IKIBIRIRAHO, Abasirikare ba Eritrea binjiye muri Tigray mu gihe intambara irushiriza gukomera

Abasirikare ba Eritrea binjiye mu buraruko bwa Ethiopia, berekeza mu bice vya Tigray biriko biraberamwo intambara hagati y’igisirikare ca reta n’abarwanyi bo muri iyo ntara, nk’uko ababa mu gisagara ca Adigrat babibwiye BBC.

Incamake

Abasirikare ba Eritrea binjiye muri Tigray mu gihe intambara irushiriza gukomera

Amakuru y'ikibiriraho

Mushikirizwa na Chançard Abimana

  1. Rice ari hafi kumvikana ku masezerano mashya na Arsenal

    Declan Rice agaragara yambaye Umupira wa arsenal w’ibara ry’umutuku kumaboko usa umweru , azamuye amaboko nkugiye gukoma amashyi
    Insiguro y'isanamu, Declan Rice yageze muri Arsenal avuye muri West Ham mu 2023.

    Amakuru agera kuri BBC Sport avuga ko Declan Rice yegereje kumvikana ku masezerano mashya y’igihe kirekire muri Arsenal.

    Uyu mukinnyi wo hagati w’Ubwongereza yabaye umukinnyi w’ingenzi cyane muri iyi kipe (izwi nka Gunners) kuva yayigeramo avuye muri West Ham ku kayabo ka miliyoni 105 z’amapawundi mukwezi kwa 7, 2023.

    Amasezerano yarafite azarangira mu mpera z’umwaka w’imikino utaha, ariko BBC Sport mukwa 3 yari yatangaje ko ibiganiro ku masezerano mashya byari byaratangiye, ubu rero bigeze kure.

    Uyu mukinnyi w’imyaka 27 amaze gukina imikino 165 muri Arsenal, yafashije Kandi iyi kipe kwegukana igikombe cya Premier League nyuma y’imyaka 22 itagitwara, mu mwaka w’imikino ushize.

    Rice ashobora kuzahabwa umushahara wiyongereye cyane ugereranyije n’uwo yabonaga wa £240,000 ku cyumweru, bitume agera ku rwego rumwe na Bukayo Saka uhembwa amafaranga menshi kurusha abandi muri iyi kipe, Bukayo Saka, bivugwa ko ahabwa hafi £350,000 ku cyumweru.

    Nubwo Rice yivanye mu ikipe y’igihugu y’Ubwongereza yari iyobowe na Thomas Tuchel mbere y’umwiherero w’ibyumweru bitatu uherutse, ariko amaze gukinira iki gihugu imikino 80 kuva ahinduye ikipe y’igihugu yavuyemo (yakiniraga Repubulika ya Ireland) mu 2019. Tuchel na we yigeze kumushima avuga ko ari umwe mu "bakinnyi beza bo hagati mu Burayi".

    Byitezwe ko Rice azakina mu mukino Arsenal izakiramo Leeds muri shampiyona y’icyiciro cya mbere mu Bwongereza kuri uyu wa Gatandatu (saa sita n’igice z’amanywa ku isaha yo mu Bwongereza - BST).

    İyi nkuru ije nyuma y’uko ku wa Gatatu hatangajwe amasezerano mashya y’imyaka ine y’umutoza wa Arsenal, Mikel Arteta, hamwe n’iyi kipe yatwaye igikombe cya Premier League.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. ONU yongereje ikiringo c’intumwa yayo idasanzwe ngo akurikirane ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi

    Fortuné Gaétan Zongo, intumwa idasanzwe yayo ikurikirana ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi

    Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yarongereje ikiringo ca Fortuné Gaétan Zongo, intumwa idasanzwe yayo ikurikirana ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi.

    Iyo ngingo yemejwe ku majwi 22, ibihugu indwi birayirwanya, ibindi 17 ntivyagira ico biyivugako.

    Zongo yasabwe kuzoshikiriza icegeranyo gikwiye ku vy’agateka ka zina muntu mu Burundi, mu nama ya 66 y’iyo nama ya ONU no mw’ikoraniro rya 82 ry’Inama Nkuru ya ONU zizoba mu mwaka uza inyuma y’amatora yo mu Burundi.

    Iyo nama yasavye kandi reta y’Uburundi gutegura ibikenewe kugira amatora y’umukuru w’igihugu yo mu 2027 abe atekanye. Yasavye reta gutanga ikirangamisi cerekana igihe ibiro vy’Ishirahamwe rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu vyosubira kwugururwa mu Burundi.

    Amashirahamwe y’Abarundi aharanira agateka ka zina muntu, ariko cane cane ayakorera hanze y’igihugu, yashimye iyo ngingo. Avuga ko gukurikirana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi bikenewe cane imbere y’amatora yo mu 2027.

    Ayo mashirahamwe avuga ko hakivugwa inyuruzwa ry’abantu, iyicarubozo, ugupfungwa kutisunze amategeko, ukugabanya uburenganzira bw’amashirahamwe yigenga hamwe n’ukudahana abagirizwa ivyaha.

    Reta y’Uburundi yo yari yamaze kuvuga ko idashigikiye ico gikorwa. Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Édouard Bizimana, yari yavuze ko hageze guhagarika ico yise “ugutebura kw’intumwa idasanzwe”, yagiriza Zongo gushingira ivyegeranyo vyiwe ku makuru yo ku mbuga ngurukanabumenyi.

    Izindi nkuru wosoma :

  3. Amerika: Pentagone iriko irategura ibitero bishobora kugabwa kuri Iran imbere y’amatora

    umusirikare wa amerika

    Ibinyamakuru vya Amerika Axios na The Atlantic bivuga ko Pentagone (ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi ) iriko irategura uburyo bwo gusubira kugaba ibitero bikomeye kuri Iran, bishobora kuba imbere y’amatora yo hagati y’ikiringo ca Perezida azoba ku wa 3 Munyonyo (11).

    Axios, ishingiye ku bategetsi ba Amerika bavuganye, ivuga ko Pentagone yahaye itegeko ubuyobozi bw’igisirikare ca Amerika mu Buseruko bwo Hagati, CENTCOM, ryo kurangiza imyiteguro yo gusubira mu bikorwa bikomeye vy’intambara kuri Iran.

    The Atlantic na yo ivuga ko Ibiro vya Perezida wa Amerika vyasavye Pentagone gutegura uburyo butandukanye bwo gutera ibibanza vya Iran, bushobora gukoreshwa imbere y’ayo matora.

    Ariko Axios ivuga ko iryo tegeko riterekanye umusi ibitero vyotangurirako. Perezida Donald Trump na we ngo ntarafata ingingo ya nyuma yo gusubira gutera Iran.

    The Atlantic ivuga ko Trump yipfuza ko ibiciro vy’igitoro bigabanuka no kwerekana ko hari intambwe ikomeye yatewe mu ntambara na Iran imbere y’uko Abanyamerika baja gutora.

    Amakuru Axios yakuye ku bategetsi ba Amerika na Israel avuga ko ibitero bishobora kugabwa imbere y’amatora yo muri Amerika, canke imbere y’amatora ya Israel ategekanijwe kuba indwi imwe imbere yayo.

    Axios ivuga ko ibikorwa bikomeye vy’intambara nivyasubira, bishobora kuba birimwo ibitero vyinshi vy’amabombe ku bigo vya Iran bijejwe inguvu, ku nyubakwa n’imihora bihambaye no ku bibanza bikorerwamwo imigambi ya nikleyeri. Ariko bamwe mu bategetsi bavuga ko ibitero imbere y’amatora bishoboka naho amahirwe yavyo atari menshi.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Abasirikare ba Eritrea binjiye muri Tigray mu gihe intambara irushiriza gukomera

    Abasirikare ba Eritreya barimwo mu ntambara yo muri Tigray yo mu 2020-2022
    Insiguro y'isanamu, Abasirikare ba Eritreya barimwo mu ntambara yo muri Tigray yo mu 2020-2022

    Abasirikare ba Eritrea binjiye mu buraruko bwa Ethiopia, berekeza mu bice vya Tigray biriko biraberamwo intambara hagati y’igisirikare ca reta n’abarwanyi bo muri iyo ntara, nk’uko ababa mu gisagara ca Adigrat babibwiye BBC.

    Intambara yasubiye kwaduka haheze indwi zibiri, inyuma y’amezi hari ukutumvikana hagati ya reta ya Ethiopia n’umugambwe TPLF uri ku butegetsi muri Tigray.

    Impande zompi zagirizanya kutubahiriza amasezerano yo mu 2022 yahagaritse intambara yamaze imyaka ibiri.

    Reta ya Ethiopia yagiriza Eritrea gufasha TPLF, ariko Eritrea yari yabihakanye.

    Mu mpera z’indwi iheze, abarwanyi ba TPLF baravuye mu gisagara ca Mekelle, ubu kikaba kigenzurwa n’igisirikare ca Ethiopia.

    Ababa i Adigrat bavuga ko babonye imirongo y’amakamyo y’igisirikare ca Eritrea iva ku mupaka i Zalambessa, ica i Adigrat yerekeza i Edaga Hamus, hagati ya Adigrat na Mekelle.

    Umwe muri bo yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: “Nabonye amakamyo nka 40 atwaye abasirikare. Yerekeza mu bumanuko.”

    Uwundi yavuze ko yabonye amakamyo ari hagati ya 20 na 30, amwe atwaye ibirwanisho bikomeye harimwo inkoho zirasa indege. Abandi basirikare ngo bariko bagenda n’amaguru.

    Hari n’amakuru avuga ko amakamyo ashika 60 atwaye abasirikare yabonywe yerekeza mu misozi iri hafi ya Edaga Hamus. BBC ntirashobora kwemeza ko ayo makuru n’amashusho ariko arakwiragizwa ari ivy’ukuri.

    Ababa i Wukro bavuze ko igisirikare ca Ethiopia n’abarwanyi bagifasha binjiye muri ico gisagara ku wa gatatu, inyuma y’intambara yakoreshejwemwo ibirwanisho bikomeye.

    Ukugaruka kw’abasirikare ba Eritrea kwateye ubwoba abanyagihugu benshi bo muri Tigray, bibuka ubwicanyi bagirizwa gukora mu ntambara yo hagati ya 2020 na 2022.

    Umutegetsi mukuru wa Ethiopia, Abraham Belay, yagirije Eritrea kugira uruhara rutaziguye muri iyo ntambara. Yavuze ko abasirikare benshi ba Eritrea bishwe, abandi bagafatwa, yongera avuga ko Ethiopia izokwishura bikomeye.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.