mu mazi.

    Muri ico gihe c’ubucaraka imiriyoni n’imiriyoni z’Abanyafrika barafashwe bajanwa kugurishwa nk’ibidandazwa bisanzwe mu turere tutari duke tw’isi, harimwo cane cane no ku mugabane wa Amerika.

    Muri ico gihe, ubwami bw’Ubuholandi bwari bwarashinze ruraguma mu turere ubu dusigaye ari ibihugu nka Indonesia, Suriname be n’amazinga atari make yo mu karere ka Karayibe (Caribbean/Caraïbes).

  2. Ethiopia: Inyeshamba zishigikiye reta y'igihugu zivuga ko zisugereje Mekelle, umugwa mukuru wa Tigray

    Umurwi witwara gisirikare ukorana na reta ya Ethiopia uvuga ko usugereje igisagara ca Mekelle, umugwa mukuru w’intara ya Tigray isanzwe igenzurwa n’inyeshamba zirwanya ubutegetsi bw’ico gihugu, TPLF.

    Umuwi TPF (Tigray Peace Force) watangaje ku rubuga rwa Facebook ko wigaruriye igisagara ca Milazat, ukaba wasohoye amavideo ataremezwa n’uruhande rwigenga, bivugwa ko yerekana abarwanyi bawo baririmba indirimbo z’intsinzi mu gihe bariko baca mu mabarabara y’ico gisagara.

    Milazat iri ku bilometero 20 mu bumanuko bwa Mekelle.

    Ababa mu gisagara ca Mekelle na bo nyene babwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko ingabo zishigikiwe na reta ubu zisugereje ico gisagara ku buryo zishobora kukigabako ibitero.

    Igisirikare ca Ethiopia be n’abarwanyi bakorana na co bateye intambwe zikomeye kuva intambara zisubiye kwaduka muri iyo ntara mu ndwi iheze.

    Ibi biri uku mu gihe ingabo za reta hamwe n’ihuriro ry’inyeshamba rirongowe na Tigray People's Liberation Front (TPLF), umugambwe urongoye iyo ntara, babandanya gutana mu mitwe.

  3. Imiriro n’imigumuko y’abanyeshure: Ni ibiki biriko biraba mu Bufaransa?

    Hari imishamirano ikaze ibandanya hagati y'abanyeshure n'abaporisi imbere y'amashure yisumbuye n’amakaminuza hirya no hino mu Bufaransa.

    Ejo ku wa kane, ku mashure atari make mu gihugu cose hiriwe imiriro, mu gihe abanyeshure bariko biyamiriza ubukene bw'abigisha n'abandi bakozi, inyubakwa z’amashure zigeze ahatemba, n’amasomero yarengewe n’ubwinshi bw’abanyeshure.

    Gushika ejo ku wa kane, amashure yisumbuye 1.027 ni yo yakozweko n'iyo myiyerekano, nk'uko ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwabitangaje.

    Abanyeshure bo mu makaminuza na bo nyene barifatanije na bagenzi babo bo mu mashure yisumbuye muri iyo myiyerekano, bavuga ko bahura n'ingorane nk'izo nyene.

    Ubwo bushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwatangaje kandi ko abantu 1.949 batawe muri yompi ejo ku wa kane, mu gihe abaporisi 305 bakomeretse.

    Iyi migumuko yabandanije kuri uno wa gatanu, aho amashure n'amakaminuza amajana n'amajana yongeye kwugarwa.

    Hari hategekanijwe ibiganiro kuri iyi myiyerekano, ariko reta iremera ko imyidogo y’aba banyeshure ku bijanye n'ubuzima bubi mu mashure ifise ishingiro. Ariko kandi, iratera ivyatsi ico yita imigumuko yo mu bisagara yandurutse kuri iyi myiyerekano.

    Abanyeshure bavuga ko abaporisi bariko bakoresha inguvu zirenze urugero mu kurondera gutuza iyi myiyerekano.

  4. Intambara yo muri Ukraine: Igitero ca drone c’Uburusiya kuri Kyiv cateje akajagari mu kwiyunguruza

    Umugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, uri mu kajagari mu vyo kwiyunguruza, inyuma y’aho kimwe mu biraro bikuru vy’ico gisagara congeye guterwa n’indege zitagira abadereva (drone) z’Uburusiya mw’ijoro ryakeye.

    Ico kiraro gica hejuru y’uruzi rwa Dnipro catewe ku ncuro igira kane mu masaha 24, bituma uruja n’uruza rw’imodoka n’amagarimoshi ruhagarara, haca hanafatwa n’ingingo zo kugabanya uruja n’uruza ku bindi biraro.

    Umunyamakuru wa BBC ari i Kyiv avuga ko amabarabara menshi yuzuye imodoka zidashobora kugenda, ku buryo bamwe mu bakozi n’abanyeshure bagiye ku kazi canke kw’ishure n’amaguru kubera ingorane zo kwiyunguruza.

    Muri iyi misi, Kyiv iriko iracucagirwa ibibombe, aho ibikorwa remezo vyayo bikaba ari vyo vyiziziwe gusumba.

    Ni ibitero bigira ingaruka ku basivire, abategetsi bakavuga ko umuntu umwe yapfuye inyuma y’aho inyubakwa y’uburaro ikubiswe n’igisasu.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  5. Eritrea na yo yahagaritse umubano na Ethiopia nyuma yo gufunga Ambassade yayo muri Asmara

    Ethiopia na Eritrea byahagaritse umubano wa dipolomasi hagati yabyo, mu gihe imirwano yongeye kubura mu majyaruguru ya Ethiopia, ibintu bikaba byongera impungenge z'uko hashobora kuvuka amakimbirane agakwira mu karere ibi bihugu biherereyemo.

    Nyuma yuko ejo ku wa kane Ethiopia itangaje ifungwa rya ambasade yayo i Asmara, umurwa mukuru wa Eritrea, ibashinja ibikorwa bishobora guhungabanya umutekano w'igihugu, Eritrea na yo yahise ihagarika umubano wa dipolomasi na Ethiopia, ivuga ko icyemezo cya Ethiopia kitayisigiye andi mahitamo uretse gufata ingamba nk'izo mu rwego rwo kwihimura no gusubiza icyo cyemezo.

    Minisiteri y'Ububanyi n'Amahanga ya Ethiopia yatangaje ku wa Kane ko "yafashe icyemezo cyo gufunga Ambasade yayo i Asmara, muri Eritrea, mu rwego rwo guhangana n'ibikorwa by'ubugizi bwa nabi n'imirwano bya Ethiopia bitaziguye.

    Mu itangazo ryashyizwe ku rubuga rwayo rwa X, ryavuze kandi ko abadipolomate 10 ba Eritrea, batavuzwe amazina, bategetswe kuva muri Ethiopia mu masaha 48.

    Ku ruhande rwa Eritrea Minisitiri w’Itangazamakuru, Yemane Gebremeskel, yabwiye Reuters ari nayo dukesha iyi nkuru, ko mu kwirukana abadipolomate bose ba Eritrea muri Ethiopia, guverinoma yari iri gufunga ambasade yayo i Addis Ababa.

    Mu itangazo rya Minisiteri y'Ububanyi n'Amahanga, yagize ati: “Eritrea nta yandi mahitamo ifite uretse gukora nkuko bakoze no guca umubano wose wa dipolomasi na Ethopia hamwe n’ibindi bibi byose bifitanye isano na byo.”

    Uretse Eritrea, Addis Ababa yashinje kandi Sudani na Misiri gushyigikira ihuriro ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi riyobowe n’umutwe wa Tigray People’s Liberation Front (TPLF) wahanganye n’ingabo zishyigikiye guverinoma ya Ethiopia kuva mu cyumweru gishize. gusa Ibi bihugu bitatu birahakana icyo kirego.

    Komisiyo y’Umuryango w’Ubumwe bwa Afurika yasabye ibihugu bitatu kwiitwararika birinda ibikorwa cyangwa amagambo bishobora kongera umwuka mubi no guhungabanya amahoro n’ituze mu karere.

    Guverinoma ya Ethiopia kandi yatangaje ko ari umudipolomate wa Misiri ​atari uw’ingenzi, inamutegeka kuva mu gihugu mu masaha 48, nk’uko byatangajwe n’ikigo cya leta gishinzwe itangazamakuru cya Etihiopia n’abantu babiri bazi icyo kibazo.

    ikinyamakuru gikorana na leta mu Misiri, Al Qahera News, kivuga ko Cairo yasubije mu buryo nk’ubwo, ivuga ko umujyanama wa ambasade ya Ethiopia muri Misiri ari umuntu utari uw’ingenzi, imuha amasaha 48 yo kugenda.

    Umuvugizi wa Minisiteri y'Ububanyi n'Amahanga ya Misiri, Nader Zaki, yabwiye Reuters ko igikorwa cya Cairo gifite ishingiro.

    Yagize ati: “Guhuza ni ryo shingiro rya dipolomasi.”

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Trump ku ntambara na Irani: “Ntituzi uwo twovugana”

    Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ku wa kane mw’ijoro ko abona Irani iri hafi kwemera ko yatsinzwe, ariko ko Amerika itazi neza uwo yovugana na we kugira intambara ihagarare.

    Trump yabivugiye muri reta ya Texas. Yavuze ko yizera ko Amerika izotsinda iyo ntambara amatora yo mu kwezi kuza aheze, naho yongeyeko ko ishobora kurangira n’imbere yayo.

    Yavuze ati: “Nzokora ibishoboka vyose kugira ivyerekeye Irani bihere ningoga cane.” Yongeyeko ko intambara niyahagarara, ibiciro vy’ibitoro bizogabanuka ningoga kandi cane.

    Trump yavuze ko ubutegetsi bwa Amerika buriko bugerageza gufata neza uwurongoye Iran muri iki gihe.

    Yavuze ati: “Tuvugishije ukuri, ntituzi uwo twovugana. Nta n’umwe ashaka kuba perezida.”

    Ayo majambo aje mu gihe Abanyamerika barushiriza guhagarikwa umutima n’iduga ry’ibiciro vy’ibitoro n’ivy’ibindi bidandazwa, harimwo ibifungurwa.

    Ku wa 3 Munyonyo (11), hazoba amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka aba hagati mu kiringo ca perezida.

    Ivyavuye mu matohoza y’ivyiyumviro vy’abatora vyerekana ko Abademocrate bafise amahirwe menshi yo kuronka ubwiganze mu nama nshingamateka.

    Ivyo nivyashika, vyoshobora kugora Trump kuronka abayoboke bashigikira imigambi yiwe mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, ubu inama zompi zikaba ziganziwe n’Abarepublicains.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. NBA yugaye ikigo yari ifise muri Afrika co kumenyereza abakinyi

    Ishirahamwe ry’umupira w'amaboko (basketball) muri Amerika, NBA, ryugaye ikigo NBA Academy Africa ryari rifise muri Senegal co kumenyereza abakinyi bakiri bato, nk’uko abakozi b’ico kigo n’abahoze bagikorera babwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

    Ico kigo catanguye gukora mu 2018, gifise intumbero yo gutegura abakinyi bafise impano idasanzwe bo muri Afrika kugira bashobore gukina mu mahiganwa akomeye muri Amerika no mu bindi bihugu.

    Abahoze bagikorera bavuga ko kucugara ari igihombo ku bakinyi bakiri bato bo hirya no hino muri Afrika.

    Michel Chikwanine, yahora ari umuhanuzi muri ico kigo, yavuze ko iyo ngingo yatumye bamwe muri bo batakaza icizere bari batanguye kugira. Yavuze kandi ko amahirwe y’abakinyi bo muri Afrika ashobora kugabanuka, kuko bazohiganirwa ibibanza n’abakinyi bo mu yindi mihingo y’isi.

    NBA yavuze ko iyo ngingo ijanye n’uburyo bushasha bwo guteza imbere basketball kw’isi. Imyimenyerezo izohora ibera mu kigo gishasha kizokwugururwa i Abu Dhabi, muri Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu.

    NBA ihakana ko kwugara ico kigo bisigura ko igiye kugabanya uruhara rwayo mu guteza imbere abakinyi bo muri Afrika. Ivuga ko izobandanya gushigikira imigambi nka Basketball Africa League na Basketball Without Borders.

    Kuva NBA Academy Africa yugururwa, yamenyereje abakinyi bashika 110. Ulrich Chomche wo muri Cameroun yabaye uwa mbere yahaciye atorwa gukina muri NBA mu 2024, mu gihe Khaman Maluach wo muri Sudani y’Epfo akinira Phoenix Suns.

  8. Uganda yahagaritse ikinyobwa gikekwa kuba kiva mu Burundi kubera kirimwo umuti ukoreshwa muri ‘viagra’

    Urwego rwa Uganda rujejwe kugenzura imiti, NDA, rwategetse ko ikinyobwa citwa 'Boisson Énergétique Très Puissante' gihagarikwa kugurishwa no kunyobwa ku butaka bw’ico gihugu.

    NDA ivuga ko ico kinyobwa kitemewe muri Uganda kandi ko kidandazwa bavuga ko congereza inguvu z’abagabo mu kurangura imibonano mpuzabitsina.

    Umuvugizi wa NDA, Abiaz Rwamwiri, yavuze ko isuzuma ryakorewe mu bubiko bw’urwo rwego ryasanze ico kinyobwa kirimwo umuti witwa sildenafil, ariko ivyo bikaba bitanditswe ku gacupa kayo.

    Sildenafil ni umuti ukoreshwa muri Viagra, ugenewe kuvura abagabo bafise ingorane zo kurangura imibonano mpuzabitsina. NDA ivuga ko uwo muti ukwiye gukoreshwa gusa ku mpanuro no ku ruhusha rw’umuganga.

    Rwamwiri yavuze ko kuwunywa umuntu atabizi bishobora gutuma umuvuduko w’amaraso uduga cane, akagira ikibazo, ingorane zo kubona canke igitsina kigafata umurego umwanya muremure.

    Izo ngaruka zishobora kuba mbi kuruta ku bantu bafata imiti irimwo nitrate, nka nitroglycerin, kuko kuyivanga na sildenafil bishobora gutuma umuvuduko w’amaraso udugabanuka gushika ku rugero rushobora kwica umuntu.

    NDA yasavye abantu guhagarika kugura, kugurisha no kunywa ico kinyobwa.

    Yasavye kandi uwakinyoye agatangura kugira izo ngorane guca aja kwa muganga.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Putin agabisha Uburengero ko Uburusiya buzokoresha ibirwanisho vyose mu gukingira agace ka Kaliningrad

    Perezida Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya buzokoresha ibirwanisho vyose bufise mu gihe bwobona ko agace kabwo ka Kaliningrad kagabweko igitero.

    Mw’ijambo yashikirije inama ya Valdai ijanye n’imigenderanire, Putin yavuze ko Uburusiya “butariko buratera ubwoba umuntu n’umwe”, ahubwo ko buriko burishura ku majambo y’abategetsi bo mu Burengero bavuga ko Moscow yoba iriko yitegurira intambara mu 2029 canke 2030.

    Kaliningrad ni igice c’Uburusiya kiri ku kiyaga Baltique, hagati ya Lithuania na Pologne, ariko kidafatanye n’ibindi bice vy’Uburusiya.

    Muri iyi ndwi, Uburusiya bwagirije OTAN kwitegurira gutwara Kaliningrad no kuyitandukanya n’ibindi bice vy’igihugu. Moscow yagabishije ko yoshobora gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda mu gihe Uburengero bwogerageza guca inzira ziyihuza n’Uburusiya.

    Putin yavuze ati: “Mu gihe Uburusiya bwogabwako igitero ata guca iruhande, haba muri Kaliningrad canke mu kandi karere, gukoresha ibirwanisho vyose igihugu cacu gifise kuzoca kuja ku rutonde rw’ibikenewe kwihwezwa ubwo nyene.”

    Yongeyeko ati: “Nta muntu turiko turatera ubwoba. Nta mugambi dufise wo gutera umuntu mu 2029, 2030 canke 2050. Ariko nitwagabwako igitero, tuzobwirizwa kwishura.”

    OTAN yavuze ko ari umuryango wo kwivuna umwansi kandi ko imyimenyerezo yayo ata kaga itera Uburusiya. Umunyamabanga mukuru wayo, Mark Rutte, yasavye Moscow guhagarika kuvuga ko izokoresha ibirwanisho ruhonyanganda.

    Ivyo bibaye mu gihe ibihugu vyo mu Burengero bivuga ko ibikorwa bihungabanya umutekano vyagirizwa Uburusiya vyiyongereye muri Pologne no mu bihugu vyo ku kiyaga Baltique.

    Mu ndwi iheze, Pologne yavuze ko indege ya kajugujugu y’Uburusiya yinjiye mu kirere cayo hafi ya Kaliningrad. Lithuania na yo ivuga ko abanyagihugu bayo babandanya guterwa ubwoba n’Uburusiya, harimwo n’indege zitajamwo abadereva zinjira mu kirere c’ico gihugu.

    Putin yasubiriye kandi kwagiriza Uburengero kuba ari bwo bwatumye haba intambara muri Ukraine, naho Uburusiya ari bwo bwayitanguje muri Ruhuhuma (2) 2022.

    Yavuze ko ibitero Uburusiya bugaba ku bikorwa vy’ubutunzi vya Ukraine ari inyishu ku bitero vya Ukraine ku mahinguriro atunganya ibitoro no ku bwato bw’Uburusiya buri mu Kiyaga Cirabura.

    Putin yemeye ko ivyo bitero vya Ukraine ku mahinguriro y’ibitoro vyagize ico bishitseko kandi ko Uburusiya bwatakaje hafi igice kimwe kw’ijana c’ubutunzi bwabwo.

    Yagabishije kandi ko gukoresha imashini n’ubwenge buhinguwe mu ntambara bishobora gutuma abantu babona intambara nk’urukino, bigasubiza inyuma agateka k’ikiremwa muntu.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.