Ayavugwa mu mupira w'amaguru : Varane, Sancho, Gerrard, Messi, Martial, Kounde, Benitez, Torreira

Raphael Varane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Raphael Varane
Yatangajwe

Umukinyi w'inyuma wa Real Madrid Raphael Varane aripfuza cane kwimukira muri Manchester United muri rino ci, ariko ikibazo nyamukuru kuyi uyu mufaransa w'imyaka 28 gishobora kuba gihagaze ku mushahara uharurwa mu bihumbi 555. 400 vy'amadorari y'abanyamerika (mu marundi ni 1.1 02.4 69.000 FBU) ku ndwi. (Independent)

Tottenham ishobora kuvuvudikira umumenyereza wa Rangers Steven Gerrard mu gihe vyonanirana ko ironka uwahoze amenyereza Wolves Nuno Espirito Santo. (Evening Standard)

Crystal Palace ishobora kurodera umumenyereza wa Swansea Steve Cooper inyuma y'aho vyankiye ko izana uwahoze amenyereza Borussia Dortmund Lucien Favre kugira ngo asubirire Roy Hodgson. (Sun)

Manchester United iri hafi yo kuronka umukinyi wo ku ruhande wa Borussia Dortmund umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 21 - bikaba vyitezwe ko iyi mirwi yompi ishika ku masezerano mu ndwi zibiri ziri imbere. . (Manchester Evening News)

Jadon Sancho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jadon Sancho

Ibiganiro hagati ya wa musatirizi rurangiranwa wa Argentina Lionel Messi n'umurwi wiwe Barcelona bigeze kure mu ntumbero yo kugiriranira ayandi masezerano na we, ariko hari ivya nkenerwa bitarumvikanwako mu gihe amasezerano uyu mukinyi w'imyaka 34 ubu afitaniye nayo yitezwe kurangira mu ndwi iza. (Sky Sports)

Umuhagarikizi wa Timo Werner arashimangira ko uyu musatirizi w'umudagi w'imyaka 25 azoguma mu murwi Chelsea, n'aho hari amakuru avuga ko Real Madrid yoba iriko iramurondera. (Sport1, via Sun)

Timo Werner

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Timo Werner

Manchester United ishobora kwumviriza abarondera umusatirizi w'umufaransa Anthony Martial w'imyaka 25, hamwe n'umukinyi wo hagati w'Ubuholande Donny van de Beek w'imyaka 24, ni mu ntumbero yo kuduza uburyo bwoyituma yiyubaka gushasha muri rino ci. (ESPN)

Everton irarondera umukinyi w'inyuma wa Roma umwongereza Chris Smalling w'imyaka 31 ariko wewe ntiyipfuza kwimukira i Goodison Park. (Mail)

Tottenham iriko irarondera umukinyi w'inyuma muri rino ci, umufaransa Jules Kounde w'imyaka 22 akina inyuma muri Sevilla , hamwe na Joachim Andersen w'imyaka 25, umunya Danemark akina muri Lyon bakaba bari imbere mu baronderwa. (Guardian)

Jules Kounde

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jules Kounde

Rafael Benitez ararondera cane kuja kumenyereza Everton n'aho vyitezwe ko bamwe mu bakunzi b'uyu murwi biyamiriza igenwa ry'uyu yahoze amenyereza Liverpool . (Football Insider)

Bitegekanijwe ko muri iyi ndwi Benitez agiriranira ibindi biganiro n'abategetsi b'uyu murwi waba Toffees, igenwa ryiwe rigashobora kwemezwa mu ntango z'indwi iza. (Mail)

Everton iri mu biganiro n'umunyegori wa Argentine Sergio Romero w'imyaka 34 yahoze akina Manchester United, kugira aje gusamira uyu murwi ata mahera urinze kumutangako, ariko ikaba imurwanira na Juventus hamwe na Celta Vigo. (Athletic)

Arsenal iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Lille Umunya Portugal Renato Sanches w'imyaka 23 asanzwe ariko aravyifatamwo neza mw'ihiganwa rihuza ibihugu vya Buraya, Euro 2020. (90Min)

Renato Sanches

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Renato Sanches

Umiunya Uruguay Lucas Torreira w'imyaka 25 asanzwe akina hagati muri Arsenal aripfuza gusubira mu Butariyano muri rino ci, nk'uko vyemezwa n'umuhagarikizi wiwe. (TuttoMercatoWeb)

Aston Villa iriko irihweza ingene yosubira kurondera umukinyi wo hagati wa Arsenal, umwongereza Emile Smith Rowe w'imyaka 20, inyuma y'aho igiciro c'imiriyoni zababa 35 camiriwe kure. (Express and Star, Wolverhampton)

West Ham na Tottenham zompi ziriko zirarondera umunyegori wa Fiorentina, umunya Pologne Bartlomiej Dragowski w'imyaka 23. (La Nazione - via Teamtalk)

Leeds United nta mahirwe ifise yo kuronka umusatirizi wa Blackburn umunya Chili Ben Brereton w'imyaka 22 ariko aravyifatamwo neza mw'ihiganwa ry'igikombe ca Amerika, Copa America. (Lancs Live)

Ahubwo, Leeds iriko iragerageza kurondera umusatirizi wa Brésil Matheus Cunha w'imyaka 22 asanzwe akina mu murwi Hertha Berlin wo mu Budagi. (UOL)