Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Ronaldo, Ramos, Leao, Mudryk, Bellingham, Fernandez

Umurwi Al-Nassr wo muri Arabia Saoudite urashaka kugura umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo w’imyaka 37, hamwe n’umukinyi w’inyuma wa Paris St-Germain Sergio Ramos umunya-Espagne w’imyaka, yahoze akinana nawe muri Real Madrid. (Marca - muki espagnol )
Manchester City iremera gutanga imiriyoni 10.6 z’amapawundi ku musatirizi wa AC Milan Rafael Leao, se wiwe akaba amaze kuvugana n’uyu murwi wo muri Premier League. (Tutto Mercato Web - mu gitaliyano)
Umuyobozi nshingwabikorwa wa Shakhtar Donetsk Sergei Palkin avuga ko “ibiganiro biriko birabandanya " na Arsenal ku mukinyi wo ku ruhande wa Ukraine Mykhaylo Mudryk w’imyaka 21 inyuma y’aho uyo murwi wankiye imiriyoni 55 z’amapawundi wemerewe n’aba ba Gunners. (Team Talk)
Shakhtar Donetsk iriko irisunga igiciro c’imiriyoni 86 z’amapawundi catanzwe kuri Antony igihe yimukira muri Manchester United avuye muri Ajax mu ci riza mu kurondera abakinyi. (Sky Sports)
Uwahoze ari umuyobozi nshingwabikorwa wa Birmingham City Xuandong Ren avuga ko Manchester United na Chelsea yarondeye kugira umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund umwongereza Jude Bellingham w’imyaka 19 mu 2020 ariko bikanka, n’aho iyo mirwi yari yamwemereye imishahara minini cane. (Mail)

Umusatirizi wa Tottenham Lucas Moura w’imyaka 30 yiteze ko amasezerano yiwe arangira hanyuma akinjira mu murwi yahoze akinira wa Sao Paulo mu gihugu ciwe mu ci riza. (Mail)
Umukuru wa Benfica Rui Costa avuga ko umukinyi wo hagati ari mu murwi nserukiragihugu wa Argentina uherutse gutsindira igikombe c’isi yose Enzo Fernandez adashobora kugurishwa musi y’imiriyoni 106 z’amapawundi ziri mu masezerano. Chelsea, Liverpool na Manchester United yose iripfuza uyu mukinyi w’imyaka 21. (90 Min)
Benfica iriko irategura urutonde rw’abashobora gusubirira Enzo Fernandez iriko umunya- Argentine w’imyaka 19 , Maximo Perrone, asanzwe akinira Velez Sarsfield. (O Jogo – mugi portugal)
Chelsea yemeranije n’umukinyi w’inyuma wa Monaco Benoit Badiashile w’imyaka 21. (Ben Jacobs - Twitter)
Umumenyereza wa Tottenham Antonio Conte aripfuza kugura umukinyi w’inyuma wa Equateur Piero Hincapie w’imyaka 20 Bayer Leverkusen.(Tutto Mercato Web – mu gitaliyano)
Umusatirizi w’Ubufaransa Olivier Giroud, w’imyaka 36 yemeye kwongereza amasezerano afitaniye na AC Milan gushika mu 2024. (Gazzetta dello Sport - mu gitaliyano)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umutaliyano akina hagati Jorginho w’imyaka 31 aripfuza gutera igikumu ku masezerano yo kwongereza ikiringo muri Chelsea ariko ashobora no kuryoshwaryoshwa n’umurwi wa Napoli yahoze akinamwo. (Tutto Mercato Web – mu gitaliyano)
Chelsea iriko iratera intambwe mu biganiro n’umukinyi wo hagati, Umufaransa N'Golo Kante w’imyaka 31 kugira ngo ishobore kumwongerereza amasezerano. (Athletic)
Fulham yemerewe umukinyi w’inyuma wa Roma umunya-Hollande Rick Karsdorp w’imyaka 27 inyuma yo gucanamwo n’umumenyereza Jose Mourinho. (Mail)
Chelsea iriko irarondera ko yogura umusatirizi wa Hollande Cody Gakpo w’imyaka 23, imbere y’uko yinjira muri Liverpool. (Eindhovens Dagblad via Liverpool Echo)










