Ayavugwa mu mupira w'amaguru ku w'Imana 09.10.2022

Ahavuye isanamu, Rex Features
Umukinyi w'imbere wa Portugal Cristiano Ronaldo w'imyaka 37 ashobora kuba yaronse akaberu ko kuva muri Manchester United yerekeza muri Inter Miami, mu mugwi w'uwaze ari rurangiranwa mu mupira w'amaguru David Beckham. (Sun)
Umunyegoli wa Nice, umunye Danmark Kasper Schmeichel w'imyaka 35 arashobora kwimuka kandi mu kwezi kwa mbere, inyuma y'amezi atandatu gusa avuye mu mugwi wa Leicester. (L'Equipe via Leicester Mercury)
Umugwi wa Barcelone uriko urarondera umukinyi w'inyuma mu buryo Diogo Dalot wa Manchester United, vyitezwe ko amasezerano y'uwo mukinyi wo muri Portugal w'imyaka 23 arangirana n'uyu mwaka. (Sport)
Leeds United bumvikanye na Cody Gakpo, ubu bariko bararaba ingene uwo mukinyi wo muri Hollande w'imyaka 23 yokwimukira mu mugwi wa PSV Eindhoven . (Mirror)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Southampton bariko bararondera umukinyi wa Celtic, umunye Portugal Filipe Jota w'imyaka 23.(Football Insider)
Liverpool bari mu barondera kugura umukinyi wo hagati wa Mali, Yves Bissouma w'imyaka 26 mu ci, imbere y'uko uwo mukinyi aja muri Tottenham Hotspur avuye muri Brighton. (The Athletic).
Paris St-Germain ishaka kugarukana muri uwo mugwi Adrien Rabiot w'imyaka 27, ubu amasezerano yiwe afitaniye na Juventus yimirije kurangira mu ci riza. (Fichajes)
Arsenal yananiwe kuzana umukinyi wa Juventus, Manuel Locatelli w'imyaka 24, inyuma y'aho uwo mukinyi wo hagati afatiye ingingo yo kuguma i Turin. (Football London)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United itegekanya kubonana n'abakurikirana inyungu za Alejandro Garnacho kugira bumvikane ku masezerano mashasha y'uwo mukinyi wo muri Argentine w'imyaka 18. (AS via Sport Witness)
Umukinyi w'imbere wa Roma, umwongereza Tammy Abraham w'imyaka 25 yarahiye ararengwa gusubira mu mugwi yarerewemwo wa Chelsea mu misi iri imbere. (90 Min)










