Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Ronaldo, Fernandez, Kante, Bellingham, Felix, Mudryk

Cristiano Ronaldo

Ahavuye isanamu, Al Nassr

Insiguro y'isanamu, Cristiano Ronaldo yaramaze kwinjira muri Al Nassr
Yatangajwe

Mu masezerano Cristiano Ronaldo afitaniye na Al Nassr,  harimwo igice kivuga ko uyu musatirizi wa Portugal w’imyaka 37 ashobora gutizwa muri Newcastle United mu gihe uyu murwi woramuka uronse itike yo kuja mu mahiganwa ahuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) ku mugabane wa Bulaya muri uno mwaka w’inkino. (Marca)

Umukinyi w’inyuma w’Ubufaransa Benoit Badiashile w’imyaka 21 ari i Londres mu bipimo vyo kwa muganga inyuma y’aho Chelsea ishikiye ku masezerano na Monaco ku giciro c’imiriyoni 38 z’ama-euro. (Football London)

Liverpool iriko iraraba ko yogura umukinyi wo hagati wa Wolves, umunya-Portugal Matheus Nunes w’imyaka 24 mu ci riza. (Telegraph)

Umwongereza akina hagati Jude Bellingham w’imyaka 19 yiteze kubonana n’abarongoye   Borussia Dortmund imbere y’itariki 06 Nzero (1) kugira ngo abashikirize icipfuzo ciwe c’ukwimuka mu ci riza. Uyu murwi wo mu Budagi umushakako imiriyoni 100 z’ama-euro, n’inyongera ishobora gutuma ikiguzi ciwe kigera ku miriyoni 14 z’ama-euro. (AS)

ArsenalManchester United na Chelsea yose yarashikiriwe ku vyerekeye icipfuzo c’ugutizwa umusatirizi wa Portugal Joao Felix w’imyaka 23, ariko Atletico Madrid ishaka imiriyoni 15 z’ama-euro kugira imutize, n’inyongera y’imiriyoni zitandatu  z’umushahara wiwe. (Athletic )

Hagati aho, Chelsea, iri mu biganiro vyo kurondera umukinyi wo hagati wa Argentina Enzo Fernandez w’imyaka 21 asanzwe akina muri Benfica. (Evening Standard

Arsenal yemeye ikindi giciro kigira kabiri ishobora gutanga ku mukinyi wa Ukraine akina ku ruhande Mykhailo Mudryk, ariko kikaba kiri hasi cane y’ico Shakhtar Donetsk imushakako, igiciro c’imiriyoni 100 z’ama-euro. (ESPN)

Manchester United na Bayern Munich iripfuza umufaransa Randal Kolo Muani w’imyaka 24 ariko  Eintracht Frankfurt imushakako imiriyoni hagati ya 60 na 70 z’ama-euro. (Nicolo Schira)

Manchester City iriteguye gutsinda urugamba rwo kugura umukinyi wa Argentina akina hagati Maximo Perrone w’imyaka 19 akina muri Velez Sarsfield, umurwi wo mw’ihiganwa rya Argentina. (90min)

Mykhaylo Mudryk

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mykhaylo Mudryk
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Newcastle United irashaka kubandanya ibiganiro na Flamengo vyo kurondera umukinyi wo hagati wa Brezili Matheus Franca w’imyaka 18. (90min)

Liverpool irashaka kugura abakinyi b’inyuma babiri hagati y’ubu n’impera z’ikiringo c’igura n’igurishwa ry’abakinyi ryo mu ci mu 2023. (Fabrizio Romano, iciye kuri Mirror

Manchester United irashaka kugumya umukinyi wayo w’inyuma, umwongereza Harry Maguire w’imyaka 29, hamwe n’umunya-Ecosse akina hagati Scott McTominay w’imyaka 26, muri kuno kwa mbere kugira ngo ntihave ihungabana. (Mail

Umumenyereza wa Brighton Roberto de Zerbi arizeye ko umukinyi wo hagati wa Argentina Alexis Mac Allister w’imyaka 24 azoguma muri uno murwi n’ibura gushika mu mpera z’uno mwaka w’inkino. (Argus)

Arsenal iriko irakorera ku bice vy’amasezerano bijanye no kwongereza umwaka umwe ibiringo vy’abakinyi: umwongereza akina ku ruhande Bukayo Saka hamwe n’umufaransa akina inyuma bompi bafise imyaka 21, mu gihe ibiganiro bikibandanya kugira ngo bagiriranire amasezerano y’igihe kirekire. (ESPN)

Umukinyi w’Ubufaransa akina hagati N'Golo Kante yarateye amero Barcelona na Al Nassr ariko uyu mukinyi w’imyaka 31 ashobora gutera igikumu ku masezerano mashasha na Chelsea. (Fabrizio Romano, iciye kuri CaughtOffside)

Juventus na Borussia Dortmund yinjiye mu rugamba rwo kurondera umunya-Espagne akina inyuma ku ruhande rw’iburyo Ivan Fresneda w’imyaka 18, inyuma y’aho Newcastle igiraniye umubonano wa mbere n’umurwi wiwe Real Valladolid. (Fabrizio Romano)

Umusatirizi wa Hollande Memphis Depay w’imyaka 28 azova muri Barcelona atakirinze gusabwa hakurondera ko yogurwa muri kuno kwa mbere. (Sport – mu ki espagnol)