Amerika yazanye iciyumviro c'uko Ukraine yoheba Donbas ikinjira muri OTAN- bivugwa na Zelensky

    • Umwanditsi, Aleks Phillips
    • Umwanditsi, Sarah Rainsford
    • Igikorwa, Southern and Eastern Europe correspondent
    • Yakoze inkuru ari, Kyiv
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abaserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu biganiro hagati ya Ukraine n'Uburusiya bashikirije iciyumviro c'uko Ukraine yokura ingabo zayo zisigaye mu karere ka Donbas, hanyuma na yo ikemererwa kwinjira mu runani OTAN/NATO, nk'uko Perezida Volodymyr Zelensky yabivuze.

Amerika ntiremeza ayo majambo ya Zelensky, ariko umwe mu bategetsi bayo yabwiye BBC ati "ivyiyumviro bitandukanye biracari mu biganiro, ariko amasezerano ya nyuma ategerezwa kwemerwa n'impande zompi".

Zelensky yavuze aya majambo inyuma y'uko intumwa za Amerika zihuye na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya hamwe na Zelensky mu twigoro twa Amerika two guhagarika intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine.

Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) imaze igihe kirekire yipfuza kwinjira muri OTAN, ariko ico ciyumviro carigeze kuba kirwanywa na Amerika n'ibindi bihugu. Uburusiya na bwo nyene bumaze igihe buvuga ko budashobora kwemera uwundi munywanyi wa OTAN ku rubibe rwabwo.

Muri Ruhuhuma (2) 2022, Uburusiya bwatanguje intambara yeruye kuri Ukraine ubu bukaba bugenzura igice kinini ca Donbas, akarere kazwi cane mu vy'inganda, mu gihe Zelensky na we adahengeshanya kuvuga ko Ukraine itazokwigera irekura ubutaka bwayo.

Mu butumwa bwasohowe n'ibiro vyiwe ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu, Zelensky yavuze ati: "Abanyamerika barabajije bati: 'Bite Ukraine yinjiye muri OTAN? None yova muri Donbas?' Ubu ni bwo bwa mbere iki kibazo gishikirijwe".

Yabandanije avuga ko, hamwe yoronka integuro isobanutse irimwo ivyemezo vy'ubwishingizi bw'umutekano, igisirikare ca Ukraine ntigiterwe igitsure, ikaronswa n'amafaranga yo gusanura igihugu, yobishikiriza abanyagihugu biciye muri kamarampaka.

Ku wa kane, intumwa za Amerika Jared Kushner na Steve Witkoff zagiye i Dublin muri Irlande guhura na Zelensky, inyuma y'umubonano wabo na Putin i Moscou.

Amajambo ya Putin hamwe n'ay'abategetsi ba Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) yerekana ko Uburusiya butigeze buhindura aho buhagaze kuri iyo ntambara. Kugira ngo habe amasezerano y'amahoro, Uburusiya bwasaba ko igisirikare ca Ukraine kigabanywa, ikarekura ubutaka, kandi ikemera kudahengamira ku ruhande urwo ari rwo rwose.

Ukraine yamiriye kure ivyo vyipfuzo vy'Uburusiya, ivuga ko vyotuma igihugu kidashobora kwivuna mu gihe coba gisubiriye guterwa.

Hampande ya Amerika, hari n'ibindi bihugu vya OTAN bifise amakenga ku bijanye no kwemerera Ukraine kwinjira muri uru runani, kandi biranavugwa ko na Ukraine yo nyene ubwayo ibona ko ivyo bitoshoboka muri kino gihe.

Kremlin yo yamye irwanya ico ciyumviro yivuye inyuma, kandi ni imwe mu mvo zatumye Uburusiya butanguza iyi ntambara.

Birashoboka ko intumwa za Amerika zariko ziragerageza kumenya aho Ukraine ihagaze ku kibazo c'ubutaka bwa Donbas buri mu minwe y'Uburusiya. Zelensky aherutse kuvuga ko abahuza b'Abanyamerika babona ko Kyiv itegerezwa kwemera guheba ubutaka kugira ngo haboneke amahoro, kandi ko bayishirako igitsure kugira ngo habe amasezerano vuba bishoboka.

Ukraine yo yemeza ko Uburusiya bufise inyota irengeye kure cane ikibazo ca Donbas, kandi imaze igihe ibona ko OTAN ari yo nyishu yonyene y'umutekano wayo.

Rero birashoboka ko Zelensky yashize ahabona ico ciyumviro kugira ngo yongere yugurure ikiyago casa n'icugawe kera.

Avuga ko ico kibazo ubu "cagarutse mu biyago" mu rwego rw'ibiganiro bikomeye cane ku mutekano w'Uburaya.

Bisa n'uko ayo majambo ya Zelensky ari uburyo bwo guhangana n'inyifato y'Uburusiya bwasubiye kudadaza. Moscou (ubutegesti bw'Uburusiya) ubu iriko isaba "integuro nshasha y'umutekano wa Buraya", ivyo benshi babona ko yipfuza OTAN itagira inguvu.

Iki kibazo gisa n'icari nyamukuru mu biganiro biheruka vyahuje Ukraine, Uburusiya na Amerika i Abu Dhabi muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu muri ino ndwi.

Haciye amasaha makeyi Zelensky avuze ayo majambo, Jared Kushner yagerageje kwerekana ko ata co Amerika yemereye Ukraine ku bijanye no kwinjira muri OTAN, asaba ko ivyerekeye ivyo biganiro biguma "mw'ibanga" kuko ari ikibazo gisaba ubwitonzi bwinshi.

Mu majambo yasa n'ayanegura Kyiv, Kushner yavuze ko hari "ibiganiro bikorwa mu mpisho" bigamije kurondera ibindi vyiyumviro bishasha vyo guhagarika iyo yise "intambara ibabaje cane".

Uburusiya bugenzura ubu hafi kimwe ca gatanu c'ubutaka bwa Ukraine, harimwo igice kinini c'intara za Donetsk na Luhansk zigize Donbas.

Bwasubiye gushimangira ko budashobora kwemera guhagarika intambara hataraboneka amasezerano ya nyuma y'amahoro arimwo ko Ukraine iheba ibice vya Donbas bitarafatwa n'ingabo z'Uburusiya, hamwe n'akarere ka Crimée/Crimea Uburusiya bwigaruriye ku nguvu mu 2014.

Ivyo biganiro vyabaye mu gihe hari ukutumvikna hagati ya Kyiv na Washington ku bitero vya Ukraine ku nganda z'Uburusiya zitunganya igitoro. Donald Trump yari yasavye Ukraine kubihagarika kugira ngo vyorohereze Uburusiya gutanga mazutu ku masoko mpuzamakungu no kugabanya ibiciro vy'ibitoro.

Mu nyuma Zelensky yagirije bamwe mu bategetsi ba Amerika kugabanya ubushobozi bw'itumatumanako rya internet bwa Starlink Ukraine ikoresha mu bikorwa vyayo vya gisirikare. Ni muri ico gihe nyene Trump na we yavuze ko "igihe kigeze kugira ngo Ukraine igire uwundi mukuru w'igihugu", aca asaba ko haba amatora mashasha.

Amatora ntashoboka muri Ukraine kubera amategeko y'ibihe vy'intambara, ariko Zelensky yari yarigeze kuvuga ko yiteguriye kuyategura mu mezi make inyuma y'amasezerano y'amahoro, kandi ko yova ku butegetsi mu gihe Ukraine yokwemererwa kwinjira muri OTAN.