Korea zose na Amerika bimirije inama muri Finlande

Abategetsi ba Korea ya Ruguru (Kim Jong-un) na Amerika (Donald Trump) bimirije kugirana inama
Insiguro y'isanamu, Abategetsi ba Korea ya Ruguru (Kim Jong-un) na Amerika (Donald Trump) bimirije kugirana inama
Yatangajwe

Intumwa za Korea ya Ruguru, iza Korea Yepfo na Amerika bitezwe kugirana ibiganiro mu gihugu ca Finlande mu minsi iza.

Bikekwa ko bazoganira ku bijanye n'inama hagati ya Prezida Donald Trump n'indongozi ya Korea ya Ruguru, Kim Jong-un.

Amakuru yerekeye iyo nama ya Finlande yatanguye guseruka igihe umutegetsi akomeye wa Korea ya Ruguru abonywe i Beijing yurira indege igiye Helsinki.

Yitezwe guhura n'abakozi bari mu buserukizi bwa Amerika hamwe n'abahinga ba Korea Yepfo mu vy'umutekano.

Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu ya Korea ya Ruguru, Ri Yong Ho (hagati) ashitse muri Suède ku munsi wa kane
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu ya Korea ya Ruguru, Ri Yong Ho (hagati) ashitse muri Suède ku munsi wa kane

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Korea ya Ruguru amaze iminsi itatu abonana n'abantu muri Suède.