Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Kane, Ronaldo, De Jong, De Ligt, Kounde, Depay

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Bayern Munich Oliver Kahn yashimagije umukinyi w’Ubwongereza na Tottenham, Harry Kane w’imyaka 28, nk’ "umusatirizi wo ku rwego rwo hejuru " n’"indoto ya kazoza", ni inyuma y’aho uyu murwi wemereye kugurisha Robert Lewandowski w’imyaka 33 muri Barcelona. (Bild giciye kuri Star)
Lewandowski yabonanye n’abakinyi bagenziwe bashasha muri Barcelona ku mweha wa Florida inyuma y’aho ibipimo vyo kwa muganga birangiriye maze bikamuha akaryo ko gutera igikumu ku masezerano y’imiriyoni 42,7 z’amapawundi avuye muri Bayern Munich. (Mail)
Barcelona irashaka kugura umufaransa akina inyuma muri Sevilla Jules Kounde w’imyaka 23, asanzwe kandi aronderwa na Chelsea, inyuma y’aho uyu murwi wa La Liga ushikiye ku masezerano n’umusatirizi wa Pologne Lewandowski. (Marca)
Hagati aho, nk’uko amakuru ava ahandi abivuga, Chelsea "iracari imbere" mu rugamba rwo kurondera uyu yahoze akina inyuma muri Bordeaux, Kounde, mu gihe Barcelona iriko itegura kwegera aba ba Blues irondera abakinyi babiri b’inyuma ba Espagne Marcos Alonso w’imyaka 31, hamwe na Cesar Azpilicueta w’imyaka 32. (Mirror)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi mpuzamakungu wa Hollande Frenkie de Jong ntashaka kwimukira muri Manchester United canke mu murwi uwo ari wo wose wo mu Bwongereza, ahubwo uyu mukinyi wo hagati wa Barcelona w’imyaka 25 yoba ashaka kwimukira mu murwi wa Bayern Munich watahukanye ihiganwa ry’Ubudagi, Bundesliga, mu mwaka w’inkino uheze. (Sport – mu ki Espagnol)
Bayern Munich yemeye gutanga ikindi gifovya c’amafaranga angana n’imiriyoni 59.5 z’amapawundi, no kwongerako uturusho tw’imiriyoni 8.5 z’amapawundi, ku mukinyi w’inyuma wa Juventus umunya-Hollande Matthijs de Ligt w’imyaka 22, ni mu gihe ibiganiro hagati y’iyi mirwi yompi bigeze ku musozo. (Goal)
Tottenham iriteguye gutanga imiriyoni 17 z’ama euros ku musatirizi wa Barcelona umunya-Hollande Memphis Depay w’imyaka 28, ariko uyu murwi wa Espagne wowo umushakako imiriyoni 20 z’ama-euro, kandi na we nyene ntarashaka kuva muri Camp Nou. (Sport – mu ki Espagnol)
Abarongoye Barcelona bagiriraniye ibiganiro na Depay kugira bumve nimba uyu mukinyi yahoze akinira Manchester United yipfuza kugenda canke kuguma mu murwi. (Fabrizio Romano)

Ahavuye isanamu, Barcelona FC
Manchester City yongereje akariro mu rugamba rwo kurondera umukinyi wa Espagne Marc Cucurella w’imyaka 23 akina inyuma ku ruhande rw’ibubamfu muri Brighton mu kurondera gusubiriza umunya-Ukraine Oleksandr Zinchenko w’imyaka 25 asanzwe ariko araronderwa na Arsenal. (Sun)
Cristiano Ronaldo w’imyaka 37 aramirira kure ibihuha bivuga ko ashobora gutizwa mu murwi wa Sporting Lisbon yahoze akinamwo. Uyu kizigenza w’umurwi nserukiragihugu wa Portugal yanditse ngo “Fake” mu kwishura inkuru yacishijwe kuri Instagram y’imboneshakure Sport TV Portugal yerekana uyu musatirizi wa Manchester United yashize imodoka yiwe ku kibuga ca Sporting. (Sun)
Umusatirizi wa Chelsea umunya-Albania Armando Broja agiye gutizwa muri West Ham mu mwaka umwe w’inkino. Aba ba Hammers bari bashatse kugura burundu uyu mukinyi w’imyaka 20 ariko aba Blues ntibashaka kumugurisha inyuma y’umwaka w’inkino wari uheze akinira Southampton yari yatijijwemwo. (Mail)
Umwongereza akina inyuma Levi Colwill w’imyaka 19 ashobora kuraba ko yosezera mu murwi wiwe wa Chelsea mu gihe uyu murwi wa Stamford Bridge wogura abandi bakinyi b’inyuma muri rino ci. (Athletic)










