Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Ronaldo, Griezmann, Kounde, Kimpembe, Kane, Neymar, Lukaku

Ahavuye isanamu, Getty Images
Atletico Madrid yongereje akariro mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Manchester United umunya-Portugal Cristiano Ronaldo w’imyaka 37, mu gushira kw’isoko umusatirizi w’umufaransa Antoine Griezmann w’imyaka 31. (Times)
United izokwemera gutiza Ronaldo muri rino ci igihe cose azoba yemera ingingo yo gushobora kwongerako uwundi mwaka mu masezerano yiwe kugira ngo ashobore kugaruka i Old Trafford mu mwaka w’inkino ukurikira. (Mirror)
Barcelona irizeye gutsinda Chelsea mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma w’umufaransa Jules Kounde w‘imyaka 23 ku miriyoni 65 z’ama-euro arihwa bukebuke, mu kwemerera Sevilla ko ishobora kuba irayihaye makeya. (Sport - mu espangol).
Chelsea izoca ivuvudikira umukinyi w’inyuma wa Paris St-Germain umufaransa Presnel Kimpembe w’imyaka 26, mu gihe Barcelona yoyitwara Kounde. (Express)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bayern Munich yatanguye kuvugana n’abaserukizi b’umusatirizi wa Tottenham umwongereza Harry Kane w’imyaka 28, ni mu gihe ivyo kwimukira muri uno murwi watahukanye ihiganwa ry’Ubudagi mu ci riza bikaba bitamugwa nabi. (Bild – mu kidagi)
Umukinyi wo ku ruhande wa Brezili Neymar arahakana amakuru avuga ko ashobora kuva muri Paris St-Germain muri rino ci, mu gihe Chelsea na Manchester City ivugwa ko irondera uyu mukinyi w’imyaka 30. (Mail)
Manchester United ifise amahirwe menshi yo kuronka umukinyi w’inyuma wo ku ruhande rw’iburyo wa Inter Milan umunya-Hollande Denzel Dumfries w’imyaka 26. (Calciomercato – mu gitaliyano)
Chelsea yageze ku masezerano yemerera Inter Milan kugumana umusatirizi w’umubirigi Romelu Lukaku w’imyaka 29 mu kindi kiringo c’uwundi mwaka mu gihe umwaka wa mbere w’intizo muri uyo murwi wa Serie A uzoba urangiye. (Mail),
Newcastle iripfuza cane umukinyi wo ku ruhande wa Leicester umwongereza Harvey Barnes w’imyaka 24 ariko aba ba Foxes bamushakako imiriyoni 54 z’amapawundi. (Sun)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yanse ivyo kugura abandi bakinyi kiretse bishitse hakaba imvune mu bakinyi biwe canke uyu murwi ukagurisha abakinyi usanzwe ufise. (Sky Sports)
Nice yegereye umunyegori wa Leicester umunya-Danemark Kasper Schmeichel w’imyaka 35 inyuma y’aho inaniriwe no kugura Yann Sommer akinira Borussia Monchengladbach. (L'Equipe – mu gifaransa)
Brighton ntirota iva ku giciro c’imiriyoni zirenga 50 z’amapawundi ku mukinyi wayo w’inyuma ku ruhande rw’ibubamfu, umunya-Espagne Marc Cucurella inyuma yo kwanka amafaranga “y’agashinyaguro” y’imiriyoni 30 z’amapawundi atangwa na Manchester City. (Athletic)
Brighton ishobora guca irondera umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’ibubamfu wa Manchester United Brandon Williams w’imyaka 21, ku giciro c’imiriyoni 15 z’amapawundi mu gihe Cucurella yoramuka agiye muri rino ci. (Mirror)
Timo Werner asa n’uwushobora kuva muri Chelsea muri rino ci kubera uyu musatirizi w’imyaka 26 ashaka guhabwa umwanya ukwiye wo gukina kugira ngo ashobore kurondera ikibanza mu murwi nserukiragihugu w’Ubudagi mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose. (Sky Sports – mu kidagi)
Everton iriteguye kugurisha umukinyi wayo wo hagati umwongereza Dele Alli w’imyaka 26, inyuma y’amezi atandatu gusa imuguriye Tottenham. (Sun)
Roma yongereje akariro mu kurondera umukinyi w’inyuma wa Manchester United umunya- Côte d'Ivoire Eric Bailly w’imyaka 28. (Mirror)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Arsenal iri mu biganiro vyo kurondera gutiza Atalanta umukinyi w’inyuma wa Portugal Nuno Tavares, inyuma y’aho uyu mukinyi w’imyaka 22 yerekaniye ko ashaka kuva muri Emirates. (Fabrizio Romano)
Newcastle iriko irakurikirana ingene ivy’umukinyi wo ku ruhande wa Rennes umunya-Ghana Kamaldeen Sulemana bigenda, akaba ari ku giciro c’imiriyoni zababa 30 z’amapawundi kandi yipfuzwa na Bayer Leverkusen na Ajax. (Mail)
West Ham iri mu biganiro na Napoli kugira irabe ko yoronka umukinyi wo hagati wa Pologne Piotr Zielinski w’imyaka 28. (Tuttomercato – mu gitaliyano).










