Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israel yirahiye iyindi ntwazangabo ya Hamas mu gitero kw'ikambi muri Gaza, nk'uko abategetsi babivuga
- Umwanditsi, Rushdi Abualouf
- Igikorwa, Umunyamakuru muri Gaza
- Umwanditsi, Ella Kipling
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Intwazangabo nkuru y'umuhari Hamas yafashije mu gutegura akanayobora igitero co ku wa 7 Gitugutu (10) 2023 muri Israel, yishwe mu gitero co mu kirere ca Israel, nk'uko abategetsi ba Israel nna Gaza babivuga.
Samir Abu Younis, yari aherutse kugenwa nk'umukuru wa Birigade (Brigade) ya Rafah, yiciwe ahitwa Al-Mawasi mu bumanuko bw'akarere ka Gaza ejo ku wa gatandatu, nk'uko bitangazwa n'ishami rya gisirikare rya Hamas, Brigades Al-Qassam.
Umutegetsi wa Hamas muri ako karere yemeje urupfu rwa Younis, igisirikare ca Israel na co kikaba cavuze ko ari we ico gitero cari kigambiriye neza neza, kandi ko imbere yaco hari "hafashwe ingingo zo kugabanya ingaruka ku basivire".
Ababibonye muri Gaza bavuga ko ibisasu bine vya misire vyarashwe kw'ihema ryo mw'ikambi ya Al-Waha ihaye indaro amajana n'amajana y'abateshejwe izabo muri Al-Mawasi, bituma haduka umuriro.
Isoko ryo mu bitaro vya Nasser biri mu gisagara ca Khan Younis rivuga ko ibi bitaro vyakiriye abantu batatu bakomeretse, hamwe n'ikiziga kimwe.
Mw'itangazo ryacishijwe ku rubuga rwa Telegram, Ingabo za Israel (IDF) hamwe n'urwego rw'umutekano rw'ico gihugu (ISA) bemeje ko bishe Younis.
Bavuga ko yari "umwe mu bantu bakomeye cane mu ndongozi za Hamas", kandi ko yari afise "intego yo kugerageza gusubiza inguvu Brigade ya Rafah hamwe n'umurwi w'iterabwoba wa Hamas".
Iri tangazo ryongerako riti: "Younis yarahaye amategeko abarwanyi ba Brigade yo gukora no kwongereza ibitero vy'iterabwoba ku basivire n'abasirikare ba Israel."
Ku ruhande rwayo, Brigades Al-Qassam yanditse kuri Telegram ko Younis "yagize uruhara mu bikorwa vyinshi vyo ku rwego rwo hejuru, anatesha ibitero vy'umwansi", kandi ko yari "umwe mu ntwazangabo nkuru nkuru zagize uruhara mu gutegura no kuyobora igitero co ku wa 7 Gitugutu".
Iri shami rya gisirikare rya Hamas rivuga ko urupfu rwiwe ari "ubwicanyi bw'ububisha".
Younis w'imyaka 53 yari yatanguye amabanga yiwe ku wa 15 Nyakanga (9) 2025, inyuma y'urupfu rw'uwari arongoye Birigade ya Rafah, Nael Abu Obeid.
Yinjiye muri iri shami rya gisirikare rya Hamas mu 1991, arangura amabanga atandukanye yo ku rwego rwo hejuru imbere y'uko agenwa nk'umukuru w'iyo birigade. Hamas yavuze ko ibikorwa vyo kumushingura biza kuba kuri uno wa Mungu mu gisagara ca Khan Younis.
Igitero ca Hamas mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu 2023, cahitanye abantu bashika ku 1.200 abandi 251 bagafatwa bugwati, ni co ntandaro y'intambara y'ubu bwa vuba muri Gaza.
Kuva ico gihe, abantu barenga 74.650 baramaze kwicwa muri ako karere kegukira ubutegetsi bwa Palestina, nk'uko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Gaza bubivuga.
Nubwo muri Gituguru 2025 habaye amasezerano yo guhagarika intambara, Israel irabandanya rimwe na rimwe n'ibitero ivuga ko bikorwa ku barwanyi ba Hamas bagisigaye, ikavuga ko ifise uburenganzira bwo kubarasa hisunzwe ibiri muri ayo masezerano.