Ubwongereza na EU bagiye kwumvikana ku masezerano yo kworohereza urwaruka
BBC yamenye ko urwaruka rugera ku 100.000 rwo mu bihugu bigize Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya (EU) ruzokwemererwa kuja gukorera canke kwiga mu Bwongereza buri mwaka, biciye ku masezerano mashasha yerekeye urwaruka agiye kwemezwa kuri uwu wa gatanu, Iburuseri mu Bubirigi.
Ayo masezerano ategekanya ko, hisunzwe igitigiri kingana nk’ico nyene, urwaruka rw’Ubwongereza na rwo nyene ruzokwemererwa kwinjira mu bihugu bigize uwo muryango.
Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Downing Street, ntibiratanga ido n'ido ry'ayo masezerano. Ariko vyavuze ko ku musi wa kane ibiganiro vyari bigeze ku ntambwe ya nyuma.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yavuze kandi ko hashobora kwumvikanwa ku mugambi ujanye no gucungera abimukira baca mu muhora w’ikiyaga c’Ubwongereza uzwi nka ‘English Channel’. Abari mu biganiro bariko bagerageza no kwumvikana ku mategeko agenga urudandazwa rw'ibiribwa hamwe no ku kungene inganda zifise ibikorwa bihumanya ikirere zoja zirarihishwa.
Umukuru w'umugambwe w'aba Conservateurs, Kemi Badenoch, yagirije Andy Burnham ko ariko “asubira kuvyura amacakubiri” yatewe na kamarampaka yabaye ku bijanye no kuva kw'Ubwongereza muri EU, iciswe Brexit.
Aya masezerano mashasha yerekeye urwaruka afise intumbero yo kworohereza urwaruka rwipfuza kuja, gukorera, kuba, mu Bwongereza canke mu bihugu bigize EU.
Ubwongereza busanzwe bufise amasezerano nk'ayo n'ibihugu 13 bitari muri EU, harimwo Australia, Canada n'Ubuhindi.
Mu mwaka wa 2024, EU yari yatanze iciyumviro c'uko urwaruka ruri hagati y'imyaka 18 na 30 rwokwemererwa kuja gukorera canke kwiga mu bihugu bigize uwo muryango hamwe no mu Bwongereza, mu kiringo kitarenza imyaka ine.
Umugambwe w'Abakozi ‘Labour’, ico gihe wari mu migambwe itavuga rumwe na reta, waranse ico ciyumviro, uvuga ko cagerageza gusubizaho uburenganzira bwo kwidegemvya kw’uruja n’uruza hagati y'Ubwongereza na EU, ata camira.
Izindi nkuru wosoma: