Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Saka, Kounde, Saint-Maximin, Bellingham, Depay

Bukayo Saka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bukayo Saka
Yatangajwe

Inyuma yo kugura umukinyi Oleksandr Zinchenko yahora akina muri Manchester City, Arsenal yemereye umusatirizi wayo, umwongereza Bukayo Saka w’imyaka 20, ayandi masezerano mashasha y’igihe kirekire ashobora kumutuma yongererezwa umushahara incuro zibiri ku wo asanzwe ahembwa, kugira ngo iyindi mirwi y’abakeba nka Manchester City ntihave imutwara. (Mail)

Chelsea yakubise hasi Barcelona mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Sevilla umufaransa Jules Kounde w’imyaka 23, ikaba igiye kumuha amasezerano y’imyaka itanu. (Telegraph)

Umumenyereza wa Ajax Alfred Schreuder avuga ko umukinyi wo ku ruhande wa Brezili Antony w’imyaka 22 yiteguye kuguma muri uno murwi n’aho Manchester United imurondera muri rino ci. (ESPN)

Chelsea na Tottenham iriko irakurikiranira hagufi umufaransa akina ku ruhande muri Newcastle United  Allan Saint-Maximin w’imyaka  25. (Athletic)

Allan Saint-Maximin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Allan Saint-Maximin

Mu kwa gatandatu, Liverpool yarakurikiranye umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund umwongereza Jude Bellingham ariko uyu murwi wo mu Budagi ufata ko uyu mukinyi w’imyaka 19 ari ntakorwako muri rino ci. (Fabrizio Romano)

Umusatirizi wa Barcelona umunya-Hollande Memphis Depay w’imyaka 28 asa n’uwanse ivyo kwimukira muri Newcastle. (Sport – mu ki Espagnol)

West Ham iri hafi yo kuronka umusatirizi w’umutaliyano Gianluca Scamacca w’imyaka 23, inyuma yo gushika ku masezerano y’imiriyoni 30.5 z’amapawundi na Sassuolo. (Guardian)

Aba Hammers kandi bariko bararaba ko boshika ku masezerano na Eintracht Frankfurt ku munya-Serbia akina inyuma ku ruhande Filip Kostic w’imyaka 29. (Fabrizio Romano)

Umwongereza Luke Thomas w’imyaka 21 akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu muri  Leicester City ariko kandi araronderwa na West Ham. (Guardian)

Arsenal na Everton yanse amahirwe yahabwa yo kugura umukinyi wo ku ruhande wa Atletico Madrid umufaransa Thomas Lemar w’imyaka 26. (L'Equipe, iciye kuri Express)

Thomas Lemar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Thomas Lemar

NewcastleEverton na West Ham yahawe amahirwe yo kuronka umusatirizi w’umutaliyano Andrea Belotti w’imyaka 28, asanzwe yidegemvya inyuma y’’aho aviriye muri Torino mu kwezi guheze. (Sun)

Leeds United iri hafi yo gushika ku masezerano na n’umusatirizi wa Paris St-Germain umufaransa Arnaud Kalimuendo w’imyaka 20. (Express)

Crystal Palace iripfuza umwongereza akina hagati Morgan Gibbs-White w’imyaka 22, ariko wewe yipfuza kwigumira muri Wolves kugira abandanye n’urugamba rwo kurondera ikibanza muri uyu murwi. (Guardian)

AC Milan yahambije Borussia Dortmund na Barcelona mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Aston Villa umwongereza Carney Chukwuemeka w’imyaka 18. (Athletic)

Everton yashize ku rutonde rw’abo irondera muri rino ci umukinyi wo hagati wa Wolverhampton Wanderers umubirigi Leander Dendoncker w’imyaka 27. (Fabrizio Romano)

Leander Dendoncker

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Leander Dendoncker

Everton iriko irihweza umukinyi w’inyuma wa Norwich City umwongereza Max Aarons w’imyaka 22 ariko kandi akaba arabwa ryiza na Borussia Monchengladbach, Wolfsburg hamwe na Marseille. (Sun)

Bournemouth iri mu biganiro bigeze ku ntambwe ikomeye mu ntumbero yo kurondera umukinyi wo hagati umwongereza Marcus Tavernier w’imyaka 23 akinira Middlesbrough. (Football Insider)

Newcastle yiteze ko abandi bakinyi bagenda imbere y’uko umwaka w’inkino utangura, harimwo umwongereza yari amaze igihe kinini Matt Ritchie w’imyaka 32 akina ku ruhande. (Chronicle)