Kenya: Umukuru w'urushengero rwizera ko umuhero w'isi wegereje yagiriwe n'impfu z'abandi bantu 123

Paul Mackenzie, mw'ishati yera, yicaye mu cumba ca sentare cuzuyemwo abantu, mu gihe urubanza rwiwe rugira rutangure.
Insiguro y'isanamu, Uwo yiyita Pasitori yafashwe mu 2023 inyuma y'uko hatowe ibiziga birenga 400 vyari vyahambwe mu mva zimbwe nabi kandi zitagera kure
    • Umwanditsi, Patrick Jackson
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Sentare y'i Mombasa, muri Kenya, yakubise intahe mu gahanga Paul Mackenzie, umukuru w'urushengero rw'abizera ko isi igiye kurangira, ku caha co kwica abayoboke biwe 123 atabigambiriye.

Paul Mackenzie yagiriwe n'icaha co gutegeka abayoboke biwe, bose bakuze, kwisonzesha gushika bapfuye, ivyabereye mw'ishamba rya Shakahola, riri hafi y'inkengera z'ikiyaga, hagati ya Nzero (1) 2021 na Nyakanga (9) 2023.

Mu ntango z'uku kwezi, Mackenzie yari yakatiwe gupfungwa imyaka 200, yagirizwa kwica abantu 191, hafi nka bose bakaba bari abana, mu bwicanyi nk'ubwo nyene bw'ikivunga.

Mackenzie yari yahakanye ivyo yagirizwa ko yishe abantu atabigambiriye. Umwe mu bamwunganira yavuze ko azokwunguruza urubanza, nk'uko bimenyeshwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Kugabisha: Iyi nkuru irimwo ibishobora kubabaza canke guhungabanya bamwe mu bayisoma.

Sentare yakubise intahe mu gahanga abandi bantu 29, harimwo umugore wa Mackenzie, Rhoda Mumbua Maweu, ku ruhara bagize mu mpfu zatewe no gusaba abantu kwisonzesha gushika bapfuye.

Mu bakurikiranwa, 60 barejejwe baca bararekurwa. Uwuserukira ubushikirizamanza yavuze ko bagiye kwunguruza kuri iyo ngingo ya sentare yo kubarekura.

Uwo yiyita umukozi w'Imana yafashwe mu 2023, inyuma y'uko hatowe ibiziga vy'abantu birenga 400 mu mva zari zimbwe mu buryo budashemeye kandi zigera hafi, mw'ishamba rya Shakahola, hafi y'inkengera z'ibahari Indiyano.

Skip podcast promotion and continue reading
BBC Gahuza WhatsApp
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Sentare yasanze Mackenzie "yagumye yumvisha abayoboke biwe ko bokwisonzesha gushika bapfuye", nk'uko vyashikirijwe n'Ibiro vy'Ubushikirizamanza ku wa gatanu, aho vyashimangiye ko iri ari "ikubitwa ry'intahe mu gahanga ryiwe rya nyuma" mu manza akurikiranwamwo.

Ivyo biro vyavuze biti: "Abana ni bo bategerezwa kubanza gupfa, bagakurikirwa n'abagore, hanyuma abagabo, Mackenzie na we akaba yari kuzopfa inyuma ya bose."

Ubushikirizamanza bwavuze ko Mackenzie n'abo bakorana bari bafadikanije mu mugambi wo kwiyahura, biciye mu kwisonzesha gushika bapfuye, kugira ngo "bahure na Yezu".

Ababibonye bariko barasura imbere ya sentare, bavuze ko Mackenzie yigisha ko amashure, imiti, n'ibisharizo vyo ku mubiri ari ivyaha.

Nk'uko vyavuzwe mu ngingo y'urubanza rwiwe aho yagirizwa kwica abantu 191, abatemera izo nyigisho ziwe barakubitwa gushika bapfuye.

Abakurikiranwa bavuze ko abo bantu bapfuye bari bisonzesheje ku bushake bwabo.

Mu ntango z'iyi ndwi, Mackenzie kandi yakubiswe intahe mu gahanga kuri ibi:

• Gukubita no gukomeretsa ku mubiri, hamwe n'ibindi vyaha bitanu vyo gufata nabi umwana,

• Kwifatanya n'ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi vyateguwe,

• Kugira abantu intagondwa,

• Gufasha mu gutegura canke gushigikira igikorwa c'iterabwoba,

• Gutunga ikintu gifitaniye isano n'icaha, hisunzwe Itegeko rya Kenya ryo mu 2012 rirwanya iterabwoba.

Mackenzie yashinze ishengero ryitwa Good News International Ministries mu 2003. Mu myaka 16 yakurikiye, ryarushirije kumenyekana no gukundwa, rikwegera abayoboke ibihumbi mu mashami yaryo yari hirya no hino muri Kenya.

Imboneshakure Times TV yarashikiriza inyigisho ziwe, zatangirwa mw'ishengero ryiwe riri mu gisagara ca Malindi.

Mu nyigisho ziwe zijanye n'"umuhero w'isi", Mackenzie yavuga ko amashure ari "ikintu kibi", ko kwivuza "binyuranye n'inyigisho z'idini", hamwe n'uko ikarata ndangamuntu z'ubuhinga bwa none ari "ikimenyetso ca shetani".

Inyuma y'uko ishengero rikuru ryugawe mu 2019, Mackenzie yimukiye mw'ishamba rya Shakahola, aho yahimiriza abayoboke biwe kumukurikira.

Baba mu tuzu tw'ivyondo dukwiragiye muri iryo shamba.

Peter Shukrani, umwe mu barokotse, yagize ati: "Twabaho ubuzima busanzwe kandi butekanye, tukamara imisi mikeyi twisonzesheje, hanyuma tugafungura utwo kurya dukeya."

Ifoto yegereye y’umugabo w’ubuhanza, yambaye T-shirt, ariko araba hasi.
Insiguro y'isanamu, Stephen Mwiti, yabuze abana biwe batandatu kubera izo nyigisho, yarashimye ingingo ya sentare yo gukubita Mackenzie intahe mu gahanga ku caha co kwica, mu kwezi guheze

Igihe hatorwa imva bahambwemwo, abagabo bo muri ako karere ni bo bahawe akazi ko kuzura no gukurayo ibiziga vy'abo bantu, igikorwa cari giteye ubwoba.

James, umwe mu babakuyeyo yabwiye BBC ati: "Imva yose twatora, wasanga irimwo ibiziga vy'abantu n'imiburiburi bitatu. Bimwe muri vyo vyari ivy'abana bari bamaze indwi nkeya gusa bavutse."

Yongeyeko ati: "Hari igihe twigeze gutora ibiziga vy'abana 12 biri ku murongo mu mva imwe. Iyo mva yari nini cane, ibiziga vyari bigerekeranye nk'impuzu zizinze, kimwe hejuru y'ikindi."

Abafurura izo mva bavuga ko hari ibiziga vy'abana wasanga "amaboko n'amaguru aboshe, imibiri yabo na yo itekewe mu mashuka".

Ivyegeranyo vy'amasuzuma yakorewe ibiziga inyuma y'urupfu vyerekanye ko benshi mu bapfuye bahitanywe n'inzara. Ibiziga vya bamwe vyari vyarasangutse hasigaye amagufa gusa, ku buryo bitashobotse ko hamenyekana icatumye bapfa.

Stephen Mwiti, afise imyaka 48, yavuze ko yatakaje abana biwe bose uko ari batandatu kubera iryo shengero. Uwahoze ari umugore wiwe ni umwe mu bagiriwe n'icaha co kwica abantu, hamwe na Mackenzie.

Mu kwezi guheze, Mwiti, ari hanze ya sentare, yabwiye BBC ati: "Ndanezerewe no kubona bose bakubiswe intahe mu gahanga."

Yongeyeko ati: "Abana banje bose uko ari batandatu bapfiriye mw'ishamba rya Shakahola. Umwana umwe gusa, Samuel, ni we natoye ibisigarira vy'umubiri wiwe, ndabihamba."

Impfu z'abo bantu zashize ahabona ukuntu ibikorwa vy'amadini yataye umurongo bitagenzurwa neza, n'ukuntu bishobora kubandanya bikamara igihe kirekire ata nkomanzi.

Uburemere bw'uru rubanza bwatumye Perezida William Ruto ashinga umurwi ujejwe gutohoza ivyabaye, n'ubwo mu nyuma wahavuye utangazwa ko ishirwaho ryawo ritisunze ibwirizwa nshingiro.