Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Trump, Xi na Putin biteguriye umubonano w'akataraboneka mu nama ya APEC mu Bushinwa

Abo bategetsi bafashwe amasanamu bari kumwe i Shenzhen imbere y'ibiganiro vyitezwe hagati yabo ku mahoro no ku bibazo nyamukuru bihanze isi yose.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Aha ni ho amakuru twariko tubashikiriza mu buryo bw'ikibiriraho agarukiye, ni ah’ejo.

  2. Ukraine yizeye ko Xi, Trump na Putin bazoganira ku ntambara iyigejeje ahatemba

    Hari vyinshi vyitezwe mu mubonano w’akataraboneka hagati ya Perezida Xi Jinping w’Ubushinwa, Donald Trump wa Amerika hamwe na Vladimir Putin w’Uburusiya ku wa kane i Shenzhen, mu Bushinwa hampande y’inama ya APEC.

    Umuvugizi wa Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) avuga ko isaha imwe gusa ari yo yategekanirijwe uno mubonano hagati y’abakuru b’ibi bihugu batatu. Kuri uyu mugoroba, Xi, Trump na Putin bitavye ibirori vyo kubakira nk’abashitsi muri iyi nama ya APEC, inyuma yo kwifotoreza hamwe.

    Umushikiranganji w’imigenderanire ya Ukraine n’ayandi makungu, Andriy Sybiha, yavuze ko yizigiye ko muri ivyo biganiro, abakuru b’ibihugu vya Amerika n’Ubushinwa bazoremera Vladimir Putin guhagarika intambara yiwe kuri Ukraine.

    Hagati aho, Yury Ushakov, umujenama wa Putin mu vya poritike mpuzamakungu, yavuguruje amakuru yatanzwe n’umuvugizi wa Kremlin, mu kwemeza ko Trump na Putin bazohura ukwabo.

    Yavuze ko abo bategetsi babiri bazogirana ibiganiro inyuma y’inama rusangi ya APEC itegekanijwe ku wa kane.

  3. OMS/WHO ivuga ko Ebola muri RD Congo ikiri ikiza kibangamiye isi mu gihe abanduye barenze 11.500

    Ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi (OMS/WHO) ryongeye gushimangira ko ikiza ca Ebola kirangwa muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) kikiri ikibazo kibangamiye isi.

    Ni ivyavuye mw'isuzuma rya kabiri rya OMS kuva ico kiza gitangajwe ku ncuro ya mbere ku wa 17 Rusama (5) 2026.

    Mu cegeranyo gishasha, OMS yavuze ko abantu 11.504 bamaze kwandura Ebola kuva iki kiza cadutse, muri bo hakaba hamaze gupfa 5.630, ni ukuvuga hafi 49 kw'ijana vy'abanduye. Abategetsi batangaza ko 72 bashasha ari bo banduye, nayo 39 bakaba bapfuye.

    Intara za Ituri na Kivu ya Ruguru ni zo zibandanya kuba ikiririmbiro ry’iki. Ibibazo vy'umutekano muke n'intambara bikaba bitorohereza ibikorwa vyo gukurikirana abarwaye, kubavura no kurondera abahuye na bo.

    OMS isaba amakungu kwongereza amafaranga n’uburyo bikenewe mu kurwanya Ebola, hamwe no gufasha mu gukingira abakozi bari bahanganye n’ico kiza mu turere tubangamiwe.

    Ayandi makuru kuri Ebola:

  4. UE/EU iripfuza guha Ukraine ingurane nshasha y’imiriyaridi 50 z'amadolari mu gihe intambara ibandanya

    Ubumwe bwa Buraya (EU) bwashikirije umugambi wo guha Ukraine ingurane nshasha y'imiliyari 50 z'amadolari y'Abanyamerika, kugira bufashe iki gihugu guhangana n'ingorane z'ubutunzi zatewe n'intambara y'Uburusiya.

    Umukuru w’urwego rurongoye Ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, avuga ko ayo mahera yofasha Ukraine mu kugira ijambo mu biganiro vyose bishobora kuba muri kazoza, kandi ko yosubizwa gusa igihugu kimaze kuronka indishi z'akababaro zizotangwa n’Uburusiya.

    Hagati aho, impande zompi zibandanya kurasana. Ibitero vy'Uburusiya vyahitanye abantu bane bikomeretsa abandi 13 mu gisagara ca Odesa co mu bumanuko bwa Ukraine.

    Igisirikare ca Ukraine na co kivuga ko inganda zitunganya igitoro za Ilsky na Afipsky mu ntara ya Krasnodar mu Burusiya, ikoresheje indege zitajamwo abadereva (drone). Ukraine ivuga ko izi nganda ari isoko rikuru ry'ibitoro bikoreshwa mu bumanuko bw'Uburusiya.

    Hagati aho kandi, Ubumwe bwa Buraya buriko burategura ibihano bishasha kuri Moscou. Mu vyitezwe harimwo kubuza Abarusiya bagize uruhara mu ntambara yo muri Ukraine kwinjira mu bihugu vya UE, gufatira ingingo ruhasha amabanki n'urwego rwo guhanahana amafaranga mu buryo bwa none, hamwe n’ibihano ku mato menshi yunguruza igitoro c’Uburusiya mu kinywabi.

    Harimwo kandi n’ingingo ruhasha mu kugenzura ivyo bushora hanze bishobora gukoreshwa mu bikorwa vya gisirikare, hamwe no kugabanya canke kubuza ubucuruzi ku bivuko n'inganda zimwezimwe zitunganya igitoro bifitaniye isano n'Uburusiya.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  5. Trump, Xi na Putin biteguriye umubonano w'akataraboneka mu nama ya APEC mu Bushinwa

    Inama y'uyu mwaka y'ishirahamwe ry'ibihugu vya Aziya na Pasifike ku vy'ubutunzi (APEC) yibanze cane ku mubonano w’akataraboneka w'abakuru b'ibihugu bitatu bifise ububasha bwinshi kurusha ibindi vyose kw'isi: Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Perezida Xi Jinping w'Ubushinwa na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya.

    Abo bategetsi bafashwe amasanamu bari kumwe i Shenzhen imbere y'ibiganiro vyitezwe hagati yabo, ivyo Beijing (ubutegetsi bw’Ubushinwa) ivuga ko bizokwibanda ku mahoro no ku bibazo nyamukuru bihanze isi yose.

    Trump yakiriwe ku kibuga c'indege na Xi ubwiwe, ikimenyetso gikomeye cerekana ikibanza Ubushinwa buha ivyo biganiro.

    Amafoto ya Trump aramukanya na Putin imbere ya Xi yaciye akwiragira hose. Ibinyamakuru vyegamiye reta mu Burusiya vyavyise "indamukanyo y’akataraboneka", vyerekana ko Moscou (ubutegetsi bw’Uburusiya) ikiri igihangange kw’isi n'aho ibihugu vyo mu Burengero vyagerageje gutaramura Uburusiya kubera intambara yabwo muri Ukraine.

    Ku ruhande rwa Putin, uno mubonano ni akaryo ko kwerekana ko Uburusiya buri ku rugero rumwe n'ibihugu bibiri vya mbere bikomeye kw'isi, Amerika n'Ubushinwa, naho ubutunzi bwabwo buri hasi cane ugereranije n'ubw’ibi bihugu.

    Abihweza ibintu n’ibindi babona ko kuba gusa Putin yabonetse ari kumwe n'abo bategetsi ari intsinzi ikomeye muri dipolomasiya no kwamamaza ishusho y’Uburusiya kw’isi.

    Iyo nama ibaye kandi mu gihe Amerika n'Ubushinwa bisanzwe birabana ay’ingwe, harimwo n’amatati mu vy’ubudandaji, ubuhinga bwa none, hamwe n’ibirego vya maneko. Gusa impande zompi zigaragaza ko ziteguriye kwumvikana.

    Abihweza ibintu n’ibindi kandi babona ko iyo nama hagati y’ibi bihangange bitatu ijanye n’icipfuzo ca Trump c’uko ibihugu rutura biganira hagati yavyo ku bibazo biraba isi yose, ibindi bihugu bikaza bikurikira ivyumvikanyweko n'ibi bihugu bikomeye kuruta ibindi vyose kw’isi.

    Naho ata vyinshi vyitezwe ku masezerano mashasha, uguhurira hamwe kw’aba bategetsi batatu kwamaze kuba kimwe mu bintu nyamukuru biranga inama ya APEC y'unu mwaka.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  6. Iran yagavye igitero ku bigo vya gisirikare vya Amerika muri Koweit

    Igisirikare ca Iran kivuga ko indege zitajamwo abadereva (drones) zaco zakubise ibigo vy’ubuhinga bwo kwivuna ibitero vya misire hamwe n'ibindi bikoresho vya gisirikare biri ku kigo c'ingabo za Amerika muri Koweit.

    Imbere y'aho, ubutegetsi bwa Koweit na Bahrain bwari bwatangaje ko ubuhinga bwavyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bwazibiye ibitero bitari bike vyo mu kirere. Gusa, itangazo ry’igisirikare ca Irani ntirivuganwo Bahrain.

    Ibi bihugu vyompi vyo mu Kigobe c’Abarabu bihaye indaro ibigo vya gisirikare vya Amerika, bikaba bimaze guterwa incuro zitari nke kuva Amerika na Israel bitanguje intambara kuri Irani muri Ruhuhuma (2).

    Hagati aho, ikompanyi ya Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE) yimbura igitoro, ADNOC, yatangaje ko umwe mu bakozi yaburiwe irengero inyuma y'aho ubwato bwayo burasiwe mu Muhora wa Hormuz.

    ADNOC yavuze ko abandi bakozi bose bari muri ubwo bwato batabawe, 11 bakaba bariko baravurwa.

    Ni mu gihe umukuru w’igisirikare ca Irani, Amir Hatami, avuga ko Amerika iriko irongereza inguvu zayo za gisirikare mu Kigobe c’Abarabu, aho agabisha ati: “Mu gihe umwansi yosubira gukora ikindi gitero, we hamwe n’abamushigikiye bazohura n’inyishu ikomeye, y’uburakari, kandi itagira aho igarukira.”

    Hatami asubirwamwo n’ikinyamakuru IRNA, avuga kw’irungikwa ry’ubwato bushasha bwikorera indege z’intambara muri ako karere, ati: “Tumeze magabo kandi turakurikirana mu bwitonzi ingendo z’umwansi, kandi nta kanya na gato dutakaza mu kumwitegurira.”

    Yongeye avuga ko “ingabo zose z’igisirikare, haba izo ku butaka, mu mazi, hamwe n’izirwanira mu kirere, zikurikirana neza ibikorwa vy’umwansi kandi zibandanya n’imyiteguro umwanya ku mwanya.”

    Ku wa kabiri, Amerika yari yakoze ibitero vyo mu kirere kw’izinga rya Irani rya Qeshm.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  7. Alaska – Amatora : Umu Démocrate yagobotoye umu Républicain mu kibanza ca Sena

    Umu Démocrate Mary Peltola yatsindiye ikibanza co guserukira reta ya Alaska muri Sena ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, gutyo aba ashize akaburungu kw’ihiganwa ryaranzwe n'impari nyinshi, ibirego vy'uko hari abagerageje kuzanamwo abandi bakandida kugira amajwi asanzare, hamwe n'imanza zo mu butungane zidasanzwe.

    Alaska yatangaje ivyavuye mu matora inyuma y'izindi reta, bivuye ku ngorane zijanye n’ibikoresho n’izo guharura, kubera amajwi yegeranirizwa mu turere dutandukanye kandi twa kure cane.

    Vyatwaye indwi zibiri kugira amajwi ashobore guharurwa yose, hamwe no kumenya uwatsinze muri ayo matora yo hagati mu kiringo yabaye kw'igenekerezo rya 3 Munyonyo (11).

    Iyi ntsinzi itumye aba Démocrates baronka ikibanza kigira icenda bagobotoye mu minwe y’aba Républicains muri Sena, ivyatumye bagira ubwiganze mu nama nshingamateka na nkenguzamateka (Sena) z'ubutegetsi bwa Trump mu myaka ibiri iri imbere.

    Intsinzi ya Peltola ibaye ikibanza ca 56 aba Démocrates baronse muri Sena, igizwe n'ibibanza 100.

    Mw’itangazo ry’intsinzi yasohoye, Peltola yavuze ati: “Ukwo ibintu vyifashe muri iki gihe i Washington DC, ntibiriko birafasha abanyagihugu ba Alaska.”

    Yashimangiye ko yaganiriye n'"abageze mu zabukuru bari mu marira kubera ko batakironka agafi", hamwe n'abavyeyi baba mu turere twa kure muri Alaska babwirizwa guhitamwo hagati yo gushusha inzu zabo no kuronka ibifungurwa vyo gushira ku meza.

    Ibikorwa vyo kwiyamamaza vya Peltola vyaraneguwe cane inyuma y'uko ikinyamakuru New York Times gitangaje ko aba Démocrates bagerageje kuzana mu myiyamamazo umukandida atazwi na gato muri politike yitwa Daniel J Sullivan, izina risa n’iry’umukandida wo mu mugambwe w’aba Républicains, Dan S Sullivan.

    Ico kinyamakuru cavuze ko ivyo vyoba vyakozwe mu ntumbero yo gutuma abatora bazazanirwa, ariko ivyo bikaba ari ibirego bitaremezwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Umusirikare w'Amerika watawe muri yombi mu Bwongereza acyekwaho kuba maneko w'Uburusiya yashyikirijwe igisirikare cy'Amerika

    Umusirikare wo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare cy’Amerika watawe muri yombi mu Bwongereza acyekwaho kuba maneko w’Uburusiya, ubu ari mu maboko y'ingabo z’Amerika, nkuko bivugwa n’ishami rya polisi y’Ubwongereza rishinzwe kurwanya iterabwoba.

    BBC News yumva ko uwo musirikare ari Liyetona Koloneli (Lt Col) Brandon Carroll Tyner. Uwo musirikare w’imyaka 41 – uri mu ngabo z’Amerika kuva mu mwaka wa 2008 – yatawe muri yombi mu cyumweru gishize hafi y’i Gloucester, mu majyepfo ashyira uburengerazuba bw’Ubwongereza, afashwe na polisi y’icyo gihugu ishinzwe kurwanya iterabwoba.

    Lt Col Tyner yakoreraga mu kigo cya gisirikare cya Imjin, kiri mu cyaro cya Innsworth, mu karere ka Gloucestershire, kikaba ari icyicaro gikuru cy’umutwe w’ingabo zo gutabara byihuse zo mu muryango wo gutabarana w’Uburayi n’Amerika (OTAN/NATO).

    Polisi irwanya iterabwoba yavuze ko ubu afunzwe n’Amerika acyekwaho ibirego bijyanye n’umutekano w’igihugu no kuneka. Ubwo yatabwaga muri yombi, Uburusiya bwavuze ko nta hantu na hamwe buhuriye na we.

    BBC yumva ko itabwa muri yombi rye ryabaye nyuma y’igikorwa cyari kimaze igihe kirekire gikorwa n’urwego rw’ubutasi bw’imbere mu Bwongereza – rwitwa MI5 – ku bufatanye n’urwego rw’ubugenzacyaha rw’Amerika, FBI.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Xi na Putin batanguye inama yari yitezwe cane, imbere y'uko Trump ashika mu Bushinwa

    Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yatanguye urugendo mu Bushinwa aho muri uwu mwanya ariko abonana na mugenzi we Xi Jinping, nk'uko bishikirizwa n’ibimenyeshamakuru vya reta mu Bushinwa.

    Urutonde rw'ibikorwa vya Putin rwari rwasohowe n'Uburusiya imbere y’aho, rwari rwerekanye ko hategekanijwe igikorwa co gusangira mu ntumbero y’akazi, aho Putin na Xi baja kuganira ku bijanye n’inyungu z’ibihugu vyompi, bari kumwe n'abaserukira ibisata vy’ubudandanji.

    Putin yashitse mu gisagara ca Shenzhen mu masamunani z’ijoro ryakeye. Yakiriwe na Cai Qi, umwe mu bantu batanu bafise amabanga akomeye mu nama nkuru y'umugambwe w'aba Communistes uri ku butegetsi mu Bushinwa. Cai Qi asanzwe kandi ajejwe ibikorwa vya buri musi mu biro kwa Perezida Jinping.

    Ku wa kane, Putin azohurira mu nama idasanzwe na Perezida wa Amerika Donald Trump hamwe na Jinping, ikazoba yerekeye kurwanya igwirirana n’ikwiragira ry’ibirwanisho ruhonyanganda.

    Vyitezwe ko Trump na we afata urugendo rumushikana mu Bushinwa mu masaha aja kuza uyu musi nyene, avuye muri Philippines aho ari mu yindi nama.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Intambara mu burasirazuba bwa RD Congo yatumye abarwariye mu bitaro bya Bunyakiri bahungishwa – MSF

    Imirwano i Bunyakiri muri teritwari ya Kalehe mu ntara ya Kivu y’Epfo mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) yahungabanyije serivisi z’ubuvuzi ndetse ituma abasivili bata ingo zabo, nkuko bivugwa n’umuryango w’abaganga batagira umupaka, Médecins Sans Frontières (MSF).

    MSF yabivuze mu itangazo yasohoye ku wa kabiri, ivuga ko imirwano hagati y’umutwe w’inyeshyamba wa FRN – wahoze witwa AFC/M23 – n’ingabo za leta (FARDC) yakajije umurego kuva ku itariki ya 6 y’uku kwezi kw’Ugushyingo (11).

    MSF ivuga ko ibintu byarushijeho kuba bibi ku wa gatanu nyuma y’ibitero by’indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (zizwi nka ‘drones’) hafi y’i Bulambika, hegereye ibitaro bikuru bya Bunyakiri, bivura abaturage bava mu bice byinshi by’icyaro aho serivisi z’ubuvuzi zisanzwe zigera ku bantu bacye.

    Abakozi bo kwa muganga bimuye serivisi z’ubuvuzi, harimo n’abarwayi 76, babajyana ku kigo nderabuzima cya Maibano kiri hafi aho, mu gihe myinshi mu miti y’ibyo bitaro, ibikoresho hamwe n’ibindi byifashishwa kwa muganga byasigaye mu bitaro. MSF ivuga ko iryo hungabana ry’ubuvuzi rishobora kugira ingaruka ku bantu babarirwa mu bihumbi basanzwe bagana ibyo bitaro.

    Uwo muryango uvuga ko bamwe mu bakozi bawo na bo bataye ingo zabo, ndetse ko urimo kugerageza kumenya amakuru y’abakozi benshi bawo. MSF ivuga ko yabaye igabanyije ibikorwa byayo, yimura bamwe mu bakozi bayo ibajyana i Bitale n’i Bukavu, ahantu hasanzwe hibasiwe na kolera (cholera) na malaria nyinshi.

    Iyi ntambara irimo gutuma ibikorwa by’ubutabazi muri rusange bigorana mu burasirazuba bwa RDC.

    Amashami y’Umuryango w’Abibumbye na leta ya RDC bavuga ko intara ya Kivu y’Epfo ari imwe mu zibasiwe cyane no kutihaza mu biribwa, aho abaturage bagera kuri miliyoni 1.1 bugarijwe n’ikibazo gikomeye cy’inzara, mu gihe intambara yagabanyije umubare w’abashobora kugera mu mirima yabo no mu bikorwa bisanzwe bibabeshaho.

    MSF ivuga ko haramutse habayeho ihungabana ry’igihe kirekire rya serivisi z’ubuvuzi, bishobora gutuma abantu babarirwa mu bihumbi bagera gacye kuri serivisi z’ubuvuzi, mu karere gasanzwe kagowe no guhangana n’indwara zinyuranye, abaturage bava mu byabo hamwe n’inzara.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.