Amerika: Umukobwa w’imyaka 12 yararashwe arapfa mu matati y’ikibanza co guhagarikamwo imodoka
Umukobwa w’imyaka 12 yararashwe arapfa mu gisagara ca Baltimore muri Amerika mu mpera z’indwi iheze, inyuma y’uko abagabo babiri barasanye bariko baraharira ikibanza co guhagarikamwo imodoka(parking).
Iryo rasana ryabaye ku wa gatandatu ku mugoroba, mu kibuga abana bariko barakinamwo umupira w’amaguru wo muri Amerika.
Igipolisi kivuga ko uwo mukobwa atari we yariko araraswa, ariko yafashwe n’amasasu abo bagabo bariko bararasana.
Uwundi mugore na we yarakomerekejwe n’ayo masasu nyene. Abandi bagabo babiri bari mu bitaro kuvurwa ibikomere vyatewe n’ukwo kurasana .
Umukuru w’igipolisi ca Baltimore, Richard Worley, yavuze ko bariko bararondera n’imiburiburi abantu babiri bakekwa kuba bagize uruhara muri iryo rasana.
Uwo mukobwa, izina ryiwe ritaratangazwa, yajanywe mu bitaro, ariko abaganga ntibashoboye kumukiza. Abandi bantu batatu bakomeretse ubu bameze neza.
Igipolisi ntikiramenya igitigiri c’amasasu yarashwe. Casavye abantu babonye uko vyagenze gutanga amakuru yoshobora gufasha mu matohoza.
Umukuru w’igisagara ca Baltimore, Brandon Scott, yavuze ko bibabaje kubona amatati hagati y’abagabo babiri akuye ubuzima bw’umwana w’imyaka 12.