MSF ivuga ko abakozi bayo babiri bishwe mu gitero ca Israel kw'ivuriro muri Gaza

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, James Chater
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Abakozi babiri b'ikigo citaho amagara y'abantu gikukira Ishirahamwe ry'Abaganga Batagira Imbibe 'Médecins Sans Frontières' (MSF) biciwe mu gitero Israel yagavye kuri Gaza, nk'uko iryo shirahamwe ribivuga.
MSF yavuze ko ico gitero catumberejwe neza na neza kuri rimwe mu mavuriro yayo, kandi ko igisirikare ca Israel cari gisanzwe kizi aho riherereye.
Mw'itangazo, igisirikare ca Israel (IDF) cavuze ko abo bantu babiri bari abarwanyi ba Hamas, "bakora akazi ko gucungera umutekano kw'ivuriro rya MSF". IDF yongeyeko ko ico gitero "kitari kigamije ibitaro" kandi ko kitigeze conona ibikoresho canke inyubakwa zikoreshwa mu buvuzi.
Umukuru w'Ishirahamwe Mpuzamakungu ry'Amagara y'Abantu (OMS/WHO) yavuze ko ibitero bigabwa ku bitaro n'amavuriro canke ku bakozi bo kwa Muganga muri Gaza "bibabaje" kandi "bidakwiye kwihanganirwa".
Mu butumwa yashize kuri X, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus yanditse ati: "Abashira ubuzima bwabo mu kaga kugira ngo bakize abandi bakwiye gukingirwa, aho guterwa."
Mw'itangazo ryayo, MSF nayo yavuze ko abo bakozi babiri bishwe bari abacungera umutekano. Yongeyeko ko ico gitero catumye igitigiri c'abakozi bayo biciwe muri Gaza kigera kuri 17.
Iryo shirahamwe ryavuze ko "ryababaye cane" ryongera "riratuntura", ryongerako riti: "Inyubakwa zacu zari zifise ibimenyetso bigaragara neza vya MSF, kandi aho ziherereye twari twarahamenyesheje igisirikare ca Israel. Cari kihazi."
Mu butumwa bwaco kuri X, igisirikare ca Israel cavuze ko abo bagabo babiri cise Ahmed Sufyan Muhammad Ali Abu Hasira na Moaz Yousef Alitsbach, bari "ivyihebe biri mw'ishami rya gisirikare rya Hamas".
End of podcast promotion
Igisirikare ca Israel congeyeko ko ivyo ari akandi karorero kerekana ukuntu Hamas "yinyegeza mu mashirahamwe mpuzamakungu".
Cashimangiye ko imbere y'ico gitero, "hafashwe ingingo zibereye zo kwiyubara kugira ngo hagabanuke ingaruka ku basivire". Congeyeko ko abo bagabo bari "bamaze gutegura imigambi yo kugaba ibitero ku basivire n'abasirikare ba Israel".
Intureka zarabandanije muri Gaza kuva Israel na Hamas bemeye guhagarika intambara, biciye mu mugambi w'amahoro wari uhagarariwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, muri Gitugutu (10) umwaka uheze. Ibitero vya Israel bigabwa hafi imisi yose mu duce tugenzurwa na Hamas, turimwo abantu miliyoni 2,1, benshi muri bo bakaba baravuye mu zabo.
Nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara muri Gaza, bugenzurwa na Hamas, nibura abantu 1.705 ni bo bamaze kwicwa muri ako karere mu mezi 13 aheze. ONU ifata ivyo bitigiri nk'ivyo kwizera.
Ibikorwa vy'ubutabazi na vyo biracari mu bihe bibi cane. Imvura nyinshi yaguye mu ntango z'uku kwezi yateye imyuzure, yongera yonona amahema n'utuzu tw'impunzi ibihumbi n'ibihumbi.
ONU n'abafatanyabikorwa bayo basavye Israel, igenzura aho abantu binjirira n'aho basohokera muri Gaza, kwemerera kwinjiza ibindi bikoresho vyofasha Abanyapalestina kwitegurira igihe c'imbeho. Ivyo birimwo amahema, ibikoresho vyo kwiyunguruza, amapompo y'amazi, hamwe n'incanco n'imiti.
Intambara yo muri Gaza yatanguye inyuma y'igitero cagabwe na Hamas ku bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu 2023. Ico gihe abantu bababa 1.200 barishwe, abandi 251 na bo bagirwa imbohe na Hamas.
Kuva ico gihe, abantu barenga 74.770 baramaze kwicwa mu bitero vya Israel muri Gaza, nk'uko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bubivuga.














