Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uyu wa gatanu itariki 25.06.2021: White, Malen, Grealish, Xhaka, Braithwaite, McGinn, Saliba

Jack Grealish

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukinyi wo hagati wa Aston Villa, Jack Grealish
Yatangajwe

Aston Villa baracizeye kugumana umukinyi wabo wo hagati Jack Grealish,25, aronderwa cane na Manchester City, Chelsea na Manchester United. (Athletic, subscription required)

Abaserukira Grealish, na bo basaba ko ava muri uwo mugwi wa Villa, kugira ashobore kuza arahembwa pawundi imiliyoni 100 agiye mu mugwi wa Manchester City. (Sun)

Arsenal iteye ku ntambwe ishimishije mu biganiro na Brighton vyo kuzana umunyegoli wo mu Bwongereza Ben White, 23, ashobora kugurwa amapawundi arenga imiliyoni 50. (Sky Sports)

Ben White

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Insiguro y'isanamu, Arsenal iteye ku ntambwe ishimishije mu biganiro na Brighton vyo kuzana umunyegoli wo mu Bwongereza Ben White, 23

Uwo mugwi kandi wa Dean Smith nta mugambi ufise wo kugurisha umukinyi wo hagati wa Ecosse John McGinn, 26, muri uyu mwaka, mu gihe Liverpool iriko yiyumvira ingene yomuzana muri uwo mugwi. (Express and Star)

Liverpool iri mu biganiro na PSV Eindhoven ku masezerano w'umukinyi w'imbere wa Hollande, Donyell Malen, 22, vyitezwe ko agurwa hafi imiliyoni 34 z'amapawundi. (Sky Sport Germany, via Express)

Donyell Malen

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Liverpool iri mu biganiro na PSV Eindhoven ku masezerano w'umukinyi w'imbere wa Hollande, Donyell Malen, 22

Imigwi Brighton, Burnley, West Ham na Norwich City iherutse gukoroka mu misi iheze, iranuganugwa ko irondera umukinyi w'imbere wa Barcelone na Danmark Martin Braithwaite, 30. (Sport - in Spanish)

Umukinyi wo hagati w'Ubufaransa William Saliba, 20 wa Aesenal aracaronderwa n'imigwi myinshi y'i Buraya, harimwo Nice yahora akinira kw'igeni mu mwaka uheze. Newcastle United, Southampton, n'imigwi yo mu Bufaransa ya Rennes, Marseille, Lille, na Bayer Leverkusen yo mu Budagi na yo iramusha. (Footmercato - in French)

Umufaransa William Saliba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukinyi wo hagati w'Ubufaransa William Saliba, 20

Umugwi wa West Ham utegura amapawundi imiliyoni 17 yo kugura umunyegoli wa Fiorentina w'imyaka 23, Nikola Milenkovic, ariko ayo mahera ari musi cane y'ayo uwo mugwi wa Serie A, kugira barekure uwo mukinyi w'umu Serbe. (Calciomercato - in Italian)

Umugwi wa Burnley uriteguriye kwegeranya amahera yo kugura umunyegoli wa Werder Bremen n'igihugu ca Czech, Jiri Pavlenka w'imyaka 29. (Bild - in German)

Crystal Palace barashaka kugura uwahoze amenyereza Borussia Dortmund, Lucien Favre nk'umumenyereza w'uwo mugwi mushasha. (90min)

Lucien Favre

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uwahoze amenyereza umugwi wa Borussia Dortmund Lucien Favre