IKIBIRIRAHO , Uburaya buvuga ko bwiteguriye kuganira n'Uburusiya ku kurangiza intambara muri Ukraine

Ibihugu vy’i Buraya bivuga ko bifise aho bihagaze hatomoye kandi hadahindagurika ku bijanye n’ibiganiro.

Incamake

Uburaya buvuga ko bwiteguriye kuganira n'Uburusiya ku kurangiza intambara muri Ukraine

Amakuru y'ikibiriraho

Anne Marie Niwemwiza na Gildas Yihundimpundu.

  1. Uburaya buvuga ko bwiteguriye kuganira n'Uburusiya ku kurangiza intambara muri Ukraine

    Uhereye i buryo: Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Andy Burnham, umukuru wa reta y’Ubudagi Friedrich Merz na Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky, mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, i Berlin, igenekerezo rya 19 Munyonyo (11) 2026.
    Insiguro y'isanamu, Ibihugu vya Buraya bivuga ko bifise aho bihagaze hatomoye ku bijanye n'ibiganiro

    Abakuru b'ibihugu vyo ku mugabane wa Buraya bavuze ko biteguriye kugirana ibiganiro n'Uburusiya mu ntumbero yo kurangiza intambara yo muri Ukraine, mu gihe bagaragaje ko bashigikiye cane Ukraine.

    Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Andy Burnham, yavuze ko Uburaya bufise “aho buhagaze hatomoye kandi hadahindagurika ku bijanye n’ibiganiro”. Umukuru wa reta y'Ubudagi, Friedrich Merz, na we yashimangiye ko “kuba Uburusiya mu vyo busaba bushaka gutwara vyinshi bishoboka kandi atavyo buhevye, ivyo ari ibisabo bidahuye n’ukuri”.

    Ivyo babivugiye mu nama yabereye i Berlin mu Budagi, yahuje urunani rw’ibihugu vyiyemeje gushigikira Ukraine ruzwi nka ‘Coalition of the Willing’.

    Jared Kushner, umukwe wa Donald Trump, ni umwe mu ntumwa zibiri za Amerika zari i Berlin. Yavuze ko Perezida Trump ashaka gushika ku masezerano n'Uburusiya, “ari kumwe n’Uburaya ku ruhande rwiwe”.

    Ariko gushika ubu, Vladimir Putin w’Uburusiya, yaranse ko abategetsi b’ibihugu vya Buraya bagira uruhara muri ivyo biganiro vyo kurondera amahoro bihagarariwe na Amerika.

    Imbere y'aho, Trump yari yabanje kwitaba inama idasanzwe y’inyabutatu yamuhuje na Xi Jinping w'Ubushinwa hamwe na Vladimir Putin, ikaba yabereye i Shenzhen mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubushinwa. Mu nyuma, igihe yariko asubira inyuma ari mu ndege y'umukuru w'igihugu ‘Air Force One’, yaciye yifatanya n’abari mu yariko ibera i Berlin biciye ku buhinga bwa terefone.

    Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru camaze umwanya muremure, inyuma y'ibiganiro yagiranye na Trump na Xi Jinping, Putin yaragarutse ku bijanye n'ibiganiro vy'amahoro vyohuza ibihugu bitandukanye.

    Yavuze ko Abanyamerika bariko barasaba Uburusiya “bashimitse cane” ko bwokwemera ko ibihugu vy'i Buraya na vyo biza mu biganiro.

    Putin yavuze ko Uburusiya butarwanya ico ciyumviro, ariko ashimangira ko Moscow ishaka kubanza kumenya “ivyo Uburaya buzoba buzanye muri ivyo biganiro”.

    Yagize ati: “Ni co gituma, biciye mu nzira za diplomasi, twatumiye ibihugu vy'i Buraya kuza i Moscow kugira tumenye neza aho bihagaze kuri ico kibazo. Inyuma y’ivyo, ni ho tuzomenya ingene tuzobandanya ibiganiro na Ukraine”.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.