Ubuholandi: Icegeranyo cagiriza umuryango w’i bwami kwungukira mu bukoloni no mu bucakara
Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwami w’Ubuholandi yavuze ko yakozwe ku mutima
n’ivyavuye mu cegeranyo c’ubushakashatsi cerekana ko umuryango w’i bwami wungukiye
cane ku bukoloni no ku bucakara.
Ubwo bushakashatsi bwari bwasabwe n’Umwami Willem-Alexander
ubwiwe mu myaka ine iheze bwerekana ko mu myaka amajana n’amajana, umuryango wa
Orange wari ku ngoma wabona ubukoloni nk’ikintu ngirakamaro ku gihugu, kandi ko
wagize uruhara mu gutuma rudandazwa rw’abacakara rukomera.
Mu kwakira ico cegeranyo categuwe na Kaminuza ya Leiden,
Umwami yavuze ko ivyavuye muri ubwo bushakashatsi “bitomoye kandi bitangaje”.
Ubucakara bwagize uruhara runini mu gihe c’iterambere
ridasanzwe ry’Ubuholande, hagati y’ikinjana ca 16 n’ica 17, aho ubutunzi bwaco bwari
bushingiye ku budandaji bwo mu mazi.
Muri ico gihe c’ubucaraka imiriyoni n’imiriyoni z’Abanyafrika
barafashwe bajanwa kugurishwa nk’ibidandazwa
bisanzwe mu turere tutari duke tw’isi, harimwo cane cane no ku mugabane wa Amerika.
Muri ico gihe, ubwami bw’Ubuholandi bwari
bwarashinze ruraguma mu turere ubu dusigaye ari ibihugu nka Indonesia, Suriname
be n’amazinga atari make yo mu karere ka Karayibe (Caribbean/Caraïbes).
Ethiopia: Inyeshamba zishigikiye reta zivuga ko zisugereje Mekelle, umugwa mukuru wa Tigray
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Ingabo za Tigray zabonetse muri ino ndwi ziriko zirakizura mu mabarabara y'umugwa mukuru w'uiyo ntara, Mekelle
Umurwi witwara gisirikare ukorana na reta ya Ethiopia uvuga
ko usugereje igisagara ca Mekelle, umugwa mukuru w’intara ya Tigray isanzwe
igenzurwa n’inyeshamba zirwanya ubutegetsi bw’ico gihugu, TPLF.
Umuwi TPF (Tigray Peace Force) watangaje ku rubuga rwa
Facebook ko wigaruriye igisagara ca Milazat, ukaba wasohoye amavideo ataremezwa
n’uruhande rwigenga, bivugwa ko yerekana abarwanyi bawo baririmba indirimbo
z’intsinzi mu gihe bariko baca mu mabarabara y’ico gisagara.
Milazat iri ku
bilometero 20 mu bumanuko bwa Mekelle.
Ababa mu gisagara
ca Mekelle na bo nyene babwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko ingabo
zishigikiwe na reta ubu zisugereje ico gisagara ku buryo zishobora kukigabako
ibitero.
Igisirikare ca
Ethiopia be n’abarwanyi bakorana na co bateye intambwe zikomeye kuva intambara
zisubiye kwaduka muri iyo ntara mu ndwi iheze.
Ibi biri uku mu
gihe ingabo za reta hamwe n’ihuriro ry’inyeshamba rirongowe na Tigray People's
Liberation Front (TPLF), umugambwe urongoye iyo ntara, babandanya gutana mu
mitwe.
Imiriro n’imigumuko y’abanyeshure: Ni ibiki biriko biraba mu Bufaransa?
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ingene vyari bimeze hafi y'ikibanza citiriwe Place de la Nation i Paris
Hari imishamirano ikaze ibandanya hagati y'abanyeshure n'abaporisi
imbere y'amashure yisumbuye n’amakaminuza hirya no hino mu Bufaransa.
Ejo ku wa kane, ku mashure atari make mu gihugu cose hiriwe
imiriro, mu gihe abanyeshure bariko biyamiriza ubukene bw'abigisha n'abandi
bakozi, inyubakwa z’amashure zigeze ahatemba, n’amasomero yarengewe n’ubwinshi
bw’abanyeshure.
Gushika ejo ku wa kane, amashure yisumbuye 1.027 ni yo yakozweko
n'iyo myiyerekano, nk'uko ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwabitangaje.
Abanyeshure bo mu makaminuza na bo nyene barifatanije na
bagenzi babo bo mu mashure yisumbuye muri iyo myiyerekano, bavuga ko bahura
n'ingorane nk'izo nyene.
Ubwo bushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwatangaje kandi
ko abantu 1.949 batawe muri yompi ejo ku wa kane, mu gihe abaporisi 305
bakomeretse.
Iyi migumuko yabandanije kuri uno wa gatanu, aho amashure
n'amakaminuza amajana n'amajana yongeye kwugarwa.
Hari hategekanijwe ibiganiro kuri iyi myiyerekano, ariko
reta iremera ko imyidogo y’aba banyeshure ku bijanye n'ubuzima bubi mu mashure
ifise ishingiro. Ariko kandi, iratera ivyatsi ico yita imigumuko yo mu bisagara
yandurutse kuri iyi myiyerekano.
Abanyeshure bavuga ko abaporisi bariko bakoresha inguvu zirenze
urugero mu kurondera gutuza iyi myiyerekano.
Intambara yo muri Ukraine: Igitero ca drone c’Uburusiya kuri Kyiv cateje akajagari mu kwiyunguruza
Umugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, uri mu kajagari mu vyo
kwiyunguruza, inyuma y’aho kimwe mu biraro bikuru vy’ico gisagara congeye
guterwa n’indege zitagira abadereva (drone) z’Uburusiya mw’ijoro ryakeye.
Ico kiraro gica hejuru y’uruzi rwa Dnipro catewe ku ncuro
igira kane mu masaha 24, bituma uruja
n’uruza rw’imodoka n’amagarimoshi ruhagarara, haca hanafatwa n’ingingo zo kugabanya uruja n’uruza ku bindi biraro.
Umunyamakuru wa BBC ari i Kyiv avuga ko amabarabara menshi yuzuye imodoka
zidashobora kugenda, ku buryo bamwe mu bakozi n’abanyeshure bagiye ku kazi
canke kw’ishure n’amaguru kubera ingorane zo kwiyunguruza.
Muri iyi misi, Kyiv iriko iracucagirwa ibibombe, aho
ibikorwa remezo vyayo bikaba ari vyo vyiziziwe gusumba.
Ni ibitero bigira ingaruka ku basivire, abategetsi bakavuga
ko umuntu umwe yapfuye inyuma y’aho inyubakwa y’uburaro ikubiswe n’igisasu.
Ethiopia na Eritrea byahagaritse umubano wa dipolomasi hagati yabyo, mu gihe imirwano yongeye kubura mu majyaruguru ya Ethiopia, ibintu bikaba byongera impungenge z'uko hashobora kuvuka amakimbirane agakwira mu karere ibi bihugu biherereyemo.
Nyuma yuko ejo ku wa kane Ethiopia itangaje ifungwa rya ambasade yayo i Asmara, umurwa mukuru wa Eritrea, ibashinja ibikorwa bishobora guhungabanya umutekano w'igihugu, Eritrea na yo yahise ihagarika umubano wa dipolomasi na Ethiopia, ivuga ko icyemezo cya Ethiopia kitayisigiye andi mahitamo uretse gufata ingamba nk'izo mu rwego rwo kwihimura no gusubiza icyo cyemezo.
Minisiteri y'Ububanyi n'Amahanga ya Ethiopia yatangaje ku wa Kane ko "yafashe icyemezo cyo gufunga Ambasade yayo i Asmara, muri Eritrea, mu rwego rwo guhangana n'ibikorwa by'ubugizi bwa nabi n'imirwano bya Ethiopia bitaziguye.
Mu itangazo ryashyizwe ku rubuga rwayo rwa X, ryavuze kandi ko abadipolomate 10 ba Eritrea, batavuzwe amazina, bategetswe kuva muri Ethiopia mu masaha 48.
Ku ruhande rwa Eritrea Minisitiri w’Itangazamakuru, Yemane Gebremeskel, yabwiye Reuters ari nayo dukesha iyi nkuru, ko mu kwirukana abadipolomate bose ba Eritrea muri Ethiopia, guverinoma yari iri gufunga ambasade yayo i Addis Ababa.
Mu itangazo rya Minisiteri y'Ububanyi n'Amahanga, yagize ati: “Eritrea nta yandi mahitamo ifite uretse gukora nkuko bakoze no guca umubano wose wa dipolomasi na Ethopia hamwe n’ibindi bibi byose bifitanye isano na byo.”
Uretse Eritrea, Addis Ababa yashinje kandi Sudani na Misiri gushyigikira ihuriro ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi riyobowe
n’umutwe wa Tigray People’s Liberation Front (TPLF) wahanganye n’ingabo
zishyigikiye guverinoma ya Ethiopia kuva mu cyumweru gishize. gusa Ibi bihugu bitatu
birahakana icyo kirego.
Guverinoma ya Ethiopia kandi yatangaje ko ari umudipolomate wa Misiri atari uw’ingenzi, inamutegeka kuva mu gihugu mu masaha 48, nk’uko byatangajwe n’ikigo cya leta gishinzwe itangazamakuru cya Etihiopia n’abantu babiri bazi icyo kibazo.
ikinyamakuru gikorana na leta mu Misiri, Al Qahera News, kivuga ko Cairo yasubije mu buryo nk’ubwo, ivuga ko umujyanama wa ambasade ya Ethiopia muri Misiri ari umuntu utari uw’ingenzi, imuha amasaha 48 yo kugenda.
Umuvugizi wa Minisiteri y'Ububanyi n'Amahanga ya Misiri, Nader Zaki, yabwiye Reuters ko igikorwa cya Cairo gifite ishingiro.
Yagize ati: “Guhuza ni ryo shingiro rya dipolomasi.”
Trump ku ntambara na Irani: “Ntituzi uwo twovugana”
Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze ku wa kane mw’ijoro ko abona Irani iri hafi kwemera ko yatsinzwe, ariko ko Amerika itazi neza uwo yovugana na we kugira intambara ihagarare.
Trump yabivugiye muri reta ya Texas. Yavuze ko yizera ko Amerika izotsinda iyo ntambara amatora yo mu kwezi kuza aheze, naho yongeyeko ko ishobora kurangira n’imbere yayo.
NBA yugaye ikigo yari ifise muri Afrika co kumenyereza abakinyi
Ahavuye isanamu, Reuters
Ishirahamwe ry’umupira w'amaboko (basketball) muri Amerika, NBA, ryugaye ikigo NBA Academy Africa ryari rifise muri Senegal co kumenyereza abakinyi bakiri bato, nk’uko abakozi b’ico kigo n’abahoze bagikorera babwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Ico kigo catanguye gukora mu 2018, gifise intumbero yo gutegura abakinyi bafise impano idasanzwe bo muri Afrika kugira bashobore gukina mu mahiganwa akomeye muri Amerika no mu bindi bihugu.
Abahoze bagikorera bavuga ko kucugara ari igihombo ku bakinyi bakiri bato bo hirya no hino muri Afrika.
Michel Chikwanine, yahora ari umuhanuzi muri ico kigo, yavuze ko iyo ngingo yatumye bamwe muri bo batakaza icizere bari batanguye kugira. Yavuze kandi ko amahirwe y’abakinyi bo muri Afrika ashobora kugabanuka, kuko bazohiganirwa ibibanza n’abakinyi bo mu yindi mihingo y’isi.
NBA yavuze ko iyo ngingo ijanye n’uburyo bushasha bwo guteza imbere basketball kw’isi. Imyimenyerezo izohora ibera mu kigo gishasha kizokwugururwa i Abu Dhabi, muri Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu.
NBA ihakana ko kwugara ico kigo bisigura ko igiye kugabanya uruhara rwayo mu guteza imbere abakinyi bo muri Afrika. Ivuga ko izobandanya gushigikira imigambi nka Basketball Africa League na Basketball Without Borders.
Kuva NBA Academy Africa yugururwa, yamenyereje abakinyi bashika 110. Ulrich Chomche wo muri Cameroun yabaye uwa mbere yahaciye atorwa gukina muri NBA mu 2024, mu gihe Khaman Maluach wo muri Sudani y’Epfo akinira Phoenix Suns.
Uganda yahagaritse ikinyobwa gikekwa kuba kiva mu Burundi kubera kirimwo umuti ukoreshwa muri ‘viagra’
Ahavuye isanamu, NDA
Urwego rwa Uganda rujejwe kugenzura imiti, NDA, rwategetse ko ikinyobwa citwa 'Boisson Énergétique Très Puissante' gihagarikwa kugurishwa no kunyobwa ku butaka bw’ico gihugu.
NDA ivuga ko ico kinyobwa kitemewe muri Uganda kandi ko kidandazwa bavuga ko congereza inguvu z’abagabo mu kurangura imibonano mpuzabitsina.
Umuvugizi wa NDA, Abiaz Rwamwiri, yavuze ko isuzuma ryakorewe mu bubiko bw’urwo rwego ryasanze ico kinyobwa kirimwo umuti witwa sildenafil, ariko ivyo bikaba bitanditswe ku gacupa kayo.
Sildenafil ni umuti ukoreshwa muri Viagra, ugenewe kuvura abagabo bafise ingorane zo kurangura imibonano mpuzabitsina. NDA ivuga ko uwo muti ukwiye gukoreshwa gusa ku mpanuro no ku ruhusha rw’umuganga.
Putin agabisha Uburengero ko Uburusiya buzokoresha ibirwanisho vyose mu gukingira agace ka Kaliningrad
Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya buzokoresha ibirwanisho vyose bufise mu gihe bwobona ko agace kabwo ka Kaliningrad kagabweko igitero.
Mw’ijambo yashikirije inama ya Valdai ijanye n’imigenderanire, Putin yavuze ko Uburusiya “butariko buratera ubwoba umuntu n’umwe”, ahubwo ko buriko burishura ku majambo y’abategetsi bo mu Burengero bavuga ko Moscow yoba iriko yitegurira intambara mu 2029 canke 2030.
Kaliningrad ni igice c’Uburusiya kiri ku kiyaga Baltique, hagati ya Lithuania na Pologne, ariko kidafatanye n’ibindi bice vy’Uburusiya.
Muri iyi ndwi, Uburusiya bwagirije OTAN kwitegurira gutwara Kaliningrad no kuyitandukanya n’ibindi bice vy’igihugu. Moscow yagabishije ko yoshobora gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda mu gihe Uburengero bwogerageza guca inzira ziyihuza n’Uburusiya.
Yongeyeko ati: “Nta muntu turiko turatera ubwoba. Nta mugambi dufise wo gutera umuntu mu 2029, 2030 canke 2050. Ariko nitwagabwako igitero, tuzobwirizwa kwishura.”
OTAN yavuze ko ari umuryango wo kwivuna umwansi kandi ko imyimenyerezo yayo ata kaga itera Uburusiya. Umunyamabanga mukuru wayo, Mark Rutte, yasavye Moscow guhagarika kuvuga ko izokoresha ibirwanisho ruhonyanganda.
Ivyo bibaye mu gihe ibihugu vyo mu Burengero bivuga ko ibikorwa bihungabanya umutekano vyagirizwa Uburusiya vyiyongereye muri Pologne no mu bihugu vyo ku kiyaga Baltique.
Mu ndwi iheze, Pologne yavuze ko indege ya kajugujugu y’Uburusiya yinjiye mu kirere cayo hafi ya Kaliningrad. Lithuania na yo ivuga ko abanyagihugu bayo babandanya guterwa ubwoba n’Uburusiya, harimwo n’indege zitajamwo abadereva zinjira mu kirere c’ico gihugu.
Putin yasubiriye kandi kwagiriza Uburengero kuba ari bwo bwatumye haba intambara muri Ukraine, naho Uburusiya ari bwo bwayitanguje muri Ruhuhuma (2) 2022.
Yavuze ko ibitero Uburusiya bugaba ku bikorwa vy’ubutunzi vya Ukraine ari inyishu ku bitero vya Ukraine ku mahinguriro atunganya ibitoro no ku bwato bw’Uburusiya buri mu Kiyaga Cirabura.
Putin yemeye ko ivyo bitero vya Ukraine ku mahinguriro y’ibitoro vyagize ico bishitseko kandi ko Uburusiya bwatakaje hafi igice kimwe kw’ijana c’ubutunzi bwabwo.
Yagabishije kandi ko gukoresha imashini n’ubwenge buhinguwe mu ntambara bishobora gutuma abantu babona intambara nk’urukino, bigasubiza inyuma agateka k’ikiremwa muntu.