Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Miss Universe: Abakobwa baserukira Afrika bazazaniwe mu gihe Amerika yakajije ingingo zo gutanga viza
- Umwanditsi, Ondiro Oganga
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Roseanna Hall, umukobwa aserukira Zimbabwe mw'ihiganwa Miss Universe, hamwe n'abandi baserukira ibihugu bimwe bimwe vya Afrika, boshobora kutitaba ihiganwa ry'uyu mwaka rizobera muri Puerto Rico, mu gihe bariko bararwana, mu buryo butoroshe, no kurondera impusha zo kwinjira muri Amerika.
Hall ategekanya guhagararira Zimbabwe muri iryo higanwa Miss Universe rizoba ribaye ku ncuro ya 75, aho uwuzotsinda azokwambikwa urugori ku wa 24 Munyonyo (11). Ariko, ntararonka uruhusha rwo kuja muri Puerto Rico, akarere gakukira Amerika.
Mu butumwa yacishije kuri konte yiwe ya instagram, yagize ati: "Tumaze imisi tugenda tugaruka, tugerageza kuronka uruhusha rwo kuja muri Amerika rwemewe."
Hall si we wenyene mu bahiganwa b'Abanyafrika bakozweko n'ingingo yo kugabanya abarekuriwe kwinjira muri Amerika. Igihugu ca Zambia carakuye muri iryo higanwa uwari kugiserukira, Pamela Mubanga, kubera ingingo Amerika yafashe zitorohereza ingenzi ziva mu bihugu bimwe bimwe kwinjira ku butaka bwayo.
Abahiganwa batanguye gushika muri Puerto Rico kuva ku wa 8 Munyonyo (11), kugira biyandikishe, bapimwe impuzu bazokwambara hamwe n'ibindi bikorwa bitegurwa imbere y'uko ihiganwa ritangura. Ivyo vyatumye Hall n'abandi bahiganwa, harimwo abaserukira Sudani y'Epfo, bihutira kurondera uruhusha rwo kwinjira muri Amerika, ariko ntivyaboroheye.
Hall yagize ati: "Nk'uko vyari bitegekanijwe, uno musi ni wo nari nkwiye gufatirako urugendo rwerekeza muri Puerto Rico, aho nari kwitaba ihiganwa rya Miss Universe rigiye kuba ku ncuro ya 75."
Zimbabwe kiri mu bihugu 19 vyafatiwe ingingo zo kutemererwa canke kugabanirizwa ingendo zerekeza muri Amerika, hakurikijwe itangazo rya Perezida Trump nomero 10998, ryatanguye gukurikizwa ku wa 1 Nzero (1) 2026.
Izo ngingo zahagaritse itangwa ry'impusha zo kuja muri Amerika ku banyagihugu b'ivyo bihugu, baba abaja mu bukerarugendo canke mu ngendo z'ubudandaji, abanyeshure, abaja mu bikorwa vyo gusabikanya ubumenyi n'imico kama, hamwe n'abaja kuba muri Amerika. Harashizweho n'izindi nzitizi ku zindi mpusha zo kwinjira muri Amerika zitangwa ku bantu batagiye kuhaba.
Mw'itangazo, ishirahamwe ritegura ihiganwa Miss Universe muri Zambia ryavuze ko ingorane Mubanga afise zatewe n'izo ngingo za Amerika, rishimangira ko atari ingorane ziwe bwite.
Iryo tangazo ryagize riti: "Bitandukanye n'igihe umwigeme ahiganwa yimwe uruhusha rwo kuja muri Amerika kubera ingorane ziwe bwite, impapuro adafise canke ingorane zijanye n'ishirahamwe rimurungitse, ikibazo ca Mubanga gifitaniye isano n'ingingo Perezida wa Amerika yafashe zo kubuza ingendo ziva muri Zambia no mu bindi bihugu vya Afrika."
Mubanga, afise imyaka 25 kandi akaba ari umuforomakazi, yatsindiye ikibanza co guhagararira Zambia muri Miss Universe ku wa 8 Gitugutu (10). Ni we vyitezwe ko azohagararira ico gihugu muri iryo higanwa mpuzamakungu.
Iryo tangazo ryavuze ko hari ibindi bihugu bitanu vyo muri Afrika vyahuye n'ingorane nk'izo, ariko ntiryabitomoye amazina.
Hall yavuze ko na we yumva ingorane abo bandi bahiganwa barimwo, yongerako ko yari amaze amayinga atari make ari muri Afrika y'Epfo, agerageza kuronka uruhusha rwo kuja muri Amerika.
Ati: "Si jewe gusa mfise iyi ngorane. Hari abandi bagenzanje bo muri Afrika bahuye n'ingorane nk'izi, kandi ndazi neza ivyo bariko baracamwo."
Uwuserukira Sudani y'Epfo muri Miss Universe na we nyene yagaragaje ko atazi neza nimba azoshobora kwitaba ihiganwa. Mu kwishura kuri videwo ya Hall, yanditse ati: "Miss Universe, amahirwe yo gushika muri Puerto Rico ni 50 kuri 50."
Mu yindi videwo yari yashize ku rubuga rwiwe hasigaye imisi itatu, Hall yavuze ko yari agifise icizere c'uko azoshobora gushika muri Puerto Rico.
Yanditse ayiherekeza ati: "Urugamba rwo gushikana Zimbabwe muri Puerto Rico rurabandanya."
Igice ca nyuma c'iryo higanwa gitegekanijwe kubera ku kibuga c'inkino ca José Miguel Agrelot Coliseum, mu gisagara ca San Juan.