Kipchoge na Sumgong batsinze London Marathon

Umunyakenya Eliud Kipchoge
Insiguro y'isanamu, Umunyakenya Eliud Kipchoge
Yatangajwe

Umunyakenya Eliud Kipchoge niwe wongeye gutsinda irushanwa ryo gusiganwa ryo mu Bwongereza rizwi ku izina rya London Marathon.

Yakoresheje amasaha abiri, iminota itatu n'amasegonda atanu.

Ku ruhande rw'abagore, mugenzi we w'umunyakenyakazi, Jemima Sumgong niwe watsinze iryo siganwa nyuma yo kugwa bikomeye.

Jemima Sumgong, Mary Keitany na Aselefech Mergi
Insiguro y'isanamu, Jemima Sumgong, Mary Keitany na Aselefech Mergia igihe bagwaga hasi.
Umunyakenyakazi, Jemima Sumgong
Insiguro y'isanamu, Jemima Sumgong amaze gutsinda

Umunya Ethiopia, Tigist Tufa, watsinze iryo rushanwa umwaka ushize yaje ku mwanya wa kabiri.

Abantu hafi 40 000 nibo bitabiriye iryo rushanwa rya km 42.

Baba bamaze igihe kinini bitoza mu kuryitegura.

Bamwe mu birutse muri London Marathon
Insiguro y'isanamu, Irushanwa rya London Marathon ryitabirwa n'abantu babarirwa mu bihumbi.